Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 62: Ingorane mu Ngoro Ibwami

Inkuru ya 62: Ingorane mu Ngoro Ibwami

DAWIDI amaze kuganza i Yeruzalemu, Yehova afasha ingabo ziwe zitsinda abansi kenshi. Yehova yari yaraganiye Abisirayeli ko azobaha igihugu c’i Kanani, arabafasha baracigarurira cose.

Dawidi yari umwami mwiza akunda Yehova. Ica mbere yagize amaze gufata Yeruzalemu, yahazanye isandugu y’isezerano. Yashaka kwubaka urusengero rwo kuyishiramwo.

Amaze gusāza agira ikosa ribi. Dawidi yari azi ko ari bibi gutwara ikintu c’uwundi. Umusi umwe ku kagoroba ari hejuru ku ngoro yiwe, arāba hasi abona umugore w’indanga rwose yitwa Batisheba. Umugabo wiwe yītwa Uriya, yari mu ngabo za Dawidi.

Dawidi yumva arashatse cane Batisheba, amutumako ngo aze mu ngoro. Umugabo wiwe yari yagiye mu ndwano. Dawidi aryamana na we aca asama inda. Dawidi ahagarika umutima, atuma intumwa kwa Yowabu intwazangabo, ngo ashire Uriya imbere mu rugamba bamwice. Uriya amaze gupfa, Dawidi aca yabīra Batisheba.

Yehova aramushavurira cane, atuma umusavyi wiwe Natani kumubwira ivyaha vyiwe. Rāba ngaha Natani ariko avugana na Dawidi. Dawidi vyaramubabaje cane, ni co gituma Yehova atamwishe. Yehova ati: ‘Ko wakoze ivyo, hazoba ingorane nyinshi mu rugo rwawe.’ Na zo zaramushikiye!

Natani ariko ahanura Dawidi

Ubwa mbere umwana wa Batisheba arapfa. Hanyuma Amunoni imfura yiwe, afata Tamari mushikiwe ari wenyene, bararyamana ku nguvu. Abusalomu umuhungu wiwe biramubabaza cane, aca yica Amunoni. Munyuma, Abusalomu yakundwa cane n’abantu yigira umwami. Dawidi aramurwanya aramutsinda, baca baramwica. Egome, ingorane zaramushikiye.

Ico gihe Batisheba yari yavyaye umwana yitwa Salomo. Dawidi amaze gusāza kandi arwaye, umuhungu wiwe Adoniya ashaka kwigira umwami. Dawidi aca abwira umuherezi Zadoki ngo asuke amavuta ku mutwe wa Salomo, yerekane ko ari we azoba umwami. Dawidi aca arapfa, amaze imyaka 70. Yamaze imyaka 40 atwara, Salomo aca aba umwami w’Abisirayeli.

2 Samweli 11:1-27; 12:1-18; 1 Abami 1:1-48.



Ibibazo

  • Biciye ku gufashwa na Yehova, ni ibiki amaherezo bishikira igihugu c’i Kanani?
  • Ni ibiki bishika umusi umwe ku kagoroba Dawidi ari hejuru ku ngoro yiwe?
  • Ni kubera iki Yehova ashavurira cane Dawidi?
  • Uravye kuri iyo shusho, ni nde Yehova atuma kubwira Dawidi ivyaha vyiwe, kandi uwo muntu avuga ko Dawidi azoshikirwa n’iki?
  • Ni ingorane izihe zishikira Dawidi?
  • Inyuma ya Dawidi, ni nde aba umwami wa Isirayeli?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 2 Samweli 11:1-27.

    Kuguma dufise vyinshi dukora mu murimo wa Yehova biturinda gute?

    Vyagenze gute ngo Dawidi agwe mu caha, kandi ni imburizi nyabaki ivyo biha abasavyi ba Yehova muri iki gihe (2 Sam. 11:2; Mat. 5:27-29; 1 Kor. 10:12; Yak. 1:14, 15)?

  • Soma 2 Samweli 12:1-18.

    Ni icigwa ikihe abakurambere n’abavyeyi bokwigira ku kuntu Natani yavyifashemwo mu guhanura Dawidi (2 Sam. 12:1-4; Imig. 12:18; Mat. 13:34)?

    Ni kubera iki Yehova yagiriye ikigongwe Dawidi (2 Sam. 12:13; Zab. 32:5; 2 Kor. 7:9, 10)?