Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 54: Umugabo Akomeye Cane

Inkuru ya 54: Umugabo Akomeye Cane

UMUNTU yari akomeye kurusha abandi bose urazi uko yitwa? Yari umucamanza Samusoni. Yehova ni we yamuha inkomezi. Ataravuka Yehova yabwiye nyina wiwe ati: ‘Uri hafi kuvyara umwana azokiza Abisirayeli, abakure mu maboko y’Abafilisiti.’

Samusoni ariko arwana n’intare

Abafilisiti bari abantu babi bāba i Kanani. Bari bafise abasoda benshi kandi bāragirira nabi Abisirayeli. Umusi umwe Samusoni yariko araja iyo Abafilisiti baba, intare nini iroha iza iyo ari, arayifata ayīcisha amaboko masa. Yica kandi n’abafilisiti amajana n’amajana.

Munyuma Samusoni akunda umugore yitwa Delila. Abafilisiti bemerera Delila amahera 1 100, kugira ngo ababwire igituma Samusoni akomeye. Delila yumva arayashatse. Ntiyakunda Samusoni hamwe n’abantu b’Imana. Atangura rero kuza aramubaza igituma akomeye cane.

Delila na Samusoni

Samusoni arateba aramubwira akabanga k’inkomezi ziwe ati: ‘Sindigera mobwa umushatsi. Kuva nkivuka, Imana yarantoye ngo mbe umukozi wayo bita umunaziri. Bāmoye inguvu zoca zigenda.’

Delila avyumvise amubīkīra ku bibero vyiwe, ahamagara uwumumwa. Samusoni yikanguye asanga inguvu zamuvuyeko. Abafilisiti baca baraza baramufata bamutobora amaso, bamugira umuja wabo.

Samusoni ariko asenyura inkingi

Umusi umwe, Abafilisiti bagira umusi mukuru wo gusenga imana yabo Dagoni, bakūra Samusoni mw ibohero ngo bamutwenge. Umushatsi wiwe wari wasubiye gukura. Abwira umuhungu yari amufashe ukuboko ati: ‘Reka nkore ku nkingi zifashe inzu yose.’ Asaba Yehova inkomezi, hanyuma afata nya nkingi arasemerera ati: ‘Reka mpfane n’Abafilisiti.’ Hāriho Abafilisiti 3 000. Samusoni yitunira kuri nya nkingi, ca kizu gica kirasenyuka, ba bantu babi bose bagwayo.

Abacamanza ikigabane ca 13-16.



Ibibazo

  • Umuntu akomeye kurusha abandi bose yitwa nde, kandi ni nde yamuhaye izo nkomezi?
  • Umusi umwe, Samusoni agira iki intare nini, nk’uko ubibona kuri iyo shusho?
  • Kuri iyo shusho, ni akabanga akahe Samusoni ariko abwira Delila, kandi ivyo bimushikana gute ku gufatwa n’Abafilisiti?
  • Samusoni atuma gute hapfa Abafilisiti 3.000 ku musi apfa?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Abacamanza 13:1-14.

    Ni gute Manowa n’umugore wiwe ari akarorero keza ku bavyeyi mu vyo kurera abana babo (Abac. 13:8; Zab. 127:3; Ef. 6:4)?

  • Soma Abacamanza 14:5-9 na 15:9-16.

    Izo nkuru z’ingene Samusoni yishe intambwe, ingene yavutaguye imigozi mishasha yari imuboshe be n’ingene yicishije urwasaya rw’indogoba abantu 1.000 zihishura iki ku bijanye n’ukuntu impwemu yera ya Yehova ikora?

    Impwemu yera idufasha gute muri iki gihe (Abac. 14:6; 15:14; Zek. 4:6; Ivyak. 4:31)?

  • Soma Abacamanza 16:18-31.

    Kwifatanya n’ababi vyagize ico bikoze gute kuri Samusoni, kandi ivyo twovyigirako iki (Abac. 16:18, 19; 1 Kor. 15:33)?