Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 24: Yozefu Agerageza Benese

Inkuru ya 24: Yozefu Agerageza Benese

YOZEFU yashaka kumenya ko benese bātaye agatima kabi. Ababwira ati: ‘Mwaje gutata. Mwaje kurāba uko igihugu cacu kimeze.’

Bati ‘eka data ntituri abatasi. Turi abantu beza. Twese turavukana. Turi 12, umwe ntakiriho, umuhererezi na we yasigaranye na dawe i muhira.’

Yozefu yigira nk’uwudashaka kuvyemera. Apfunga uwitwa Simeyoni, abasigaye arabarekura ngo bajane ivyokurya i muhira. Ababwira ati: ‘Ni mwagaruka ntimuze musige umuhererezi wanyu.’

Bashitse i muhira i Kanani, bigānira se ivyabaye vyose. Yakobo arababara cane. Ararira ati: ‘Yozefu yarapfuye, Simeyoni na we arakurikiye, sinshobora kubarekurira umuhererezi wanje Benyamini.’ Ivyokurya bitanguye guhera, aramurekura bamujana i Misiri, kugira ngo baronke ibindi.

Yozefu aza abona ngabo baraje. Aranezerwa cane aho aboneye murumunawe Benyamini. Menya ko ata n’umwe yatahuye ko uwo muntu mukuru ari Yozefu. Yozefu ari n’ico aza kugerageresha benese 10.

Ategeka umusuku wiwe kwuzuza ivyokurya mu magunira yabo. Yozefu afata igikombe ciwe ciza, agihisha mw igunira rya Benyamini batabizi. Baragenda, batarashika kure atuma umusuku wiwe ngo abakurikire. Amaze kubashikīra ababwira ati: ‘Ni kuki mwivye igikombe ca databuja?’

Bose bati: ‘Nta gikombe twivye. Uwo uza kugitorako muri twebwe ace yicwa.’

Wa musuku arasaka mu magunira yose, agisanga mu rya Benyamini nk’uko nawe ubibona ngaha. Ati ‘abandi bose ni mwigire, ariko Benyamini we n’aze tugende.’ Abo bavukanyi 10 baza kubigira gute none?

Bose basubirana na Benyamini kwa Yozefu. Yozefu ati: ‘Mwebwe ni mwigīre i muhira, nsigaranye Benyamini abe umushumba wanje.’

Yuda aca araboroga ati: ‘Ni nashika i muhira ntari kumwe na Benyamini, data aca apfa kuko amukunda cane. Ndagusavye rero ngo abe ari je ugira umuja wawe, ariko Benyamini umureke atahe.’

Yozefu aca arabona ko bāmaze guhinduka, bāronse umutima w’ikigongwe. Ubu reka turabe ico Yozefu aza kugira.

Itanguriro 42:9-38; 43:1-34; 44:1-34.

Benewabo na Yozefu bariko baragirizwa


Ibibazo

  • Ni kubera iki Yozefu yagiriza benewabo ko ari abatasi?
  • Ni kubera iki Yakobo areka Benyamini umuhungu wiwe w’umuhererezi akaja mu Misiri?
  • Bigenda gute ngo igikombe ciza ca Yozefu gishike mw’igunira rya Benyamini?
  • Yuda asaba ko yokora iki kugira ngo Benyamini arekurwe?
  • Benewabo na Yozefu bahindutse gute?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 42:9-38.

    Ni gute ivyo Yozefu yavuze mw’Itanguriro 42:18 ari icibutswa ciza ku bantu bajejwe amabanga mw’ishirahamwe rya Yehova muri kino gihe (Neh. 5:15; 2 Kor. 7:1, 2)?

  • Soma Itanguriro 43:1-34.

    Naho Rubeni ari we yari imfura, ni igiki cerekana ko Yuda ari we yacitse umuvugizi wa benewabo (Ita. 43:3, 8, 9; 44:14, 18; 1 Ngo. 5:2)?

    Biboneka ko Yozefu yagerageje gute benewabo kandi kubera iki (Ita. 43:33, 34)?

  • Soma Itanguriro 44:1-34.

    Mu mayeri Yozefu yakoresheje kugira ngo benewabo ntibamumenye, harimwo no kwiyita iki (Ita. 44:5, 15; Lew. 19:26)?

    Benewabo na Yozefu berekanye gute ko agatima k’ishari bahora bafitiye murumuna wabo kari kamaze guhera (Ita. 44:13, 33, 34)?