Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 7: Umuntu w’Umutinyutsi

Inkuru ya 7: Umuntu w’Umutinyutsi
Henoki

ABANTU batanguye kugwira kw isi, benshi muri bo baba inkozi z’ikibi nka Kayini. Umwe gusa ni we yari mwiza. Ni uyu, yitwa Henoki. Ntiyatinya. Abaturanyi biwe bose bākora ibibi, ariko we yaguma akorera Imana.

Urazi igituma abantu b’ico gihe bakora ibibi vyinshi cane? Ibuka, ni nde yatumye Adamu na Eva bagābira Imana barya icamwa yari yababujije kurya? Ni umumarayika mubi. Bibiliya imwita Shetani. Yāma agerageza kwosha umuntu wese ngo abe mubi.

Ubwambuzi be n’ubwicanyi

Umusi umwe, Imana Yehova ibwiriza Henoki kubwira abantu ijambo ritābashimishije namba. Ngiri: ‘Umusi umwe Imana izohonya abanyakibi bose.’ Ngira ngo boba barashavuye cane igihe bavyumviye. Hari n’aho boba bashatse kwica Henoki. Henoki rero yategerezwa kurinda cane, kugira ngo abamenyeshe ivyo Imana ishaka kugira.

Imana ntiyamuretse ngo abandanye kubana n’izo nkozi z’ibibi. Yamaze imyaka 365 gusa. Ni kuki tuvuze duti “imyaka 365 gusa”? Ni uko abantu b’ico gihe bari bakomeye cane kurusha ab’ubu; kandi bāraramba cane. Raba! Nka Metusela umuhungu wa Henoki yamaze imyaka 969!

Abantu bariko bakora ibintu bibi

Henoki amaze gupfa, abantu baca barāmuza mu gukora ibibi. Bibiliya ivuga ko ‘ico biyumvīra cose cama ari kibi ibihe vyose, kandi ko isi yuzuye ubugarariji.’

Urazi icatumye haba umudurumbanyo kw isi ico gihe? Ni uko Shetani yari yaronse ubundi buryo bwo kwosha abantu gukora ibibi. Ni vyo tugira ngo twige.

Itanguriro 5:21-24, 27; 6:5; Abaheburayo 11:5; Yuda 14, 15.



Ibibazo

  • Henoki yari atandukaniye hehe n’abandi?
  • Ni kubera iki abantu bo mu gihe ca Henoki bakora ibibi vyinshi cane?
  • Ni ibibi ibihe abantu bakora? (Raba ishusho.)
  • Ni kubera iki Henoki yari akeneye kuba umutinyutsi?
  • Abantu babaho igihe kingana iki ico gihe, ariko Henoki we yabayeho igihe kingana iki?
  • Ni igiki cabaye Henoki amaze gupfa?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 5:21-24, 27.

    Henoki yari afitaniye na Yehova ubucuti bumeze gute (Ita. 5:24)?

    Twisunze Bibiliya, ni nde yaramvye kuruta ababayeho bose, kandi yapfuye amaze imyaka ingahe (Ita. 5:27)?

  • Soma Itanguriro 6:5.

    Ibintu vyadabutse gute Henoki amaze gupfa, kandi ivyo bisa gute n’ivyo muri iki gihe cacu (2 Tim. 3:13)?

  • Soma Abaheburayo 11:5.

    Ni kamere ya Henoki iyihe “yahimba[ra] Imana”, kandi vyavuyemwo iki (Ita. 5:22)?

  • Soma Yuda 14, 15.

    Abakirisu bashobora gute kwigana umutima rugabo wa Henoki igihe baburira abantu ku bijanye n’intambara ya Harumagedoni yimirije (2 Tim. 4:2; Heb. 13:6)?