Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 31: Musa na Aroni kwa Farawo

Inkuru ya 31: Musa na Aroni kwa Farawo

AHO Musa ashikiye mu Misiri, yigānira Aroni mwenewabo vya bitangaza vyose. Musa na Aroni bakora ivyo bitangaza, Abisirayeli baca barēmera ko Yehova ari kumwe na bo.

Bahejeje baja kwa Farawo bamubwira bati: ‘Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Rekura abantu banje bagende, bamare imisi itatu bansengera mu bugararwa.” ’ Farawo abishura ati: ‘Yehova jewe sindamuzi, kandi ntabo ngenda ndekuye.’

Farawo yashavujwe n’uko abantu basavye akaruhuko ngo baje gusenga Yehova. Aca abatunira ku bikorwa kurusha uko yahora. Abisirayeli batuka Musa kubera ko bamerewe nabi cane, Musa biramubabaza. Yehova amubwira ngo ntababare. Ati ‘nzotuma Farawo arungika abantu banje.’

Musa na Aroni imbere ya Farawo

Musa na Aroni basubira kwa Farawo, bakorerayo igitangaro. Aroni ata hasi inkoni yiwe, ihinduka inzoka nini. Abapfumu ba Farawo na bo bata inkoni hasi, na zo nyene zihinduka inzoka. Ariko rāba! Iyo kwa Aroni iriko iramira iz’abo bapfumu! N’aho nyene Farawo yaranse kurekura Abisirayeli.

Igihe c’uko Yehova yereka Farawo ububasha bwiwe cari kigeze. Urazi uko yabigenjeje? Yatumye ibihano cumi mu Misiri.

Amaze gutuma ibitari bike, Farawo atumako Musa amubwira ati: ‘Kuraho iki gihano, nanje nca ndabareka bagende.’ Ca gihano giheze, aca asubira kwanka. Ntiyabaretse ngo bagende. Munyuma igihano kigira cumi giheze, aca arabirukana.

Urazi ibihano Imana yabahaye ivyo ari vyo? Reka tubirabe.

Kuvayo 4:27-31; 5:1-23; 6:1-13, 26-30; 7:1-13.



Ibibazo

  • Ibitangaro Musa na Aroni bakoze vyatumye Abisirayeli bagira iki?
  • Musa na Aroni babwiye iki Farawo, Farawo na we abishura iki?
  • Nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho, ni ibiki vyashitse igihe Aroni yata hasi inkoni yiwe?
  • Yehova yamaze amanyama gute Farawo, Farawo na we avyakira gute?
  • Habaye iki inyuma y’igihano kigira icumi?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Kuvayo 4:27-31 na 5:1-23.

    Farawo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: ‘Yehova jewe sindamuzi’ (Kuv. 5:2; 1 Sam. 2:12; Rom. 1:21)?

  • Soma Kuvayo 6:1-13, 26-30.

    Ni mu buryo ubuhe Yehova atimenyesheje Aburahamu, Isaka na Yakobo (Kuv. 3:13, 14; 6:3; Ita. 12:8)?

    Kumenya yuko Yehova yakoresheje Musa naho nyene Musa yumva yuko atoshobora ico gikorwa yari ashinzwe, bituma twiyumva gute (Kuv. 6:12, 30; Luka 21:13-15)?

  • Soma Kuvayo 7:1-13.

    Igihe Musa na Aroni bamenyesha Farawo n’umutima rugabo ingingo Yehova yari yamufatiye, ni akarorero akahe basigiye abasavyi b’Imana muri iki gihe (Kuv. 7:2, 3, 6; Ivyak. 4:29-31)?

    Yehova yerekanye gute ko ata ho ahuriye n’imana zo mu Misiri (Kuv. 7:12; 1 Ngo. 29:12)?

Raba n'ibindi

Imana irungika Musa mu Misiri

Ni kubera iki Farawo yanse kwumvira Musa na Aroni? Ivyo vyavuyemwo ingaruka izihe zibabaje?