Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 58: Dawidi na Goliyati

Inkuru ya 58: Dawidi na Goliyati

ABAFILISITI bagaruka gutera Abisirayeli. Bakuru ba Dawidi batatu bari mu ngabo za Sauli. Umusi umwe Yese abwira Dawidi ati: ‘Fata ubu buheke n’iyi mikate ubishīre bakuru bawe, urabe n’uko bamerewe.’

Goliyati

Dawidi ashitse mw ikambi, aca arirukanga aja kurāba bakuru biwe mu rugamba. Goliyati ikigabo c’igifilisiti kīza gucokōra Abisirayeli. Cari kimaze imisi 40 kīza kubatuka mu gitondo no ku mugoroba. Kirasemerera giti: ‘Tora umugabo umwe muri mwebwe aze turwane. Ni yanyica, tube abaja banyu. Ni namwica na ho, mube abaja bacu. Hari umugabo ari muri mwebwe?’

Dawidi abaza ati: ‘Uwokwica uwo mufilisiti agatēturura Abisirayeli yohabwa iki?’

Bati ‘Sauli yomuha itunga ryinshi, kandi yomuha n’umukobwa wiwe ngo amwabīre.’

Abisirayeli bose bāratinya Goliyati kubera ko yari munini cane, kandi mu burebure yari yegereje imetero 3. Yari afise uwundi musoda amutwarira inkinzo.

Bamwe mu ngabo z’umwami Sauli baja kumubwira ko Dawidi ashaka kurwana na Goliyati. Sauli ati: ‘Wewe ntushobora kurwana n’urya mufilisiti uracari umwana, na we yarwanye kuva kera.’ Dawidi ati: ‘Nishe idubu n’intambwe vyari vyatwaye intama za dawe, n’urya mufilisiti nza kumugira nk’ivyo bikōko. Yehova araza kumfasha.’ Sauli ati: ‘Genda, Yehova agumane nawe.’

Dawidi amanukana umwonga, atora amabuye atanu yiburungushuye ayashira mu mufuko. Afata itopito aja iyo nya kigatanya kiri. Kimubonye kiramukengera, cibaza ko vyoroshe rwose kumwica.

Dawidi avundereje ibuye

Giti ‘ingo ndakubagire ibisiga.’ Dawidi ati: ‘Uje witwaje inkota n’icumu, ariko jeho nitwaje izina rya Yehova. Uno musi Yehova arakumpa ndakuryamike hasi.’

Dawidi aca ariruka aja iyo Goliyati ari, azingira ibuye mw itopito ararivundereza rwose ryinega mu mutwe, Goliyati aragwa, arapfa! Abafilisiti babonye ko kizigenza wabo apfuye bariruka. Abisirayeli baboma amaguru munyuma barabanesha.

1 Samweli 17:1-54.



Ibibazo

  • Goliyati acokora gute ingabo z’Abisirayeli?
  • Goliyati angana gute, kandi ni impembo iyihe Umwami Sauli asezeranira umuntu aza kwica Goliyati?
  • Dawidi avuga iki igihe Sauli amubwiye ko adashobora kurwana na Goliyati kubera ko Dawidi akiri umwana?
  • Mu vyo Dawidi yishura Goliyati, yerekana gute ko yizigira Yehova?
  • Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, Dawidi akoresha iki mu kwica Goliyati, kandi ni ibiki bishikira Abafilisiti inyuma y’ivyo?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 1 Samweli 17:1-54.

    Ni igiki catuma Dawidi agira umutima rugabo, kandi twokwigana gute uburindutsi bwiwe (1 Sam. 17:37, 45; Ef. 6:10, 11)?

    Ni kubera iki abakirisu bakwiye kwirinda agatima k’uguhiganwa nka kamwe ka Goliyati igihe bariko barakina canke biruhura (1 Sam. 17:8; Gal. 5:26; 1 Tim. 4:8)?

    Amajambo ya Dawidi yerekana gute yuko yizigira ko Imana imufashe mu mugongo (1 Sam. 17:45-47; 2 Ngo. 20:15)?

    Aho kugira ngo iyo nkuru yigane gusa indwano yabaye hagati y’imigwi ibiri y’abasoda badacana uwaka, iyo nkuru yerekana gute yuko nya ndwano yari hagati y’imana z’ikinyoma n’Imana y’ukuri Yehova (1 Sam. 17:43, 46, 47)?

    Amasigarira y’abasizwe yigana gute akarorero Dawidi yatanze ko kwizigira Yehova (1 Sam. 17:37; Yer. 1:17-19; Ivyah. 12:17)?

Raba n'ibindi

NIWIGISHE ABANA BAWE

Dawidi ntiyagira ubwoba

Nusome inkuru iteye umunezero yo muri Bibiliya kugira umenye icatumye Dawidi atagira ubwoba.