Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 44: Rahabu Ahisha Abatasi

Inkuru ya 44: Rahabu Ahisha Abatasi

ABO bagabo ubona bari mu kaga. Ni batahunga baraza kwicwa. Ni abatasi b’abisirayeli. Uyo mugore ariko abafasha na we ni Rahabu, aba mu nzu ifatanye n’urugo rw’igisagara c’i Yeriko. Reka turabe igituma bari mu kaga.

Abisirayeli bari hafi yo kujabuka ngo binjire i Kanani. Imbere yo kujabuka, Yosuwa abanza gutuma abatasi babiri, ababwira ati: ‘Genda murabe igihugu, hamwe n’igisagara Yeriko.’

Rahabu n’abatasi babiri b’Abisirayeli

Bashitse i Yeriko baja kwa Rahabu. Umuntu aja kubwira umwami w’i Yeriko ati: ‘Ejo abisirayeli baraje gutata igihugu cacu.’ Umwami avyumvise atuma abantu kwa Rahabu. Bashitseyo bamubwira bati: ‘Abo bantu bari mu nzu basohore!’ Rahabu yari yabahishije mw idari, aca abishura ati: ‘Hari abantu bāje ngaha, ariko sinamenye iyo bavuye. Bāgiye bumaze kugoroba batarugara amarembo y’igisagara. Mwihuse mwobafata!’ Baca baragenda kubahīga.

Bahavuye, Rahabu yurira n’ingoga mw idari, ati ‘ndazi ko Yehova azobaha iki gihugu. Twarumvise ingene yumishije Ikiyaga Gitukura igihe mwava i Misiri, n’ingene mwishe umwami Sihoni na Ogi. Ko ndabagiriye ubuntu, namwe rero ni mundahire ko muzobungirira, mukize data na mama n’abo tuvukana bose.’

Nya batasi bamubwira ko ari uko bazogira, ariko abanje kugira ikintu kimwe. Bati ‘fata uyu mugozi utukura uwuzirike mw idirisha, hanyuma ukoranirize umuryango wawe wose mu nzu yawe. Ni twaza gutera Yeriko tuzowubona mw idirisha, iwawe nta n’umwe tuzokwica.’ Nya batasi bashitse kwa Yosuwa, bamwiganira ivyabaye vyose.

Yosuwa 2:1-24; Abaheburayo 11:31.



Ibibazo

  • Rahabu aba hehe?
  • Abo bagabo babiri bari kuri iyo shusho ni bande, kandi ni kubera iki bari i Yeriko?
  • Umwami w’i Yeriko ategeka Rahabu gukora iki, kandi yishura gute?
  • Rahabu afasha gute abo bagabo babiri, kandi ni igiki abasaba ko bomugirira?
  • Abo batasi babiri basezeranira iki Rahabu?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yosuwa 2:1-24.

    Umuhango Yehova yari yaratanze muri Kuvayo 23:28 warangutse gute igihe Abisirayeli batera i Yeriko (Yos. 2:9-11)?

  • Soma Abaheburayo 11:31.

    Akarorero ka Rahabu kerekana neza gute ko ukwizera ari ikintu gihambaye (Rom. 1:17; Heb. 10:39; Yak. 2:25)?

Raba n'ibindi

Rahabu yarizera Yehova

Nurabe ingene Rahabu n’umuryango wabo barokowe igihe Yeriko yasangangurwa.

Rahabu ‘yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa’

Inkuru ya Rahabu yerekana gute yuko ata n’umwe muri twebwe Yehova adaha agaciro? Ukwizera kwiwe kutwigisha iki?