Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 49: Izuba Rihagarara

Inkuru ya 49: Izuba Rihagarara

EHE RABA Yosuwa. Ariko avuga ngo: ‘Zuba hagarara!’ Rica rirahagarara, riguma mu kirere umusi wose. Yehova ni we yabigize. Reka turabe igituma Yosuwa yashaka ko izuba riguma ryaka.

Izuba

Aho ba bami babi batanu bamariye gutera ab’i Gibeyoni, bāciye batuma umuntu kwa Yosuwa bati: ‘Tebuka ngwino udukize! Abami bo mu misozi bose baje gutera abasuku bawe.’

Yosuwa n’ingabo ziwe zose baca barahaguruka, barāra baragenda. Bashitseyo, abasoda b’abo bami batanu baratinya, batangura guhunga. Yehova aca akorora ibibuye binini binini biva mu kirere. Abasoda bishwe n’ivyo bibuye bari benshi kuruta abishwe n’ingabo za Yosuwa.

Yosuwa

Yosuwa abona izuba rigiye kurenga, buce bwira abasoda b’abo bami bahunge. Aca asaba Yehova ati: ‘Zuba hagarara!’ Izuba riguma ryaka, Abisirayeli babandanya kurwana baratsinda.

I Kanani hāriho abandi bami bānka abantu b’Imana. Mu myaka itandatu ni ho Yosuwa n’ingabo ziwe bashoboye gutsinda abami 31. Amaze kubanesha, igihugu c’i Kanani aca akigaburira imiryango y’Abisirayeli yari ikeneye amatongo.

Imyaka myinshi irahera, Yosuwa arapfa. Yari amaze imyaka 110. Igihe we hamwe na bagenziwe bari bakiriho, abantu bārubaha Yehova. Ariko abo bantu beza bamaze gupfa, Abisirayeli batangura gukora ibibi, ivyago bica bibagwako. Ni co gituma bāguma bakeneye ko Imana ibafasha.

Yosuwa 10:6-15; 12:7-24; 14:1-5; Abacamanza 2:8-13.



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho, Yosuwa ariko avuga iki, kandi kubera iki?
  • Yehova afasha gute Yosuwa n’ingabo ziwe?
  • Yosuwa anesha abami bangahe bamurwanya, kandi intambara imara umwanya ungana iki?
  • Ni kubera iki Yosuwa agaburira Abisirayeli igihugu c’i Kanani?
  • Yosuwa apfa afise imyaka ingahe, kandi abantu bibagendera gute mu nyuma?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yosuwa 10:6-15.

    Kumenya yuko Yehova yatumye izuba n’ukwezi biguma bihagaze ku neza y’Abisirayeli, bituma twizigira iki muri iki gihe (Yos. 10:8, 10, 12, 13; Zab. 18:3; Imig. 18:10)?

  • Soma Yosuwa 12:7-24.

    Ni nde vy’ukuri yanesheje ba bami 31 b’i Kanani, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye kuri twebwe muri iki gihe (Yos. 12:7; 24:11-13; Gus. 31:8; Luka 21:9, 25-28)?

  • Soma Yosuwa 14:1-5.

    Ico gihugu cagabaguwe gute hagati y’imiryango y’Abisirayeli, kandi ivyo vyerekana iki ku bijanye n’ingene abantu bazogabura intoranwa mw’Iparadizo (Yos. 14:2; Yes. 65:21; Ezk. 47:21-23; 1 Kor. 14:33)?

  • Soma Abacamanza 2:8-13.

    Nka kumwe kwa Yosuwa muri Isirayeli, muri iki gihe ni nde akora igikorwa co kurwanya ubuhuni (Abac. 2:8, 10, 11; Mat. 24:45-47; 2 Tes. 2:3-6; Tito 1:7-9; Ivyah. 1:1; 2:1, 2)?