Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 16: Isaka Aronka Umugore Mwiza

Inkuru ya 16: Isaka Aronka Umugore Mwiza

URAZI uyo mugore ari kuri ico gishushanyo uwo ari we? Yitwa Rebeka. Uwo mugabo ariko araja kumusanganira ni Isaka. Ni we aca aba umugabo wiwe. Vyagenze gute?

Aburahamu se wa Isaka, yashatse kuronderera umuhungu wiwe umugore mwiza. Ntiyashaka ko arongora mu bakobwa b’i Kanani, kubera ko basenga Imana zitari zo. Aca ahamagara umusuku wiwe amubarira ati: ‘Subira iyo twahora i Harani ku ncuti zanje, usabire umugeni Isaka umuhungwanje.’

Buno nyene uyo musuku afata ingamiya cumi, aja ku rugendo rwa kure. Yegereje aho izo ncuti za Aburahamu zaba, aruhukira kw ivomo. Hari ku mugoroba, igihe c’uko abakobwa baza kuvoma. Aca asaba Yehova ati: ‘Ndagusavye ko umukobwa aza kumvomera amazi kandi akavomera n’izi ngamiya, abe ari we utoye ngo abe umugore wa Isaka.’

Rebeka ahura na Isaka

Buno nyene Rebeka aca araza kuvoma. Wa musuku amusaba amazi arayamuha, hanyuma aja kuvomera n’ingamiya zari zinyotewe. Yarakoze araruha, kubera ko ingamiya zinywa amazi menshi cane.

Rebeka ahejeje ico gikorwa, wa musuku amubaza izina rya se wiwe; amubaza kandi ko yoshobora gucumbika iwabo. Na we ati: ‘Dawe yitwa Betuweli, kandi hariho n’indaro wocumbikamwo.’ Wa musuku aca aramenya ko Betuweli ari umuhungu wa Nahori, mwenewabo na Aburahamu. Aca arapfukama ashimira Yehova ko yamweretse incuti za Aburahamu.

Muri iryo joro nyene, wa musuku yigānira Betuweli na Labani musaza wa Rebeka ikimugenza. Bose baremera ko ajana Rebeka ngo abe umugore wa Isaka. Babajije Rebeka, yishura ati: ‘Ego,’aremera kugenda. Bukeye bahitana za ngamiya, bafata urugendo basubira i Kanani.

Bāshitse ku mugoroba. Rebeka abona umugabo ariko aragendagenda atēmbera. Yari Isaka. Aranezerwa cane aho aboneye Rebeka. Hāri haciye imyaka itatu nyina wiwe Sara apfuye, yari agifise rero agahinda. Isaka aca arakunda Rebeka cane, asubira kandi kunezerwa.

Itanguriro 24:1-67.



Ibibazo

  • Uwo mugabo n’uwo mugore bari kuri iyo shusho ni bande?
  • Aburahamu yagize iki kugira ngo aronkere umuhungu wiwe umugore, kandi yabigize kubera iki?
  • Isengesho ry’umusuku wa Aburahamu ryishuwe gute?
  • Rebeka yishuye gute igihe bamubaza nimba ashaka kwabirwa na Isaka?
  • Ni igiki catumye Isaka asubira kunezerwa?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 24:1-67.

    Ni kamere nziza izihe Rebeka yagaragaje igihe yahurira kw’iriba n’umusuku wa Aburahamu (Ita. 24:17-20; Imig. 31:17, 31)?

    Ukwo kuntu Aburahamu yatunganirije ibintu Isaka, biha akahe karorero keza abakirisu muri kino gihe (Ita. 24:37, 38; 1 Kor. 7:39; 2 Kor. 6:14)?

    Ni kubera iki dukwiye gufata akanya ko kuzirikana nk’uko Isaka yabigira (Ita. 24:63; Zab. 77:12; Flp. 4:8)?

Raba n'ibindi

Rebeka yashaka kunezereza Yehova

Twokora iki ngo tumere nka Rebeka? Nusome iyo nkuru maze umenye vyinshi ku bimwerekeye.