Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 56: Sauli—Umwami wa Mbere

Inkuru ya 56: Sauli—Umwami wa Mbere
Samweli ariko arobanuza amavuta Sauli ngo abe umwami

RABA Samweli ariko arasuka amavuta ku mutwe w’uyo muntu. Uko ni ko bāgirira uwo wese yatowe ngo abe umwami. Yehova yabwiye Samweli ko asuka amavuta ku mutwe wa Sauli. Yari amavuta meza kandi amota neza.

Sauli yabona ko adakwiye kuba umwami, ati: ‘Jewe ndi uwo mu muryango wa Benyamini; uwa nyuma mu miryango yose y’Abisirayeli, ni kuki none uvuze ngo mbe umwami?’ Yehova yaramukunda kubera ko atīshīma, ni co gituma yamutoye ngo abe umwami.

Sauli ntiyari umworo kandi ntiyari mugufi. Yari yavutse mu rugo rutunze, yasa neza mu maso kandi yari muremure kuruta Abisirayeli bose! Yari azi kwiruka cane kandi yari akomeye rwose. Abantu bārahimbawe n’uko Yehova amutoye ngo abe umwami; basemerera icarimwe bati: ‘Uragahora ku ngoma!’

Ico gihe abansi b’Abisirayeli bari bagikomeye. Bārabandanya kubagirira nabi. Sauli amaze kwimikwa, Abamoni bāza kubatera. Sauli akoranya ingabo nyinshi arabatsinda. Abantu baranezerwa kubera ko Sauli ari umwami.

Imyaka irahera Sauli aguma atsinda abansi. Araronka n’umwana adatinya yitwa Yonatani. Yonatani afasha Abisirayeli gutsinda intambara nyinshi. Abafilisiti bari bakiri abansi b’Abisirayeli. Umusi umwe, Abafilisiti isinzi bāza kurwanya Abisirayeli.

Samweli abwira Sauli ngo amurorēre gushika aje gutanga inkuka canke ishikanwa kwa Yehova. Samweli ntiyaje n’ingoga. Sauli atinya ko Abafilisiti batangura indwano, aca yita imbere arayīshikanira we nyene. Samweli ashitse amubwira ko yagambaraye ati: ‘Yehova azotora uwundi mwami w’Abisirayeli.’

Munyuma Sauli asubira kugambarara. Samweli amubwira ati: ‘Kugamburukira Yehova bifise akamaro kanini kuruta kumushikanira intama nziza nziza. Kubera ko utumviye Yehova, ntazokureka ngo ugume uri umwami w’Abisirayeli.’

Ivyo dushobora kubikuramwo impanuro nziza. Bitwigisha ko kwumvira Yehova imisi yose bifise akamaro kanini. Bitwigisha kandi ko umuntu mwiza ashobora guhinduka akaba mubi. Ntidushaka kuba babi n’umusi n’umwe, si ko?

1 Samweli ikigabane ca 9-11; 13:5-14; 14:47-52; 15:1-35; 2 Samweli 1:23.



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho, Samweli ariko akora iki kandi kubera iki?
  • Ni kubera iki Yehova akunda Sauli, kandi Sauli ni umuntu ameze gute?
  • Umwana wa Sauli yitwa nde, kandi ni igiki uwo mwana agira?
  • Ni kubera iki Sauli atanga ishikanwa aho kurindira Samweli ngo abe ari we aritanga?
  • Ni ivyigwa ibihe twokura ku nkuru yerekeye Sauli?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 1 Samweli 9:15-21 na 10:17-27.

    Ukwifata ruto kwa Sauli kwamufashije gute kwirinda gukora ibintu gihutihuti igihe abantu bamwe bavuga amajambo yo kumukengera (1 Sam. 9:21; 10:21, 22, 27; Imig. 17:27)?

  • Soma 1 Samweli 13:5-14.

    Icaha Sauli yakoreye i Gilugali ni ikihe (1 Sam. 10:8; 13:8, 9, 13)?

  • Soma 1 Samweli 15:1-35.

    Ni icaha gikomeye ikihe Sauli yakoze ku bijanye na Agagi umwami w’Abamaleki (1 Sam. 15:2, 3, 8, 9, 22)?

    Sauli yagerageje gute kwisigura ku bijanye n’ivyo yari yakoze no guherereza ikosa ku bandi (1 Sam. 15:24)?

    N’imburi iyihe dukwiye kwumvira muri iki gihe iyo duhawe impanuro (1 Sam. 15:19-21; Zab. 141:5; Imig. 9:8, 9; 11:2)?