Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 51: Rusi na Nawomi

Inkuru ya 51: Rusi na Nawomi

MURI Bibiliya harimwo igitabu citwa Rusi. Cigana inkuru y’umuryango wimutse igihe Abisirayeli bātwarwa n’abacamanza. Rusi yari umugore w’i Mowabu akiri muto, atāsenga Imana Yehova. Amaze kwumva ivy’iyo Mana y’ukuri Yehova, aca arayikunda cane. Nawomi na we yari umutamakazi yafashije Rusi kumenya Yehova.

Nawomi yari umugore wo mu Bisirayeli. We hamwe n’umugabo wiwe n’abana babiri, bari bimukiye i Mowabu igihe amapfa yari yateye mu Bisirayeli. Umusi umwe, umugabo wiwe arapfa. Munyuma abahungu biwe babīra abakobwa b’i Mowabu, Rusi na Orupa. Hashize nk’imyaka 10, abahungu biwe barapfa. Yooo! Ese ukuntu Nawomi n’abo bakobwa bababaye! Nawomi aza kubigira ate none?

Umusi umwe, Nawomi ashaka gufata urugendo rwa kure ngo asubire iwabo. Rusi na Orupa ntibāshaka kumuheba, baca barajana. Begeye imbere, Nawomi ati: ‘Ni musubire i muhira, mubane n’abavyeyi banyu.’

Mu kubasezera arabahobera. Baca bararira, kubera ko bāmukunda cane. Bati ‘reka! reka tujane dushikane mu b’iwanyu.’ Na we ati: ‘Kumbure musubire inyuma bananje! Vyoba vyiza mubaye i muhira iwanyu.’ Orupa aca asubira inyuma, ariko Rusi aranka.

Nawomi ati: ‘Orupa aragiye, nawe n’ugende i muhira mujane.’ Rusi ati: ‘Ntumbwire ko ndaguheba reka tujane! Aho uja nanje ni ho nja, aho uzoba nanje ni ho nzoba. Abantu bawe bazoba abanje, Imana yawe izoba iyanje. Aho uzogwa nanje ni ho nzogwa mbe ari ho mpambwa.’ Rusi amaze kuvuga ivyo, Nawomi ntiyasubiye kumurungika iwabo.

Abo bagore babiri barateba bashika mu gihugu c’Abisirayeli, barahaba. Buno nyene Rusi atangura kuja gukora mu mirima, kubera ko cari igihe c’igenya ry’ingano. Umugabo umwe yitwa Bowazi, aramureka aza aragenya mu mirima iwe. Urazi nyina wa Bowazi uwo ari we? Yari Rahabu w’i Yeriko.

Umusi umwe Bowazi abwira Rusi ati: ‘Nūmvise ivyawe vyose, nūmvise n’ubuntu wagiriye Nawomi. Ndazi ko wahevye so na nyoko hamwe n’igihugu c’amavukiro, uza kubana n’abantu utari uzi. Yehova n’aguhezagire!’

Na we ati: ‘Ungiriye ubuntu bwinshi muhanyi wanje. Amajambo yawe meza arampojeje.’ Bowazi aramukunda cane, haciye imisi mike aramwabīra. Ese ukuntu vyanezereje Nawomi! Cane cane yaranezerewe igihe bavyāra umwana wabo wa mbere Obedi. Obedi ni we yabaye sekuru wa Dawidi. Munyuma turaza kwiga ibintu vyinshi vyerekeye Dawidi.

Rusi na Nawomi

Igitabu ca Bibiliya citwa Rusi.



Ibibazo

  • Vyagenze gute ngo Nawomi aje i Mowabu?
  • Rusi na Orupa ni bande?
  • Rusi na Orupa bavyakira gute Nawomi ababwiye gusubira mu b’iwabo?
  • Bowazi ni nde, kandi afasha gute Rusi na Nawomi?
  • Umwana avyarwa na Bowazi be na Rusi yitwa nde, kandi ni kubera iki dukwiye kumwibuka?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Rusi 1:1-17.

    Ni amajambo akora ku mutima ayahe Rusi avuga, aserura urukundo rudahemuka (Rusi 1:16, 17)?

    Agatima Rusi yari afise kerekana gute inyifato abo mu “zindi ntama” bafise ku bijanye n’abasizwe bari kw’isi muri kino gihe (Yoh. 10:16; Zek. 8:23)?

  • Soma Rusi 2:1-23.

    Ni mu buhe buryo Rusi ari akarorero keza ku bagore bakiri bato muri iki gihe (Rusi 2:17, 18; Imig. 23:22; 31:15)?

  • Soma Rusi 3:5-13.

    Bowazi yabonye gute umutima ukunze Rusi yagize wo kwemera kwabirwa na we aho kwabirwa n’umusore?

    Inyifato ya Rusi itwigisha iki ku vyerekeye urukundo rudahemuka (Rusi 3:10; 1 Kor. 13:4, 5)?

  • Soma Rusi 4:7-17.

    Abanega bakirisu muri iki gihe bokwigana Bowazi gute (Rusi 4:9, 10; 1 Tim. 3:1, 12, 13; 5:8)?

Raba n'ibindi

Rusi ni umugenzi w’intahemuka

Naho atari umwisirayeli, Imana yarabonye ko yari intahemuka maze iramuhezagira bimwe bidasanzwe.