Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 45: Bajabuka Uruzi Yorodani

Inkuru ya 45: Bajabuka Uruzi Yorodani

EHE RABA! Abisirayeli bariko bajabuka Uruzi Yorodani! Amazi ari he none? Kubera ko muri ico gihe imvura igwa cane, bājabutse ruhejeje kwuzura. Ariko raba amazi yakamye! Bariko baca ahūmutse, nka kumwe bājabuka Ikiyaga Gitukura! Amazi yose yaroye he? Reka turabe.

Abisirayeli bariko barajabuka Uruzi Yorodani

Hageze ko Abisirayeli bajabuka Uruzi Yorodani, Yehova abwira Yosuwa ngo abarire abantu ati: ‘Abaherezi barerure isandugu y’isezerano batuje imbere. Bazopfa gukoza ikirenge mu mazi, amazi ace ahagarara.’

Abaherezi rero baterura isandugu y’isezerano baja imbere, binjira mu mazi ya Yorodani. Umukuba wari ukaze, kandi ibenga ryari rinini. Ibirenge vyabo bishitse mu mazi, amazi aca arareka gutemba! Ico ni igitangaro! Yehova yari yagomereye amazi haruguru, uruzi ruca rurakama!

Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano baja guhagarara hagati mu ruzi rwamaze gukama. Barābe ngabo ku gishushanyo. Abisirayeli bose baca ahūmutse barajabuka Yorodani!

Yehova yari yabwiye Yosuwa ngo abantu bose ni bamara kujabuka, ace abwira abagabo bakomeye 12 ati: ‘Ni mwinjire mu ruzi harya abaherezi bahagaze, mutore amabuye 12, muyarunde aho muza kurāra uno musi. Abana muzovyara ni bababaza, bati aya mabuye ni ay’iki? Muzobabwira muti: Amazi yarahagaze igihe isandugu y’isezerano ya Yehova yajabuka Yorodani. Ayo mabuye azobibutsa iki gitangaro!’ Yosuwa na we nyene ashinga amabuye 12 aho abaherezi bāri bahagaze mu ruzi.

Yosuwa

Munyuma Yosuwa abwira abaherezi bareruye isandugu y’isezerano ati: ‘Ni mujabuke.’ Bāpfuye kuvayo, uruzi rusubira gutemba.

Yosuwa 3:1-17; 4:1-18.



Ibibazo

  • Ni ikihe gitangaro Yehova akora kugira ngo Abisirayeli bashobore kujabuka Uruzi Yorodani?
  • Ni igikorwa ikihe gisaba ukwizera Abisirayeli bategerezwa gukora kugira ngo bajabuke Uruzi Yorodani?
  • Ni kubera iki Yehova abwira Yosuwa kurunda hamwe amabuye maninimanini 12 akuye mu ruzi?
  • Abaherezi bagipfa gukura ikirenge muri Yorodani, haca haba iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yosuwa 3:1-17.

    Nk’uko iyo nkuru ivyerekana, dukeneye gukora iki kugira ngo turonke imfashanyo be n’umuhezagiro biva kuri Yehova (Yos. 3:13, 15; Imig. 3:5; Yak. 2:22, 26)?

    Uruzi Yorodani rwari rumeze gute igihe Abisirayeli barujabuka binjira mu Gihugu c’Isezerano, kandi ivyo vyahesheje gute icubahiro izina rya Yehova (Yos. 3:15; 4:18; Zab. 66:5-7)?

  • Soma Yosuwa 4:1-18.

    Ya mabuye 12 yakurwa muri Yorodani, maze akarundwa i Gilugali yari ay’iki (Yos. 4:4-7)?