Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 50: Abagore Babiri Badatinya

Inkuru ya 50: Abagore Babiri Badatinya

IGIHE Abisirayeli bāshikirwa n’amarushwa bāmbaza Yehova. Mu kubishura yabaha indongozi idatinya kugira ngo ibafashe. Izo ndongozi Bibiliya izita abacamanza. Yosuwa yari uwa mbere. Bamwe bamwe mu bāmukurikiye na bo ni Otiniyeli, Ehudi na Shamugari. Babiri mu bāfashije Abisirayeli bari abagore, na bo ni Debora na Yayeli.

Debora ariko avugana na Baraki

Debora yari umumenyesha kazoza. Yehova yaramumenyesha ivya kazoza, na we akabimenyesha abantu. Kandi yari umucamanza. Yama yicara musi y’ikigazi ku murambi, Abisirayeli bakaza iwe akabafasha mu bibagoye.

Ico gihe Yabini yari umwami w’i Kanani. Yari afise imikogote y’indwano 900. Abasoda biwe bari bakomeye cane, mbere Abisirayeli benshi bari bamaze gufatwa baba abashumba biwe. Intwazangabo y’uwo mwami yitwa Sisera.

Umusi umwe, Debora atumako umucamanza Baraki amubwira ati: ‘Yehova yavuze ngo “Fata abantu 10 000 ubajane ku musozi Tabora, nzobazanira Sisera n’ingabo ziwe mubatsinde.” ’

Baraki abwira Debora ati: ‘Ndagenda ni waza tukajana.’ Debora aramuherekeza, ariko amubwira ati: ‘Ni bamara gutsinda ntuza gushemezwa, kubera ko ku bwa Yehova, Sisera aza kwicwa n’umugore.’ Uko ni ko vyabaye.

Baraki amanuka umusozi Tabora kugira ngo arwane n’abasoda ba Sisera. Buno nyene Yehova atuma amazi menshi, yica abasoda b’abansi batari bake. Sisera arasimba, ava mu mukogote wiwe ariruka.

Baraki, Yayeli na Sisera

Haheze akanya ashika i muhira kwa Yayeli, na we amwinjiza mu nzu amuha amata. Ayanyoye arasinzira rwose ntiyikoma. Yayeli afata urumambo rw’ihema, arukomēra mu musaya w’uyo muntu mubi. Baraki ahashitse, amwereka ikiziga ca Sisera. Vyabaye nk’uko Debora yari yabivuze.

Munyuma n’umwami Yabini baramwica, Abisirayeli bamara imisi bari mu mahoro.

Abacamanza 2:14-22; 4:1-24; 5:1-31.



Ibibazo

  • Abacamanza bari abaki, kandi bamwebamwe muri bo ni bande?
  • Debora yatewe akahe gateka kadasanzwe, kandi ako gateka gasaba iki?
  • Igihe Abisirayeli bageramiwe n’Umwami Yabini be n’umukuru w’ingabo ziwe ari we Sisera, ni ubutumwa ubuhe Yehova abwira Umucamanza Baraki abicishije kuri Debora, kandi Debora avuga ko ari nde aza gushemezwa ku bw’iyo ntsinzi?
  • Yayeli yerekana gute ko ari umukenyezi w’umutima rugabo?
  • Ni ibiki bishika inyuma y’urupfu rw’Umwami Yabini?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Abacamanza 2:14-22.

    Abisirayeli bikwegeye gute uburake bwa Yehova, kandi ni icigwa ikihe twohakura (Abac. 2:20; Imig. 3:1, 2; Ezk. 18:21-23)?

  • Soma Abacamanza 4:1-24.

    Ni ibiki abakenyezi bakirisu bo muri iki gihe bokwigira ku karorero ka Debora n’aka Yayeli mu bijanye n’ukwizera be n’umutima rugabo (Abac. 4:4, 8, 9, 14, 21, 22; Imig. 31:30; 1 Kor. 16:13)?

  • Soma Abacamanza 5:1-31.

    Rwa ruririmbo rw’intsinzi rwa Baraki na Debora rwoshobora gute gukoreshwa nk’isengesho ku biraba ya ntambara yimirije yo kuri Harumagedoni (Abac. 5:3, 31; 1 Ngo. 16:8-10; Ivyah. 7:9, 10; 16:16; 19:19-21)?