Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 12: Abantu Bubaka Umunara

Inkuru ya 12: Abantu Bubaka Umunara

IMYAKA myinshi irahera, abahungu ba Nowa bavyara abana benshi cane. Abo bana barakura bavyara abandi bana, abantu ntibateba kugwira kw isi.

Umwe muri abo bantu yari umwuzukuruza wa Nowa, yitwa Nimurodi. Yari umuntu mubi, yarahīga, akica abantu n’ibikōko. Kandi yigize umwami aganza abandi bantu. Imana ntiyamukunda.

Ico gihe abantu bose bāvuga ururimi rumwe. Nimurodi yashaka kubakoraniriza hamwe ngo abaganze. Urazi ico yagize? Yababwiye ngo bubake igisagara hamwe n’umunara muri co. Ngabo bariko barabumba amatafari.

Imana Yehova ntiyashimishijwe n’iyo nyubakwa. Yashaka ko abantu basābagira bakagerēra kw isi yose. Ariko bo bavuga, ngo ‘ni muze twiyubakire igisagara, tucubakemwo n’umunara ukora kw ijuru, duce tuba barurangiranwa!’ Bāshaka kwishemeza bo nyene ntibashemeze Imana.

Imana ica irababuza kwubaka iyo nzu. Urazi uko yabigenjeje? Ubwo nyene ituma batangura kuvuga indimi nyinshi mu gishingo c’urwo bāvuga. Nya bubatsi ntibabaye bacumvikana. Ni co gituma ico gisagara caciye citwa Babeli canke Babiloni, ni ukuvuga “umuvurungano.”

Abantu rero batangura gusābagira bava i Babiloni. Abumvikana mu rurimi ni bo bajana kugerēra ahandi hantu.

Itanguriro 10:1, 8-10; 11:1-9.

Abakozi bariko bubaka umunara munini


Ibibazo

  • Nimurodi yari nde, kandi Imana yamubona gute?
  • Kuri iyo shusho, ni kubera iki abantu bariko barabumba amatafari?
  • Ni kubera iki Yehova atashimishijwe n’ico gikorwa co kwubaka?
  • Imana yahagaritse gute iyubakwa ry’umunara?
  • Ico gisagara citwa ngw’iki, kandi iryo zina ryasobanura iki?
  • Ni igiki cashikiye abantu aho Imana imariye kuyoberanya indimi zabo?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 10:1, 8-10.

    Ni ibiki vyaranze Nimurodi, kandi ni imburi iyihe ivyo biduha (Imig. 3:31)?

  • Soma Itanguriro 11:1-9.

    Ni imvo iyihe yatumye abantu bubaka umunara, kandi ni kubera iki uwo mugambi wategerezwa gupfa ata kabuza (Ita. 11:4; Imig. 16:18; Yoh. 5:44)?