Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 22: Yozefu Atabwa mw Ibohero

Inkuru ya 22: Yozefu Atabwa mw Ibohero

IGIHE bāmanukana Yozefu mu Misiri, yari amaze imyaka 17 gusa. Ashitseyo agurwa n’umuntu yitwa Potifari. Potifari yakorera umwami wo mu Misiri yitwa Farawo.

Yozefu mw’ibohero

Yozefu akorera shebuja Potifari ata bunebwe. Amaze gukura, Potifari amushinga ivyo mu rugo rwiwe vyose. Ni kuki none ngaha Yozefu ari mw ibohero? Kubera umugore wa Potifari.

Yozefu arakura aba umusore w’indanga, umugore wa Potifari aramwosha ngo baryamane. Yozefu yari azi ko ivyo ari bibi, ntiyashobora kubigira. Muka Potifari arashavura rwose. Umugabo wiwe aje, abeshera Yozefu ati: ‘Uyo muhungu mubi yaje kunyosha nabi ngo turyamane!’ Potifari aravyemera, aca aramushavurira cane, amutesha mw ibohero.

Umugapita w’ibohero ntiyateba kubona ko Yozefu ari umuntu mwiza. Aca amuha gutegeka abandi banyororo bose. Munyuma, Farawo atatira abasuku biwe babiri, abashira mw ibohero. Umusi umwe barota indoto zikomeye, ariko ntibamenya insiguro yazo. Bukeye Yozefu ababwira ati: ‘Ni mundotorere.’ Bazimurotoreye, arazibasobanurira afashijwe n’Imana.

Uwa mbere Yozefu amubwira ati: ‘Mu misi itatu uzobohorwa, usubire kandi gushikanira Farawo igikombe.’ Ati ‘ni wabohorwa uramvugira ku mwami, umfashe nanje mve aha hantu.’ Uwundi na we amubwira ati: ‘Mu misi itatu Farawo azoguca umutwe.’

Hashize imisi itatu, biba nk’uko Yozefu yabivuze. Wa musuku yōtsa imikate acibwa umutwe, uwatanga ibinyobwa na we arabohorwa asubira ku kazi kiwe. Aribagira Yozefu ntiyabwira Farawo ivyiwe, Yozefu aguma mw ibohero.

Itanguriro 39:1-23; 40:1-23.



Ibibazo

  • Yozefu yari amaze imyaka ingahe igihe yajanwa mu Misiri, kandi vyagenze gute amaze gushikayo?
  • Bigenda gute ngo Yozefu ashike mw’ibohero?
  • Yozefu ashingwa ibanga irihe igihe ari mw’ibohero?
  • Mw’ibohero, Yozefu agirira iki umusuku wa Farawo atanga ibinyobwa be n’uwotsa imikate?
  • Bigenda gute wa musuku atanga ibinyobwa amaze gupfungurwa?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 39:1-23.

    Ko mu gihe ca Yozefu ata tegeko ry’Imana ryanditse ribuza ukurenga ibigo ryari rihari, ni igiki catumye yumva ko ategerezwa guhunga muka Potifari (Ita. 2:24; 20:3; 39:9)?

  • Soma Itanguriro 40:1-23.

    Nuvuge muri make indoto z’umusuku atanga ibinyobwa hamwe n’insobanuro yazo Yehova yahaye Yozefu (Ita. 40:9-13).

    Umusuku yotsa imikate yarose iki, kandi vyasobanura iki (Ita. 40:16-19)?

    Umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge muri kino gihe wigana gute agatima ka Yozefu (Ita. 40:8; Zab. 36:9; Yoh. 17:17; Ivyak. 17:2, 3)

    Mw’Itanguriro 40:20 hahishurira iki abakirisu ku bijanye no guhimbaza umusi umuntu yavukiyeko (Umus. 7:1; Mrk. 6:21-28)?