Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 19: Yakobo Ari n’Abana Benshi

Inkuru ya 19: Yakobo Ari n’Abana Benshi
Yakobo n’abahungu biwe

RABA abo bana bari ngaha. Ni abahungu ba Yakobo 12, kandi ari n’abakobwa. Urazi amazina yabo? Ni vyo tugomba kwiga.

Leya yavyaye Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda. Rakeli abonye ko atavyaye umwana arashavura cane, aha Yakobo incoreke yiwe Biliha, ivyara abahungu babiri, Dani na Nafutali. Na Leya nyene aha Yakobo incoreke yiwe Zilipa, ivyara Gadi na Asheri. Munyuma Leya avyara abandi bana babiri, Isakari na Zabuloni.

Rakeli arateba avyara umwana, amwita Yozefu. Turaza kwiga vyinshi vyerekeye Yozefu, kubera ko yari umuntu mukuru cane. Abo ni bo bahungu 11 Yakobo yavyaye akiri kumwe na Labani se wa Rakeli.

Yakobo yari afise n’abakobwa, ariko umwe gusa ni we Bibiliya ivuga izina, na we ni Dina.

Igihe kirashika aho Yakobo ashima gusubira i Kanani. Akoranya abiwe bose, umukuku w’intama n’ubusho bw’inka, afata urugendo rwa kure.

Hashize umwanya basubiye i Kanani, Rakeli avyara uwundi muhungu bakiri mu nzira. Rakeli biramugora cane, apfa ariko aravyara. Ariko uruyoya ntaco rwabaye, Yakobo aca amwita Benyamini.

Twibuke amazina ya ba bana 12 ba Yakobo, kubera ko ari bo igihugu c’Abisirayeli cakomotseko. Nkako, amoko 12 y’Abisirayeli yitirirwa amazina y’abahungu 10 ba Yakobo, na babiri ba Yozefu. Abo bana bose bamaze kuvuka, Isaka amara imyaka myinshi atarapfa. Ese ukuntu yahimbawe n’ukubona abuzukuru benshi! Ubu reka turabe ivyashikiye umwuzukuru wiwe Dina.

Itanguriro 29:32-35; 30:1-26; 35:16-19; 37:35.



Ibibazo

  • Vuga amazina y’abahungu batandatu Yakobo yavyaranye na Leya, umugore wiwe wa mbere.
  • Abahungu babiri Zilupa incoreke ya Leya yavyaye kuri Yakobo ni abahe?
  • Vuga amazina y’abahungu babiri Biluha incoreke ya Rakeli yavyaye kuri Yakobo.
  • Abahungu babiri Rakeli yavyaye ni abahe, ariko vyagenze gute igihe umuhungu agira kabiri yavuka?
  • Uravye iyo shusho, ubona Yakobo yari afise abahungu bangahe, kandi ni igiki cabakomotseko?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 29:32-35; 30:1-26; na 35:16-19.

    Nk’uko biboneka ku bahungu 12 ba Yakobo, kera abahungu b’Abaheburayo bakunda kubita amazina bafatiye ku ki?

  • Soma Itanguriro 37:35.

    Naho Dina ari we wenyene avugwa muri Bibiliya, tuzi dute ko Yakobo yari afise n’abandi bakobwa (Ita. 37:34, 35)?