Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 28: Ingene Musa Yarokotse

Inkuru ya 28: Ingene Musa Yarokotse

RABA urwo ruyoya ruriko rurarira rufashe urutoki rw’uyo mwigeme. Ni Musa. Uyo mwigeme mwiza urazi uwo ari we? Ni umukobwa wo mu Misiri, umwana w’umwami Farawo.

Umukobwa wa Farawo atora Musa

Nyina wa Musa yaramuhishije gushika aho amara amezi atatu, kubera ko yanka ko bamwica. Mugabo yari azi ko bazoteba bakamubona. Ico yagize kugira ngo amukize ngiki.

Yafashe ikivumvu aragihoma kugira ngo amazi ntacinjiremwo, akiryamikamwo Musa, hanyuma aja kugitereka mu rufunzo ku nkombe y’Uruzi Nili. Abwira Miriyamu gashiki ka Musa ngo kagume karaba ico umwana yohava aba.

Buno nyene umukobwa wa Farawo aramanuka aje kwiyoga, abona ikivumvu kiri mu rufunzo. Ahamagara umwe mu ncoreke ziwe ati: ‘Genda unzanire kirya kivumvu.’ Akirumuye asangayo umwana w’intōre! Ka Musa kāriko kararira, nya mwigeme bimutera ikigongwe. Ntiyashatse ko bakīca.

Ka Miriyamu gaca karahashika. Ngako kari hambavu. Gati ‘ushaka ko nja kuguhamagarira umugore w’umwisirayeli ngo amukwonkereze?’

Na we ati: ‘Nyaragasa.’

Kariruka kaja guhamagara nyina wa Musa. Ashitse, wa mukobwa w’umwami ati: ‘Fata uyu mwana umunyonkereze nzoguhēra.’

Nyina wa Musa aca arera umwana wiwe. Musa amaze gukura, amushīra wa mukobwa wa Farawo, na we amurera nk’umwana wiwe. Uko ni ko Musa yakuriye mu ngoro ibwami.

Kuvayo 2:1-10.



Ibibazo

  • Ako kayoya kari kuri iyo shusho ni ka nde, kandi urwo rutoki gafashe ni urwa nde?
  • Nyina wa Musa yakoze iki kugira ngo arokore Musa?
  • Ako gakobwa kari kuri iyo shusho ni ka nde, kandi kakoze iki?
  • Igihe umukobwa wa Farawo yatora ako kayoya, ka Miriyamu kaciye gatanga iciyumviro ikihe?
  • Uwo mukobwa w’umwami yabwiye iki nyina wa Musa?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Kuvayo 2:1-10.

    Ni akahe karyo nyina wa Musa yaronse ko kumwigisha kuva mu bwana, kandi ivyo biha akarorero akahe abavyeyi muri kino gihe (Kuv. 2:9, 10; Gus. 6:6-9; Imig. 22:6; Ef. 6:4; 2 Tim. 3:15)?