Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 36: Inyana y’Inzahabu

Inkuru ya 36: Inyana y’Inzahabu

YUUU! Ubona abo bantu bariko bagira ibiki? Bariko basenga inyana! Ni kuki bariko bagira ivyo none?

Musa yari yātevye ku musozi, abantu baca bavuga ngo ‘ntituzi ico yabaye.’ Bati ‘ingo rero dukore imana, ituyobore tuve ngaha.’

Musa atereye hasi vya bisate bibiri vy’amabuye

Aroni mwenewabo na Musa abishura ngo ‘ivyo ni vyo.’ Ati ‘ni mwiyambure ibisharizo vy’inzahabu biri ku matwi yanyu mubinzanire.’ Barabimuha arabiyaza, abicuramwo inyana. Bose baca bavuga bati: ‘Iyi ni yo mana yacu yadukuye i Misiri!’ Bararya, baratamba basenga iyo nyana.

Yehova abibonye arashavura cane. Abwira Musa ati: ‘Manuka n’ingoga, ba bantu bariko bakora nabi cane. Baramaze kwibagira ya mategeko yanje, bariko basenga inyana y’inzahabu.’

Abantu bariko basenga inyana y’inzahabu

Musa arashunguruka, amaze kwēgera asanga ni vyo bariko baragira koko. Bāriko bavyina kandi batambira nya nyana! Arashavura cane, ata hasi ya mabuye yariko amategeko arasanzara. Afata nya nyana arayiyaza, arayisya iba ifu.

Abo bantu bāri bakoze nabi cane. Musa abarira abagabo bamwe ngo bafate inkota, ati: ‘Abāsenze inyana bategerezwa gupfa.’ Bīca abantu 3 000! Ivyo ntivyerekana ko dukwiye kwirinda gusenga izindi mana kiretse Yehova?

Kuvayo 32:1-35.



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho, ubona abantu bariko bagira iki, kandi kubera iki?
  • Ni kubera iki bishavuza Yehova, kandi Musa agira iki aho aboneye ivyo abo bantu bariko baragira?
  • Musa abarira abagabo bamwe ngo bakore iki?
  • Iyo nkuru ikwiye kutwigisha iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Kuvayo 32:1-35.

    Iyo nkuru yerekana gute ingene Yehova abona ivyo gusukiranya ugusenga kw’ikinyoma n’ukw’ukuri (Kuv. 32:4-6, 10; 1 Kor. 10:7, 11)?

    Abakirisu bakwiye kwiyubara ku biki igihe bahitamwo uburyo bwo kwinezereza, nko mu bijanye n’ukuririmba be n’ugutamba (Kuv. 32:18, 19; Ef. 5:15, 16; 1 Yoh. 2:15-17)?

    Umuryango wa Lewi watanze akarorero keza gute mu bijanye no gushigikira ibigororotse (Kuv. 32:25-28; Zab. 18:25)?