Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 23: Indoto za Farawo

Inkuru ya 23: Indoto za Farawo

IMYAKA ibiri irahera Yozefu ari mw ibohero, umwe atanga ibinyobwa ataramwibuka. Umusi umwe Farawo arota indoto zibiri zikomeye cane, aca yibaza ico zishaka kuvuga. Murabe nguyo arasinziriye. Bukeye ahamagara abantu biwe b’abanyabwenge arazibarotorera, ariko barananirwa kuzimusobanurira.

Umwe atanga ibinyobwa aca aribuka Yozefu. Abwira Farawo ati: ‘Igihe nari mw ibohero narabonye umuntu yogusobanurira izo ndoto.’ Buno nyene Farawo atumako Yozefu ava mw ibohero.

Farawo arotorera Yozefu ati: ‘Nabonye inka indwi nziza nziza zivyibushe, mbona n’izindi indwi zonze cane. Izonze zica zirya izivyibushe.

Farawo ariko ararota

‘Mu ndoto zigira kabiri, nabonye imishi indwi yuzuye intete inaze ku giti kimwe, mbona n’iyindi indwi y’ibihumbwa yakabiranye. Iyo y’ibihumbwa ica imira imwe yuzuye intete.’

Yozefu abwira Farawo ati: ‘Izo ndoto zose zifise insobanuro imwe. Izo nka indwi zivyibushe n’iyo mishi indwi yuzuye intete, ni imyaka indwi. Izo nka indwi zonze n’iyo mishi indwi y’ibihumbwa, ni iyindi myaka indwi. Hazohera imyaka indwi hari agahimbo, hanyuma hahere iyindi indwi hari amapfa.’

Yozefu aca abwira Farawo ati: ‘Tora umuntu w’incabwenge, umushinge akazi ko gutororokanya ivyokurya mu myaka indwi y’agahimbo. Ni ho abantu batazokwicwa n’inzara muri iyo myaka indwi y’amapfa izokurikira.’

Farawo arabishima cane, aca atora Yozefu ngo atororokanirize ivyokurya mu bigega. Yozefu aba mukuru, aba igisongerezi ca Farawo mu Misiri.

Hashize imyaka umunani; hari mu gihe c’amapfa, Yozefu abona abagabo baje iwe. Urazi abo ari bo? Eee! ni ba bandi bakuru biwe 10! Se wabo Yakobo yabatumye mu Misiri, kubera ko amapfa yateye i Kanani. Yozefu arabamenya, ariko bo ntibamumenya. Urazi igituma? Ni uko yari yarakuze aba umugabo, kandi akaba yambaye izindi mpuzu.

Yozefu aca aribuka ko igihe yari akiri umwana, yarose benese baza kumwunamira. Uribuka ko ivyo wamaze kubisoma? Yozefu aca aramenya ko Imana ari yo yamutumye mu Misiri, kandi ko yagize neza. Wibaza ko Yozefu aza kugira iki none? Reka turabe.

Itanguriro 41:1-57; 42:1-8; 50:20.



Ibibazo

  • Ni ibiki vyashikiye Farawo umusi umwe mw’ijoro?
  • Ni kubera iki wa musuku atanga ibinyobwa yahavuye yibuka Yozefu?
  • Nk’uko vyerekanywe kuri iyo shusho, ni indoto zibiri izihe Farawo yarose?
  • Yozefu yavuze ko izo ndoto zisobanura iki?
  • Vyagenze gute ngo Yozefu acike igisongerezi ca Farawo mu Misiri?
  • Benewabo na Yozefu bazanwa n’iki mu Misiri, kandi ni kubera iki batamumenya?
  • Yozefu yibuka indoto izihe, kandi zimufasha gutahura iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 41:1-57.

    Yozefu ahesha icubahiro Yehova gute, kandi abakirisu muri iki gihe bokwigana gute akarorero kiwe (Ita. 41:16, 25, 28; Mat. 5:16; 1 Pet. 2:12)?

    Imyaka y’agahimbo yakurikiwe n’imyaka y’amapfa mu Misiri, yerekana neza gute ubudasa buri hagati y’ukuntu ivy’impwemu vyifashe mu basavyi ba Yehova no mu biyita abakirisu muri iki gihe (Ita. 41:29, 30; Am. 8:11, 12)?

  • Soma Itanguriro 42:1-8 na 50:20.

    Vyoba ari bibi ko abasavyi ba Yehova bunamira umuntu mu buryo bwo kumutera iteka no kumwubaha kubera ikibanza afise, nimba ari ko imico y’aho baba imeze (Ita. 42:6)?