Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 35: Yehova Atanga Amategeko

Inkuru ya 35: Yehova Atanga Amategeko

HASHIZE nk’amezi abiri Abisirayeli bavuye mu Misiri, bashika ku musozi Sinayi ari wo Horebu. Ni ha handi Yehova yavugana na Musa ari mu gisaka kirurumba. Barahacumbika bahamara imisi.

Musa aduga umusozi, abasiga musi yawo barindiriye. Ashitse hejuru kuri wo, Yehova amubwira ko ashaka ko Abisirayeli bamugamburukira, bakaba igihugu ciwe yitoreye. Amanutse ababwira ivyo Yehova yavuze, na bo bavuga ko bazomwumvira kubera ko bashaka kuba abantu biwe.

Yehova aca agira igitangaza. Atuma impinga y’umusozi ifumba umwotsi, kandi haba n’imituragaro. Ababwira ati: ‘Ndi Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri.’ Aca arategeka ati: ‘Mutegerezwa kudasenga izindi mana kiretse jewe.’

Ibisate bibiri vy’amabuye

Imana ibaha ayandi mabwirizwa icenda ari yo mategeko. Baratinya cane. Babwira Musa bati: ‘Wewe n’utubwire kubera ko Yehova atubariye twopfa.’

Hanyuma Yehova abwira Musa ati: ‘Duga uze ino hejuru ku musozi, ndaguhe ibisate vy’amabuye bibiri nanditseko amategeko nshaka ko mwubaha.’ Musa asubira kuduga, amarayo imisi 40.

Imana yari ifise ibintu vyinshi itegeka abantu bayo. Ayo mategeko Musa arayandika. Imana imuha n’ibisate 2 vy’amabuye, vyanditsweko amategeko 10 ari yo Mabwirizwa, amwe Imana yari yababwiye.

Musa ari ku Musozi Sinayi

Amabwirizwa Cumi ni amategeko ahambaye. Rimwe muri yo ngiri: ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose, n’umutumba wawe wose, hamwe n’inguvu zawe zose.’ Irindi na ryo ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.’ Umwana w’Imana Yezu Kirisitu yavuze ko ayo ari yo mabwirizwa abiri makuru Imana yahaye Abisirayeli. Tuzokwiga vyinshi vyerekeye uyo Mwana w’Imana n’inyigisho ziwe.

Kuvayo 19:1-25; 20:1-21; 24:12-18; 31:18; Gusubira mu vyagezwe 6:4-6; Abalewi 19:18; Matayo 22:36-40.



Ibibazo

  • Hashize nk’amezi abiri Abisirayeli bavuye mu Misiri, bacumbika hehe?
  • Yehova avuga yuko ashaka ko abantu bakora iki, kandi bishura iki?
  • Ni kubera iki Yehova aha Musa ibisate vy’amabuye bibiri?
  • Uretse ya Mabwirizwa Cumi, ni ayandi mabwirizwa ayahe Yehova yahaye Abisirayeli?
  • Ni amabwirizwa abiri ayahe Yezu Kirisitu yavuze ko ari yo makuru kuruta ayandi yose?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Kuvayo 19:1-25; 20:1-21; 24:12-18; na 31:18.

    Amajambo yanditswe muri Kuvayo 19:8 adufasha gute gutahura ico ukwiyegura kw’umukirisu gusobanura (Mat. 16:24; 1 Pet. 4:1-3)?

  • Soma Gusubira mu vyagezwe 6:4-6; Abalewi 19:18; na Matayo 22:36-40.

    Abakirisu berekana gute ko bakunda Imana na bagenzi babo (Mrk. 6:34; Ivyak. 4:20; Rom. 15:2)?