Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 11: Umunywamazi wa Mbere

Inkuru ya 11: Umunywamazi wa Mbere

URAZI ico Nowa yatanguye gukora igihe we hamwe n’abiwe bava mu bwato? Yashikaniye Imana ishikanwa. Murābe kuri ico gishushanyo aho hepfo ariko ararishikana. Yashikaniye Imana ivyo bitungwa kugira ngo ayishimire kubera ko yabakijije isegenya.

Bwa bwato n’umunywamazi

Wibaza ko Yehova yashimishijwe n’iryo shikanwa? Egome yararishimye, aca araganira Nowa ko atazokwigera asubira guhonya isi n’amazi y’isegenya.

Isi yose ntiyatevye kwumuka, Nowa n’abiwe batangura kubaho ukundi gusha. Imana irabahezagira ibabwira iti: ‘Ni muvyare murondoke, mube benshi gushika aho mwuzura isi.’

Ariko munyuma igihe abantu bokwumviye ivy’isegenya botinye, bibaza ko yosubiye gutera. Ni co gituma Imana yahaye abantu ikintu cobibukije isezerano ryayo, ryo kutazokwigera isubira kwuzuza amazi kw isi yose. Urazi ico yabahaye ngo kibibutse? Ni umunywamazi.

Nowa n’umuryango wiwe

Umunywamazi ukunda kuboneka mu kirere, igihe izuba ryatse imvura ihejeje kugwa. Hari aho iminywamazi igira amabara meza cane. Uramaze kuwubona? Raba uyu uri ngaha.

Ngibi ivyo Imana yavuze: ‘Ndasezeranye ko abantu n’ibikōko bitazokwigera bisubira gutikizwa n’isegenya. Nshize umunywamazi wanje mu bicu. Ico gihe cose uzoboneka, nzowurāba nce nibuka iryo sezerano ryanje.’

Igihe wobona umunywamazi woca ukwibutsa iki none? Nta kindi atari isezerano ry’Imana, ry’ukutazosubira guhonya isi yose ikoresheje isegenya.

Itanguriro 8:18-22; 9:9-17.



Ibibazo

  • Nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho, Nowa yakoze iki akiva mu bwato?
  • Imana yahaye itegeko irihe Nowa n’umuryango wiwe inyuma y’Umwuzure?
  • Imana yasezeranye iki?
  • Igihe tubonye umunywamazi, ukwiye guca utwibutsa iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 8:18-22.

    Muri kino gihe, dushobora gute guha Yehova “umubabge mwiza” (Ita. 8:21; Heb. 13:15, 16)?

    Yehova yabonye ko imitima y’abantu imeze gute, kandi ivyo bikwiye gutuma twiyubara ku biki (Ita. 8:21; Mat. 15:18, 19)?

  • Soma Itanguriro 9:9-17.

    Ni isezerano irihe Yehova yagiraniye n’ibiremwa vyose vyo kw’isi (Ita. 9:10, 11)?

    Isezerano ry’umunywamazi rizomara igihe kingana iki (Ita. 9:16)?

Raba n'ibindi

UMUNARA W’INDERETSI

Nowa ‘yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’

Vyagenze gute ngo Nowa n’umuryango wiwe barokoke mu gihe kigoye kuruta ibindi vyose abantu bari bamaze kubona?