Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 27: Umwami Mubi Aganza Misiri

Inkuru ya 27: Umwami Mubi Aganza Misiri

ABO bagabo bariko barahimiriza abantu gukora. Raba urya ariko akubita ikiboko umukozi umwe! Abo bakozi ni abo mu muryango wa Yakobo, ni abisirayeli. Abo babakoresha ku nkoni na bo ni abanyamisiri. Vyabaye gutyo kubera iki?

Abanyamisiri bariko bakandamiza Abisirayeli

Umuryango munini wa Yakobo wamaze imyaka myinshi uri mu Misiri. Yozefu yari icegera c’umwami Farawo, yarawubungabunga. Ariko munyuma amaze gupfa, uwundi Farawo atakunda Abisirayeli aba umwami mu Misiri.

Uyo Farawo mubi rero, Abisirayeli aca abagira abaja. Agena abagapita bakara batagira ikigongwe, ngo babe ari bo babakoresha. Barabakoresha cane kandi ku nkoni, ngo bubakire Farawo amazu. Ariko ico nticababujije kurondoka. Hashize imisi, Abanyamisiri batinya ko Abisirayeli baba benshi cane bagahava bakomera.

Abanyamisiri bariko bakandamiza Abisirayeli

Urazi ico Farawo yagize? Yabwiye abagore bahora bafasha abavyeyi b’abisirayeli kuvyara ati: ‘Umwana w’umuhungu wese azovuka muce mumwica.’ Ariko abo bagore bari beza nta n’umwe bishe.

Farawo aca aha itegeko abantu biwe ati: ‘Ni mwice abana b’abahungu bose b’abisirayeli, musigaze abakobwa gusa.’ Iryo tegeko ryari ribi cane, si ko? Reka turabe ingene umwana w’umuhungu umwe yarokotse.

Kuvayo 1:6-22.



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho, uwo mugabo afise ikimoko ni nde, kandi uwo ariko arakubita ni nde?
  • Yozefu amaze gupfa, ni ibiki vyashikiye Abisirayeli?
  • Ni igiki catumye Abanyamisiri batinya Abisirayeli?
  • Ni itegeko irihe Farawo yahaye abagore bafasha abavyeyi b’Abisirayelikazi kuvyara?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Kuvayo 1:6-22.

    Ni mu buhe buryo Yehova yatanguye gushitsa ivyo yari yarasezeraniye Aburahamu (Kuv. 1:7; Ita. 12:2; Ivyak. 7:17)?

    Ni gute ba bakirizi b’Abaheburayokazi berekanye ko bubaha ubweranda bw’ubuzima (Kuv. 1:17; Ita. 9:6)?

    Abo bakirizi baronse impera iyihe kubera ko babaye intahemuka kuri Yehova (Kuv. 1:20, 21; Imig. 19:17)?

    Shetani yagerageje gute kwica umugambi wa Yehova werekeye Urubuto rwa Aburahamu rwari rwarasezeranywe (Kuv. 1:22; Mat. 2:16)?