Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 43: Yosuwa Aba Indongozi

Inkuru ya 43: Yosuwa Aba Indongozi

MUSA yashaka kujana n’Abisirayeli i Kanani, abwira Yehova ati: ‘Reka njabuke Uruzi Yorodani, ndabe ico gihugu ciza.’ Yehova amwishura ati: ‘Mbere ntusubire no kuvuga!’ Urazi igituma yamwishuye atyo?

Kubera ca gihe Musa yakubita ikibuye. Ibuka ko we bo na Aroni batashimagije Yehova. Ntibabwiye abantu ko ari Yehova aza gukura amazi mu kibuye. Kubera ico, Yehova yavuze ko atobaretse ngo binjire i Kanani.

Aroni amaze gupfa, hashira amezi makeyi Yehova abwira Musa ati: ‘Shira Yosuwa imbere ya Eleyazari umuherezi n’imbere y’ishengero, ubabwire ko Yosuwa ari we abaye indongozi.’ Raba ku gishushanyo, Musa yabigize gutyo nyene.

Musa ariko amenyesha abantu ko Yosuwa abaye indongozi

Yehova aca abwira Yosuwa ati: ‘Komera ntutinye. Uzokwinjiza Abisirayeli i Kanani nk’uko nabibaraganiye, kandi nzoba ndi kumwe nawe.’

Hanyuma Yehova abwira Musa ngo aduge umusozi Nebo uri i Mowabu. Ashitse hejuru kuri wo, atereza amaso hakurya ya Yorodani, abona igihugu ciza c’i Kanani. Yehova amubwira ati: ‘Raba igihugu naraganiye abana ba Aburahamu, ba Isaka na Yakobo. Kirabe, ariko ntuzocinjiramwo.’

Musa yaguye mu mpinga y’uwo musozi Nebo. Yari amaze imyaka 120. Yari agifise inguvu, kandi akibona neza. Abantu barababara cane, baramuririra. Ariko kandi bārahimbawe n’uko baronse iyindi ndongozi Yosuwa.

Guharūra 27:12-23; Gusubira mu vyagezwe 3:23-29; 31:1-8, 14-23; 32:45-52; 34:1-12.



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho, abo bantu babiri bahagararanye na Musa ni bande?
  • Yehova abwira iki Yosuwa?
  • Ni kubera iki Musa aduga hejuru ku Musozi Nebo, kandi Yehova amubwira iki?
  • Musa apfa amaze imyaka ingahe?
  • Abantu bababazwa n’iki, ariko kandi ni igiki gikwiye gutuma bahimbarwa?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Guharūra 27:12-23.

    Ni irihe banga riremereye Yehova yashinze Yosuwa, kandi ni igiki cerekana ko Yehova yitaho abasavyi biwe muri iki gihe? (Guh. 27:15-19; Ivyak. 20:28; Heb. 13:7)

  • Soma Gusubira mu vyagezwe 3:23-29.

    Ni kubera iki Yehova atemereye Musa na Aroni ko binjira mu gihugu c’isezerano, kandi ni icigwa ikihe twohakura? (Gus. 3:25-27; Guh. 20:12, 13)

  • Soma Gusubira mu vyagezwe 31:1-8, 14-23.

    Amajambo ya nyuma Musa yabwiye ihanga rya Isirayeli yerekana gute ko yemeye yicishije bugufi ugutozwa indero na Yehova (Gus. 31:6-8, 23)?

  • Soma Gusubira mu vyagezwe 32:45-52.

    Ijambo ry’Imana rikwiye gukora iki ku buzima bwacu (Gus. 32:47; Lew. 18:5; Heb. 4:12)?

  • Soma Gusubira mu vyagezwe 34:1-12.

    Naho Musa atigeze vy’ukuri abona Yehova amaso mu yandi, mu Gusubira mu vyagezwe 34:10 herekana iki ku bucuti yari afitaniye na Yehova (Kuv. 33:11, 20; Guh. 12:8)?