Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 13: Aburahamu—Umukunzi w’Imana

Inkuru ya 13: Aburahamu—Umukunzi w’Imana

AHANTU hamwe abantu bāgerereye hanyuma y’umwuzure hitwa Uri. Hāratevye haba igisagara gihambaye kirimwo amazu meza meza. Ariko abāhaba bāsenga Imana zitari zo. N’abāba i Babiloni ni uko nyene bāgira. Abāba i Uri n’i Babiloni ntibakunda Nowa n’umuhungu wiwe Shemu bāgumye bakorera Yehova.

Hashize imyaka 350 isegenya ikamye, wa mwizigirwa Nowa arapfa. Haciye imyaka ibiri gusa, uyu muntu ubona ngaha aca aravuka. Yari umuntu atameze nk’abandi mu maso y’Imana. Yitwa Aburahamu. Yabana n’umuryango wiwe muri ca gisagara citwa Uri.

Aburahamu ariko yitegereza inyenyeri

Umusi umwe Yehova amubwira ati: ‘Tekera uve i Uri hamwe n’incuti zawe, wimukire mu gihugu nzokwereka.’ None Aburahamu yaragamburutse araheba amaraha yari i Uri? Egome. Kubera ko imisi yose yama agamburukira Imana, yahavuye yitwa umukunzi w’Imana.

Igihe yava i Uri, yimukanye na bamwe bamwe mu muryango wiwe. Nka se Tera, mwishwawe Loti, eka birumvikana ko n’umugore wiwe Sara atasigaye. Hashize imisi bashika ahantu hitwa Harani, ni ho se Tera yaguye. Hāri kure cane y’i Uri.

Hashize imisi mikeyi Aburahamu n’abiwe bava i Harani, baja mu gihugu citwa Kanani. Ni ho Yehova yavuga ati: ‘Iki ni co gihugu nzoha abana bawe.’ Aburahamu aguma i Kanani aba mu mahema.

Imana itangura kumufasha gushika aho ateba akaronka ubusho bwinshi bw’intama n’ibindi bitungwa, hamwe n’abasuku amajana n’amajana. Ariko bo na Sara nta mwana n’umwe bari bafise.

Aburahamu amaze imyaka 99, Yehova avuga ati: ‘Ndakuraganiye ko uzoba se w’amahanga menshi.’ None ivyo vyoshobotse bite kandi bari bashaje batagishobora kuvyara umwana?

Itanguriro 11:27-32; 12:1-7; 17:18, 15-17; 18:9-19.



Ibibazo

  • Abantu baba mu gisagara c’i Uri bari bameze gute?
  • Uwo mugabo ari kuri iyo shusho ni nde? Yavutse ryari? Yaba hehe?
  • Imana yabwiye Aburahamu gukora iki?
  • Ni kubera iki Aburahamu yiswe umukunzi w’Imana?
  • Igihe Aburahamu yava i Uri yajanye na bande?
  • Imana yabwiye iki Aburahamu igihe yashika mu gihugu c’i Kanani?
  • Imana yasezeraniye iki Aburahamu igihe yari amaze imyaka 99 y’amavuka?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 11:27-32.

    Aburahamu na Loti bapfana iki (Ita. 11:27)?

    Naho Tera ari we avugwa ko yimukanye umuryango wiwe akawujana i Kanani, tuzi dute ko mu vy’ukuri ari Aburahamu yatanguje iryo yimuka, kandi yabitumwe n’iki (Ita. 11:31; Ivyak. 7:2-4)?

  • Soma Itanguriro 12:1-7.

    Isezerano Yehova yagiraniye na Aburahamu, yaryaguye gushika kuri bande aho Aburahamu amariye gushika mu gihugu c’i Kanani (Ita. 12:7)?

  • Soma Itanguriro 17:1-8, 15-17.

    Aburamu yahinduriwe izina aca yitwa ngw’iki igihe yari afise imyaka 99, kandi kubera iki (Ita. 17:5)?

    Ni imihezagiro iyihe yo muri kazoza Yehova yasezeraniye Sara? (Ita. 17:15, 16)

  • Soma Itanguriro 18:9-19.

    Twisunze ibivugwa mw’Itanguriro 18:19, ni ayahe mabanga ahabwa ba sebibondo (Gus. 6:6, 7; Ef. 6:4)?

    Ni ibiki vyashikiye Sara bitwereka ko ata kintu na kimwe dushobora guhisha Yehova (Ita. 18:12, 15; Zab. 44:21)?