Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 48: Ab’i Gibeyoni Bakerebutse

Inkuru ya 48: Ab’i Gibeyoni Bakerebutse

IBISAGARA bitari bike vy’i Kanani biritegura ngo birwane n’Abisirayeli. Bīyumvīra ko bashobora gutsinda. Abo mu gisagara cari hafi c’i Gibeyoni bo si uko biyumvīra. Bo bari bazi ko Imana ifasha Abisirayeli, ntibashaka rero kurwana n’Imana. Urazi ico bagize none?

Bīgize nk’abantu baba kure cane, bamwe muri bo bambara impuzu zātabutse n’inkweto zaheze; indogoba zabo baziremeka amagunira yaheze; bafata n’imikate yumye baja kwa Yosuwa. Bashitse bamubwira bati: ‘Tuje tuva kure cane kubera ko twumvise ivya Yehova Imana yanyu ihambaye. Twarumvise ivyo yabagiriye vyose mu Misiri, ni co gituma umukuru wacu yatubwiye ngo dutekere impamba tūze, tuvuge duti: “Turi abasuku banyu, ni muturaganire ko mutazodutera.” Raba n’impuzu zacu zāhereye mu nzira, n’imikate yacu iramaze kwuma.’

Yosuwa n’abandi bakuru baravyemera, baca barasezerana ko batazobatera. Hashize imisi itatu, bumva ko ba bantu b’i Gibeyoni ari ababanyi babo.

Yosuwa ababaza ati: ‘Ni kuki mwatubwiye ko muva kure?’

Bamwishura bati: ‘Twumvise ko Imana yanyu Yehova yabaraganiye ko izobaha iki gihugu cose c’i Kanani, duca dutinya ko mwotwica.’ Abisirayeli bārashikije indagano yabo ntibabica, ariko babagira abasuku babo.

Umwami w’i Yeruzalemu arashavura, kubera ko ab’i Gibeyoni bagiye kwumvikana n’Abisirayeli. Aca abwira abandi bami bane ati: ‘Ni muze mumfashe kurwanya ab’i Gibeyoni.’ Bose uko ari batanu baja kubatera. None abo bantu b’i Gibeyoni barerekanye ubukerebutsi mu kuja kwumvikana n’Abisirayeli? Ni vyo tugira turabe.

Yosuwa 9:1-27; 10:1-5.

Yosuwa n’Abanyagibeyoni


Ibibazo

  • Abantu b’i Gibeyoni batandukaniye hehe n’Abanyakanani bo mu bisagara bibanyi?
  • Nk’uko biboneka kuri iyo shusho, Abanyagibeyoni bariko bakora iki, kandi kubera iki?
  • Yosuwa n’abakuru b’Abisirayeli basezeranira iki Abanyagibeyoni, ariko haciye imisi itatu bamenya iki?
  • Ni ibiki biba igihe abami b’ibindi bisagara bumvise ko Abanyagibeyoni bagiye kwumvikana n’Abisirayeli?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yosuwa 9:1-27.

    Ko Yehova yari yategetse ihanga rya Isirayeli ‘kurandura bene ico gihugu bose’, kuba yarakinjishije Abanyagibeyoni vyerekana ko afise kamere izihe (Yos. 9:22, 24; Mat. 9:13; Ivyak. 10:34, 35; 2 Pet. 3:9)?

    Mu kwumira kw’isezerano yari yagiraniye n’Abanyagibeyoni, ni mu buryo ki Yosuwa yahaye akarorero keza abakirisu muri iki gihe (Yos. 9:18, 19; Mat. 5:37; Ef. 4:25)?

  • Soma Yosuwa 10:1-5.

    Rya shengero ryinshi muri iki gihe ryigana gute Abanyagibeyoni, ivyo bigatuma rishikirwa n’iki (Yos. 10:4; Zek. 8:23; Mat. 25:35-40; Ivyah. 12:17)?