Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 20: Dina Agwa mu Kāga

Inkuru ya 20: Dina Agwa mu Kāga

URABONA abo Dina agiye kuraba abo ari bo? Agiye kuraba abigeme b’i Kanani. None se wiwe Yakobo araza kubishima? Kugira ngo wishure ico kibazo, ibuka uko Aburahamu na Isaka bābona abakobwa b’i Kanani.

Dina agendeye abigeme b’i Kanani

Aburahamu yarashimye ko umwana wiwe Isaka ababiramwo? Haba namba. Isaka na Rebeka bo barakunze ko Yakobo arongora umukobwa w’i Kanani? Oyaye. Urazi igituma?

Ni uko abantu b’i Kanani basenga ibishusho. Ntibari beza bo kwabiramwo, kwabirwa na bo canke gutoramwo abagenzi. Duca twumva rero ko Yakobo atoshimye ko umukobwa wiwe akundana n’abo bakobwa b’i Kanani.

Birumvikana rero, Dina yaguye mu kaga. Urabona uwo muhungu w’umunyakanani ariko amurāba? Yitwa Shekemu. Umusi umwe Dina yari yaje iwabo, Shekemu amufata ku nguvu bararyamana. Ivyo vyari bibi, kubera ko umugabo n’umugore babiranye gusa ari bo barekuriwe kuryamana. Ico kibi Shekemu yakoreye Dina cakweze ivyago vyinshi.

Basaza ba Dina bavyumvise barashavura cane. Babiri muri bo; Simeyoni na Lewi, barashavura gushika aho bafata inkota baja gutera giturumbuka imihana ya ba Shekemu. Abo babiri hamwe na benewabo bica Shekemu n’abandi bagabo bose. Yakobo arashavura kubera ko abahungu biwe bakoze ico kibi.

Izo ngorane zose zakwezwe n’iki? N’uko Dina yakundanye n’abantu batubaha amategeko y’Imana. Ntituze twigere turondera abagenzi nk’abo si ko?

Itanguriro 34:1-31.



Ibibazo

  • Ni kubera iki Aburahamu na Isaka batashaka ko abana babo babirana n’abantu b’i Kanani?
  • Yakobo yoba yarashima ko umukobwa wiwe akundana n’abakobwa b’i Kanani?
  • Uwo mugabo ariko aritegereza Dina kuri iyo shusho ni nde, kandi ni ikintu kibi ikihe yakoze?
  • Basaza ba Dina ari bo Simeyoni na Lewi bakoze iki aho bumviye ivyabaye?
  • Yakobo yoba yarashimye ivyo Simeyoni na Lewi bakoze?
  • Ingorane zashikiye umuryango wose zakwezwe n’iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 34:1-31.

    Ryoba ryari ryo rya mbere Dina agendeye abakobwa bo mu gihugu c’i Kanani? Sigura. (Ita. 34:1)

    Ni kubera iki na Dina nyene yagize uruhara muri kurya gutakaza ubusugi bwiwe (Gal. 6:7)?

    Abakiri bato muri kino gihe bokwerekana gute ko bashize ku mutima akarorero ka Dina ko kubaburira (Imig. 13:20; 1 Kor. 15:33; 1 Yoh. 5:19)?