Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 46: Urugo rw’i Yeriko

Inkuru ya 46: Urugo rw’i Yeriko

NI IGIKI gisenyuye urwo ruzitiro rw’i Yeriko? Wogira ngo ibombe ni yo irusenyaguye. Ico gihe nta mabombe yariho, nta n’inkoho zariho. Ni ikindi gitangaro ca Yehova. Reka turabe uko vyagenze.

Uruzitiro rw’i Yeriko rusenyuka

Yehova yabwiye Yosuwa ati: ‘Murazunguruke igisagara rimwe ku musi, mubigire imisi itandatu. Muratware n’isandugu y’isezerano. Abaherezi indwi bazobaje imbere bariko bavuza inzamba.

‘Ku musi ugira indwi, muzozunguruke igisagara incuro indwi, hanyuma inzamba zivuge cane, mwese hamwe muvuze induru, urugo ruzoca rusenyuka!’

Yosuwa n’abantu bagira nk’uko Yehova yababwiye. Igihe bāruzunguruka bose bari bacereje, nta n’umwe yavuga. Inzamba n’ibirenge ni vyo gusa vyumvikana. Ngira ngo abansi b’abantu b’Imana i Yeriko baragize ubwoba. Uyo mugozi uri mw idirisha urawubona? Iryo dirisha ni irya nde? Rahabu yari yagize bimwe ba batasi babiri bāsiga bamubwiye. Umuryango wiwe wose wari mu nzu urindiriye.

Yosuwa

Ku musi ugira indwi, bahejeje kuzunguruka igisagara incuro indwi, inzamba zirasīra, abantu baravuza induru, urugo ruca rurasenyuka. Yosuwa ati: ‘Ni mwice abantu bose, n’igisagara mugiturire. Muturire ibintu vyose kiretse ifeza, inzahabu, umuringa n’icuma; ivyo mubitware mu bubiko bw’ihema ya Yehova.’

Yosuwa abwira ba batasi babiri ati: ‘Ni mwinjire mu nzu ya Rahabu, mumusohokane hamwe n’abiwe bose.’ Nk’uko abatasi bari babimuraganiye, arokokana n’umuryango wiwe.

Yosuwa 6:1-25.



Ibibazo

  • Yehova abwira abagabo barwana urugamba be n’abaherezi ngo bakore iki mu misi itandatu?
  • Abo bagabo basabwa gukora iki ku musi ugira indwi?
  • Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, urwo ruhome rw’i Yeriko rubaye gute?
  • Ni kubera iki hari umugozi utukura uriko urenena kw’idirisha?
  • Yosuwa abwira abagabo barwana urugamba ngo bagire iki ico gisagara n’abantu bo muri co, ariko ifeza, inzahabu, umuringa be n’icuma vyovyo babikoza iki?
  • Ba batasi babiri babwirwa kugira iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yosuwa 6:1-25.

    Kwa kuntu Abisirayeli bazunguruka igisagara ca Yeriko ku musi ugira indwi gufitaniye irihe sano n’igikorwa co kwamamaza Ivyabona vya Yehova barangura muri iyi misi y’iherezo (Yos. 6:15, 16; Yes. 60:22; Mat. 24:14; 1 Kor. 9:16)?

    Ubuhanuzi bwo muri Yosuwa 6:26 bwarangutse gute haciye imyaka 500, kandi ivyo bitwigisha iki ku bijanye n’ivyo Yehova avuga (1 Abm. 16:34; Yes. 55:11)?