Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 40: Musa Akubita Ikibuye

Inkuru ya 40: Musa Akubita Ikibuye

UMWAKA warahera hakaza uwundi—imyaka 10, 20, 30, 39! Abisirayeli bāri bakiri mu bugaragwa. Ico gihe cose, Yehova yaguma abagaburira mana. Ku murango mu kubarongōra yakoresha inkingi y’igicu, mw ijoro na ho agakoresha iy’umuriro. Muri iyo myaka yose impuzu zabo ntizatabutse, kandi ibirenge vyabo ntivyagwaye imvutu.

Aha bāri mu kwezi kwa mbere kw’umwaka ugira 40 kuva bavuye i Misiri. Bāri bāsubiye gucumbika i Kadeshi. Ni ha handi bari bageze igihe abatasi batumwa gutata i Kanani, imbere y’imyaka nka 40. Miriyamu mushiki wa Musa ni ho yaguye. N’ico gihe nyene kandi amatata aravyuka.

Abantu babura amazi baca bidodombera Musa bati: ‘Iyo dupfa tugahera. Ni kuki wadukuye mu Misiri ukatuzana aha hantu habi hatamera? Nta buheke, nta nsukoni, nta nzabibu, nta makomamanga ariho; kandi nta n’amazi yo kunywa.’

Musa akubita ikibuye

Musa na Aroni baja kw ihema ya Yehova gusenga. Yehova abwira Musa ati: ‘N’ukoranye abantu bose, hanyuma ubwire rirya buye mu maso yabo, rica rivamwo amazi akwiye abantu n’ibitungwa vyabo.’

Musa arabakoranya, ati: ‘Ni mwumve mwa bantu mutizeye Yehova! Mbe, Aroni na jewe tubakurire amazi mu kibuye?’ Aca akubita nya kibuye inkoni zibiri, amazi aracuncubuka ava muri co. Amazi akwiye abantu n’ibitungwa aca araboneka.

Yehova ashavurira cane Musa na Aroni. Urazi igituma? Ni uko bavuze ko bagiye gukura amazi mu kibuye, kandi ari Yehova ayakurayo. Kubera ko aho Musa atavuze ukuri, Yehova aca avuga ko ashaka kubahana. Ati ‘ntimuzoshikana abantu banje i Kanani.’

Buno nyene Abisirayeli bava i Kadeshi, bashikīra umusozi Hori badatevye, Aroni apfira hejuru kuri wo. Ico gihe yari amaze imyaka 123. Abisirayeli barababara cane, bamara imisi 30 bamugandariye. Umuhungu wiwe Eleyazari aca aba umuherezi mukuru w’Abisirayeli agira kabiri.

Guharūra 20:1-13, 22-29; Gusubira mu vyagezwe 29:5.



Ibibazo

  • Yehova abungabunga gute Abisirayeli igihe bari mu bugaragwa?
  • Abisirayeli bidodomba gute igihe bacumbitse i Kadeshi?
  • Yehova aronsa gute amazi abantu be n’ibitungwa vyabo?
  • Kuri iyo shusho, uwo mugabo ariko yitunga urutoki ni nde, kandi ariko abigira kubera iki?
  • Ni kubera iki Yehova ashavurira Musa na Aroni, kandi bahanwa gute?
  • Ni ibiki bishika ku Musozi Hori, kandi ni nde aca aba umuherezi mukuru w’Abisirayeli?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Guharūra 20:1-13, 22-29 no Gusubira mu vyagezwe 29:5.

    Ukuntu Yehova yabungabunze ihanga rya Isirayeli igihe ryari mu bugaragwa bitwigisha iki (Gus. 29:5; Mat. 6:31; Heb. 13:5; Yak. 1:17)?

    Yehova yabonye gute ukuba Musa na Aroni batamuninahaje imbere y’Abisirayeli (Guh. 20:12; 1 Kor. 10:12; Ivyah. 4:11)?

    Twokwigira iki ku kuntu Musa yavyakiriye igihe Yehova yamutoza indero (Guh. 12:3; 20:12, 27, 28; Gus. 32:4; Heb. 12:7-11)?