Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 14: Imana Igerageza Aburahamu

Inkuru ya 14: Imana Igerageza Aburahamu

URASHOBORA kumenya ico Aburahamu ariko arakora ngaha? Afise igisu, kandi asa n’uko agomba kwica umwana wiwe. Ni kuki ashaka gukora ivyo? Reka tubanze turabe ingene Aburahamu na Sara bāronse uwo mwana.

Aburahamu ariko ashikana Isaka

Ibuka ko Imana yabaraganiye ko bovyaye umwana. Ariko ivyo vyasa n’ibidashoboka kubera ko bari bashaje cane. Mugabo Aburahamu yarēmera ko Imana ishobora kugira ibisa n’ibidashoboka. Hābaye iki none?

Umwaka waraheze Imana imaze gutanga iyo nsezerano. Aburahamu amaze imyaka 100 Sara na we 90, baronka umwana w’umuhungu yitwa Isaka. Imana yarashikije insezerano yayo!

Isaka amaze gukura, Yehova agerageza ukwizera kwa Aburahamu. Arahamagara ati: ‘Aburahamu!’ Na we ati: ‘Sabwe!’ ati ‘fata umwana wawe, uwo mwana umwe Isaka, uduge ku musozi nza kukwereka, ushitseyo umwice, umumperezeko inkuka.’

Ese ukuntu ayo majambo yababaje Aburahamu, kubera ko yakunda cane umwana wiwe. Ibuka kandi ko Imana yari yasezeranye ko abana biwe bobaye mu gihugu c’i Kanani. Isaka apfuye vyogenze gute none? Aburahamu ntiyabitegeye, ariko apfa kugamburuka.

Ashitse kuri nya musozi, afata Isaka aramuboha, amuryamika ku ruhimbi yari yubatse. Aca asokorora inkota kugira ngo amwice. Ako kanya umumarayika w’Imana arasemerera ati: ‘Aburahamu, Aburahamu!’ Na we ati: ‘Sabwe!’

‘Ntihagire ico ugira umwana wawe. Ubu ndabonye ko unyizeye kuko utanyimye umwana wawe, umwana wawe w’ikinege.’

Aburahamu yarizera Imana bimwe vy’agatangaza! Yaremera ko ata na kimwe gishobora kunanira Yehova, mbere ko yoshoboye no kuzura Isaka mu bapfuye. Mu vy’ukuri Imana ntiyashaka ko Aburahamu yica Isaka. Ica ituma intama ifatwa mu gisaka cari hafi y’aho. Imubwira ko ayitangako inkuka mu kibanza c’umwana wiwe.

Itanguriro 21:1-7; 22:1-18.



Ibibazo

  • Imana yasezeraniye iki Aburahamu, kandi yashikije ite iryo sezerano?
  • Nk’uko vyerekanywe kuri iyo shusho, Imana yagerageje gute ukwizera kwa Aburahamu?
  • Aburahamu yagize iki naho atatahura igituma Imana itanze iryo tegeko?
  • Vyagenze gute igihe Aburahamu yasokorora inkota ngo yice umuhungu wiwe?
  • Ukwizera Imana kwa Aburahamu kwari gukomeye ku rugero rungana iki?
  • Ni igiki Imana yahaye Aburahamu ngo atangeko ikimazi, kandi yakimuhaye gute?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 21:1-7.

    Ni kubera iki Aburahamu yakevye umuhungu wiwe amaze imisi umunani avutse (Ita. 17:10-12; 21:4)?

  • Soma Itanguriro 22:1-18.

    Isaka yerekanye gute ko agamburukira se wiwe Aburahamu, kandi ni gute ivyo vyagereranya ikintu gihambaye cane cari kuba muri kazoza (Ita. 22:7-9; 1 Kor. 5:7; Flp. 2:8, 9)?

Raba n'ibindi

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

Aburahamu—“Se w’abari n’ukwizera bose”

Aburahamu yerekenye gute ko afise ukwizera? Ni mu buryo ubuhe woshima kwigana ukwizera kwa Aburahamu?