Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 15: Muka Loti Arāba Inyuma

Inkuru ya 15: Muka Loti Arāba Inyuma

LOTI n’abiwe bābana na Aburahamu mu gihugu c’i Kanani. Umusi umwe Aburahamu abwira Loti ati: ‘Aha nta kibanza gikwiye kiriho co kuragiramwo ibitungwa vyacu. Ingo rero dutandukane, ni waja mu kuboko kumwe nanje nja mu kundi.’

Loti aritegereza ico gihugu, abona ahantu hamwe heza cane, hari amazi n’ubwatsi bwiza kandi bwinshi bwo kuragiramwo ibitungwa vyiwe. Hāri mu ntara ya Yorodani. Loti aca yimukana n’abiwe hamwe n’ubusho bwiwe aja kugerēra mu gisagara citwa Sodoma.

Abantu baho bari babi cane. Bārababaza Loti kubera ko yari umuntu mwiza. N’Imana nyene bārayibabaza. Munyuma, Imana ituma abamarayika babiri kubūrira Loti ko iri hafi gutikiza Sodoma n’ikindi gisagara cari hafi citwa Gomora, kubera ibibi bakora.

Abo bamarayika babwira Loti bati: ‘Fata umugore n’abakobwa bawe babiri n’ingoga, muve aha hantu!’ Babanza gutebagana, nya bamarayika baca babafata ukuboko babakura mu gisagara. Umwe muri bo ati: ‘Ni muhunge mwikize! Ntimurabe inyuma. Ni muhungire muri irya misozi, kugira ngo ntimutikire.’

Loti n’abakobwa biwe baragamburuka, barahunga bava i Sodoma. Ntibīgeze bahagarara canke ngo barabe inyuma. Muka Loti we ntiyagamburutse. Begeye imbere gato, arahagarara arāba inyuma, aca acika inkingi y’umunyu.

Ivyo birashobora kuduha impanuro nziza. Bitwigisha ko Imana ikiza abayigamburukira, ariko abayigambararira bo bazopfa.

Itanguriro 13:5-13; 18:20-33; 19:1-29; Luka 17:28-32; 2 Petero 2:6-8.

Loti ariko ahunga ava i Sodoma


Ibibazo

  • Ni igiki catumye Aburahamu na Loti batandukana?
  • Ni kubera iki Loti yahisemwo kuba i Sodomu?
  • Abantu b’i Sodomu bari bameze gute?
  • Ni imburi iyihe abamarayika babiri bahaye Loti?
  • Ni kubera iki muka Loti yacitse inkingi y’umunyu?
  • Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku vyashikiye muka Loti?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 13:5-13.

    Ku biraba ugutunganya ingorane hagati y’abantu, ni icigwa ikihe twigira kuri Aburahamu (Ita. 13:8, 9; Rom. 12:10; Flp. 2:3, 4)?

  • Soma Itanguriro 18:20-33.

    Ni gute ivyo Yehova yagiranye na Aburahamu bituma twizigira ko Yehova na Yezu bazoca izigororotse (Ita. 18:25, 26; Mat. 25:31-33)?

  • Soma Itanguriro 19:1-29.

    Iyo nkuru yo muri Bibiliya yerekana iki ku bijanye n’ukuntu Imana ibona ivyo kuryamana kw’abasangiye igitsina (Ita. 19:5, 13; Lew. 20:13)?

    Ni itandukaniro irihe tubona mu kuntu Loti na Aburahamu bakiriye ubuyobozi butangwa n’Imana, kandi ivyo dushobora kuvyigirako iki (Ita. 19:15, 16, 19, 20; 22:3)?

  • Soma Luka 17:28-32.

    Muka Loti yari afise agatima akahe ku bijanye n’amaronko, kandi ivyo bituburira gute (Luka 12:15; 17:31, 32; Mat. 6:19-21, 25)?

  • Soma 2 Petero 2:6-8.

    Mu kwigana Loti, dukwiye kubona gute isi idukikije itubaha Imana (Ezk 9:4; 1 Yoh. 2:15-17)?