Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 8: Ibihangange mw Isi

Inkuru ya 8: Ibihangange mw Isi

IGIHE umuntu yoza iyo uri, akaba yokoza umutwe mu gasongero k’inzu, wewe wokwibaza iki? Coba ari igihangange! Ibihangange vyarigeze kuva mw isi. Bibiliya ivuga ko vyari vyavyawe n’abamarayika bavuye mw ijuru. Vyagenze gute none?

Ibihangange vy’inkazi

Ibuka ko Shetani wa mumarayika mubi; atatenzuye mu gutera amarushwa. Yaragerageje kwosha n’abamarayika b’Imana ngo na bo nyene babe babi. Munyuma, bamwe muri bo batangura kumwumvira. Bata ibanga Imana yari yabashinze mw ijuru, baza kw isi biyambika imibiri nk’iy’abantu. Urazi igituma?

Bibiliya ivuga ko ari uko abo bana b’Imana, babonye kw isi abakobwa beza beza, bumva bashatse kubana na bo. Baca rero bāza kw isi barababīra. Bibiliya ivuga ko ivyo ari bibi, kuko Imana yaremye abamarayika ngo babe mw ijuru.

Igihe abo bamarayika n’abo bagore babo bavyariye abana, abo bana ntibari bameze nk’abandi. Bakivuka, hari aho batari batandukanye rwose n’abandi bana. Ariko bārabandanije gukura no gukomera, gushika aho baba ibigatanya.

Ivyo bihangange vyari bibi. Kubera ko vyari bikomeye kandi bikaba birebire cane, vyaragirira nabi abantu. Vyaragobera umuntu uwo ari we wese ngo abe mubi nka vyo.

Henoki yari yarapfuye, ariko hāriho umuntu umwe kw isi yari mwiza. Uyo muntu yitwa Nowa. Imisi yose yama akora ivyo Imana ishaka.

Umusi umwe, Imana imubwira ko hageze ko ihonya abantu bose babi. Ariko Imana yashaka gukiza Nowa, umuryango wiwe hamwe n’ibikōko bitari bike. Reka turabe uko yabigenjeje.

Itanguriro 6:1-8; Yuda 6.



Ibibazo

  • Vyagenze gute igihe bamwe mu bamarayika b’Imana bumvira Shetani?
  • Ni kubera iki abamarayika bamwebamwe bahagaritse igikorwa barangura mw’ijuru bakaza ngaha kw’isi?
  • Ni kubera iki vyari bibi ko abo bamarayika baza kw’isi maze bakiyambika imibiri y’abantu?
  • Abana bavutse ku bamarayika bari batandukaniye hehe n’abandi?
  • Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, abana bavutse ku bamarayika bakoze iki bamaze gucika ibihangange?
  • Inyuma ya Henoki, ni umuntu mwiza uwuhe yabaye kw’isi, kandi ni kubera iki Imana yamukunda?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 6:1-8.

    Mw’Itanguriro 6:6 hahishura iki ku bijanye n’ukuntu uburyo twigenza gushobora kugira ico gukoze ku nyiyumvo za Yehova (Zab. 78:40, 41; Imig. 27:11)?

  • Soma Yuda 6.

    Abamarayika “batāgumye mu bukuru bgabo” mu misi ya Nowa, batwibutsa iki muri iki gihe? (1 Kor. 3:5-9; 2 Pet. 2:4, 9, 10)