Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 32: Ibihano Cumi

Inkuru ya 32: Ibihano Cumi

RABA ivyo bishushanyo. Kimwe kimwe cose cerekana igihano Yehova yazanye mu Misiri. Ku ca mbere, Aroni yakubise inkoni yiwe mu ruzi Nili, amazi ahinduka amaraso. Ifi zarapfuye, amazi atangura kunuka.

Ibihano Abanyamisiri batejwe

Munyuma, Yehova aduza ibikere biva mu ruzi Nili bikwira hose—aho bokereza imikate, ku mapano no ku bitanda—ntaho vyasize. Ivyo bikere bimaze gupfa, baravyegeranya vyose biba ikigwi kinini, haca huzura umunuko.

Hanyuma Aroni akubita inkoni yiwe hasi, umukungugu uhinduka imibu. Imibu ni udukoko tuguruka kandi turyana. Iyo mibu cari igihano kigira gatatu.

Ibihano bisigaye vyashikiye Abanyamisiri gusa. Ica kane, vyari ibibugu vyakwiragiye mu nzu zose z’Abanyamisiri. Ica gatanu na co cashikiye ibitungwa: inka, intama n’impene nyinshi z’Abanyamisiri birapfa.

Munyuma Musa na Aroni basēsa umunyota mu kirere, abantu n’ibikōko birwara ibihute. Ico cari igihano ca 6.

Hanyuma Musa akiriza ukuboko hejuru, Yehova aca atuma imituragaro n’urubura, bitāri bwigere biba mu Misiri.

Igihano c’umunani cari igitero kinini c’inzige. Ntizari bwigere zitera gutyo, kandi ntizasubiriye. Zāriye ivy’urubura rwari rwasigaje.

Ic’icenda wari umwiza. Mu misi itatu, umwiza w’umuzitane ukwira hose, kiretse aho Abisirayeli baba.

Mu kurangiza, Yehova abwira abantu biwe ngo basīge amaraso y’umwagazi w’intama canke w’impene ku miryango. Umumarayika w’Imana aca mu Misiri, aho yabona amaraso ku muryango ntawe yahica. Aho atayabona na ho, yahica umwana w’imfura w’umuntu canke w’igikōko. Ico ni co cari igihano c’icumi.

Ico gihano ca nyuma giheze, Farawo abwira Abisirayeli ngo ni bagende. Abantu b’Imana bari bamaze kwitegura, muri iryo joro nyene bava mu Misiri.

Kuvayo ikigabane ca 7-12.



Ibibazo

  • Ukoresheje amashusho yerekanywe ng’aho, dondora ukuntu ibihano bitatu vya mbere Yehova yateje Misiri vyari bimeze.
  • Ibihano bitatu vya mbere vyari bitandukaniye hehe n’ibindi bihano vyakurikiye?
  • Igihano ca kane, ica gatanu n’ica gatandatu vyari ibiki?
  • Dondora ukuntu igihano c’indwi, ic’umunani be n’ic’icenda vyari bimeze.
  • Yehova yabwiye Abisirayeli ngo bakore iki imbere y’uko azana igihano kigira icumi?
  • Igihano kigira icumi cari igiki, kandi inyuma yaco habaye iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Kuvayo 7:19-8:23.

    Naho nyene abapfumu bo mu Misiri bashoboye kwigana ibihano bibiri vya mbere Yehova yateje Misiri, ni igiki vyabaye ngombwa ko biyemerera inyuma y’igihano kigira gatatu (Kuv. 8:18, 19; Mat. 12:24-28)?

    Igihano kigira kane cerekanye gute ko Yehova afise ububasha bwo gukingira abasavyi biwe, kandi kumenya ivyo bituma abasavyi b’Imana biyumva gute uko begereza ya “marushwa ahambaye” yavuzwe ko azoza (Kuv. 8:22, 23; Ivyah. 7:13, 14; 2 Ngo. 16:9)?

  • Soma Kuvayo 8:24; 9:3, 6, 10, 11, 14, 16, 23-25; na 10:13-15, 21-23.

    Ni imigwi ibiri iyihe yashizwe ahabona na vya bihano cumi, kandi ivyo bituma tubona gute iyo migwi muri iki gihe (Kuv. 8:10, 18, 19; 9:14)?

    Muri Kuvayo 9:16 hadufasha gute gutahura igituma Yehova yaretse Shetani akabandanya kubaho gushika n’ubu (Rom. 9:21, 22)?

  • Soma Kuvayo 12:21-32.

    Pasika yafashije gute abantu benshi kuronka ubukiriro, kandi Pasika yagereranya iki (Kuv. 12:21-23; Yoh. 1:29; Rom. 5:18, 19, 21; 1 Kor. 5:7)?

Raba n'ibindi

UDUKORWA TUGENEWE UGUSENGA KWO MU MURYANGO

Imana irungika Musa mu Misiri

Musa na Aroni barerekanye ko bafise umutima rugabo mu kuvugana n’umunyabubasha Farawo. Nimuvome utwo dukorwa maze mutuganirire hamwe uko mugize umuryango.