Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 18: Yakobo Aja i Harani

Inkuru ya 18: Yakobo Aja i Harani

URAZI abo Yakobo ariko aganiriza abo ari bo? Amaze kugenda imisi itari mike, abasanga kw ivomo baragiye intama zabo. Ati ‘mbega muri aba he?’

Bati ‘turi ab’i Harani.’

‘Murazi Labani?’

Bati ‘egome turamuzi, kandi n’umukobwa wiwe Rakeli ngurya azanye intama za se.’ Murabe nawe ngurya ariko araza.

Yakobo ahura na Rakeli

Yakobo abonye Rakeli ari kumwe n’intama za inarume Labani, ariruka atembagaza ibuye ryari ryugaye iriba, kugira ngo zishobore kunywa amazi. Ahejeje aca ahobera Rakeli, aramwimenyesha. Rakeli aranezerwa cane, arirukanga abimenyesha se Labani.

Labani biramuhimbara cane ko Yakobo yaje kumuramutsa. Yakobo amaze kumumenyesha ko ashaka kwabīra Rakeli, aranezerwa, mugabo asaba ko Yakobo abanza kumukorera imyaka indwi. Kubera ko yakunda Rakeli cane, aremera arakora. Hageze ko amurongora urazi ivyabaye?

Labani amuha umukobwa wiwe mukuru Leya mu kibanza ca Rakeli. Yakobo amaze kwemera gukora iyindi myaka indwi, amwongera Rakeli ngo amwabīre. Ico gihe Imana yarareka abantu bakabīra abagore benshi. Ariko ubu nk’uko Bibiliya ibitwereka, umugabo ntashobora kurenza umugore umwe.

Itanguriro 29:1-30.



Ibibazo

  • Uwo mukobwa ari kuri iyo shusho ni nde, kandi Yakobo yamugiriye iki?
  • Ni igiki Yakobo yemeye gukora kugira ngo yabire Rakeli?
  • Labani yakoze iki igihe hari hageze ko Yakobo yabira Rakeli?
  • Yakobo yemeye gukora iki kugira Rakeli abe umugore wiwe?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 29:1-30.

    N’igihe nyene Labani yahenda Yakobo, Yakobo yerekanye gute ko yihesha icubahiro, kandi ivyo dushobora kuvyigirako iki (Ita. 25:27; 29:26-28; Mat. 5:37)?

    Akarorero ka Yakobo kerekana gute itandukaniro riri hagati y’urukundo nyakuri n’urukundo rw’igihababu (Ita. 29:18, 20, 30; Ind. 8:6)?

    Ni abagore bane abahe bahavuye baba abo mu rugo rwa Yakobo maze mu nyuma bakamuvyarira abahungu (Ita. 29:23, 24, 28, 29)?