Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 47: Igisuma mu Bisirayeli

Inkuru ya 47: Igisuma mu Bisirayeli
Akani ariko aranyegeza ivyo yivye

RABA ivyo uwo muntu ariko arahamba mw ihema yiwe! Ni impuzu nziza, inzahabu n’ifeza yakuye i Yeriko. Ibintu vy’i Yeriko vyari kugirwa iki? Uracavyibuka?

Vyari guturirwa, inzahabu n’ifeza bikaba ari vyo bajana mu bubiko bw’ihema ya Yehova. Abo bantu rero bari bāgambarariye Imana, bība ibintu vyayo. Uwo mugabo yitwa Akani, abo na bo biri kumwe ni bamwe mu biwe. Reka turabe uko biza kugenda.

Akani amaze kwiba ivyo bintu, Yosuwa atuma abantu gutera igisagara c’i Ayi. Baratsindwa; bamwe baricwa abasigaye barahunga. Yosuwa biramubabaza cane. Aca arambarara hasi asenga Yehova ati: ‘Ni kuki waretse ngo ivyo bidushikire?’

Yehova amwishura ati: ‘Haguruka! Abisirayeli bacumuye. Batwaye ivyari guturirwa canke gushirwa mw ihema ya Yehova. Bivye impuzu nziza cane barayihisha. Sinzobahezagira mutarayiturira, uwayivye na we mukamwica.’ Yehova abwira Yosuwa ko aza kumwereka uwo muntu mubi uwo ari we.

Yosuwa aca akoranya abantu bose, muri bo Yehova atora Akani mubi. Akani avuga ati: ‘Nacumuye. Nabonye impuzu nziza, inzahabu n’ifeza numva ndabishatse cane nca ndabitwara. Mubisanga aho nabizitse mw ihema yanje.’

Babitoye babizanira Yosuwa. Abwira Akani ati: ‘Ni kuki wadukwegeye amarushwa? Ubu Yehova na we agiye kuguta mu vyago!’ Baca bamutera amabuye bo n’abiwe barabīca. Ivyo ntivyerekana ko tudakwiye na gato gutwara ibintu bitari ivyacu?

Ivyo biheze, Abisirayeli basubira gutera Ayi. Ico gihe ho Yehova arabafasha baratsinda.

Yosuwa 7:1-26; 8:1-29.



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho, uwo mugabo ariko arahamba ibintu vy’igiciro vyavuye i Yeriko ni nde, kandi barya bariko baramufasha ni bande?
  • Ni kubera iki ivyo Akani n’umuryango wiwe bakoze vyari bibi cane?
  • Yehova yishura iki igihe Yosuwa amubajije igituma Abisirayeli batsinzwe mu ntambara y’i Ayi?
  • Akani n’umuryango wiwe bamaze kuzanwa imbere ya Yosuwa, bashikirwa n’iki?
  • Urubanza Akani yaciriwe rutwigisha ikihe cigwa gihambaye?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yosuwa 7:1-26.

    Amasengesho ya Yosuwa ahishura iki ku bucuti yari afitaniye n’Umuremyi wiwe (Yos. 7:7-9; Zab. 119:145; 1 Yoh. 5:14)?

    Ivyashikiye Akani vyerekana iki, kandi ni gute ivyo bitubera imburi (Yos. 7:11, 14, 15; Imig. 15:3; 1 Tim. 5:24; Heb. 4:13)?

  • Soma Yosuwa 8:1-29.

    Ni ibanga irihe ryega umwe wese ku biraba ishengero rya gikirisu muri iki gihe (Yos. 7:13; Lew. 5:1; Imig. 28:13)?