Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 65: Ubwami Bucibwamwo Kubiri

Inkuru ya 65: Ubwami Bucibwamwo Kubiri

URAZI igituma uwo muntu ariko aratabura iyo mpuzu? Yehova ni we yabimubwiye. Yitwa Ahiya, umumenyesha kazoza. Umumenyesha kazoza urazi uko ameze? Ni umuntu Imana ibwira imbere y’igihe ibizoba munyuma.

Ahiya na Yerobowamu

Aha Ahiya yariko aravugana na Yerobowamu. Yerobowamu yari uwo Salomo yashinze akazi ko kwubakisha. Bāhuriye mu nzira, Ahiya akora igitangaza. Yiyambura impuzu nshasha yari yambaye, ayitaburamwo ibitambara 12, abwira Yerobowamu ati: ‘Twara 10.’ Urazi igituma yamuhaye ivyo bitambara 10?

Ahiya yavuze ko Yehova agiye kwaka Salomo ubwami, imiryango 10 ayihe Yerobowamu, ibiri gusa ibe ari yo Rehobowamu umuhungu wa Salomo asigara atwara.

Salomo avyumvise arashavura cane, ashaka kwica Yerobowamu, na we aca ahungira mu Misiri. Hashize imisi Salomo arapfa, amaze imyaka 40 atwara. Umuhungu wiwe Rehobowamu aba umwami. Yerobowamu iyo yari mu Misiri yumvise ko yapfuye, agaruka mu Bisirayeli.

Rehobowamu yari umwami mubi. Yarakarira abantu kurusha na se wiwe Salomo. Yerobowamu ajana n’abandi bantu bakuru, babwira umwami Rehobowamu ngo atware abantu neza. Aranka kwumva, mbere aca aba mubi kurusha uko yahora. Abantu baca bagira Yerobowamu umwami w’imiryango 10, ariko umuryango wa Benyamini n’uwa Yuda, umwami wabo aguma ari Rehobowamu.

Yerobowamu ntiyashaka ko abantu biwe baja i Yeruzalemu gusenga Yehova mu rusengero. Aca ahingura inyana zibiri z’inzahabu, abwira ya miryango 10 kuzisenga, igihugu nticateba kwuzuramwo inkozi z’ikibi.

No muri ya miryango 2 na ho nyene amatati aravyuka. Imyaka itarenga 5 iheze Rehobowamu ari ku ngoma, umwami w’i Misiri aja gutera i Yeruzalemu, atwara ibintu vyinshi vya Yehova vyari mu rusengero. Urusengero rero rwamaze igihe gito rukimeze nk’uko rwubatswe.

1 Abami 11:26-43; 12:1-33; 14:21-31.



Ibibazo

  • Abo bantu babiri ubona kuri iyo shusho ni ba nde, kandi bariko bakora iki?
  • Ahiya impuzu yambaye azikorera iki, kandi ico kintu akoze gisobanura iki?
  • Salomo ashaka kugira gute Yerobowamu?
  • Ni kubera iki abantu bagira Yerobowamu umwami wa ya miryango cumi?
  • Ni kubera iki Yerobowamu ahingura inyana zibiri z’inzahabu, kandi budakeye na kabiri bigenda gute muri ico gihugu?
  • Ni ibiki bishikira bwa bwami bugizwe n’imiryango ibiri be na rwa rusengero rwa Yehova rw’i Yeruzalemu?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 1 Abami 11:26-43.

    Yerobowamu yari umuntu ameze gute, kandi Yehova yamusezeraniye iki aramutse yumviye amabwirizwa y’Imana (1 Abm. 11:28, 38)?

  • Soma 1 Abami 12:1-33.

    Abavyeyi n’abakurambere bafatiye ku karorero kabi ka Rehobowamu, bohakura icigwa ikihe ku bijanye no gukoresha nabi ubukuru (1 Abm. 12:13; Umus. 7:7; 1 Pet. 5:2, 3)?

    Abakiri bato muri iki gihe bakwiye kuronderera uburongozi bwo kwizigirwa kuri bande igihe barondera gufata ingingo zihambaye mu buzima (1 Abm. 12:6, 7; Imig. 1:8, 9; 2 Tim. 3:16, 17; Heb. 13:7)?

    Ni igiki catumye Yerobowamu ashiraho ahantu habiri ho gusengera imasa, kandi ivyo vyerekanye gute yuko atizera Yehova na gato (1 Abm. 11:37; 12:26-28)?

    Ni nde yagiye imbere abantu bo muri bwa bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi mu kugarariza ugusenga kw’ukuri (1 Abm. 12:32, 33)?