Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 6: Umwana Mwiza n’Uwundi Mubi

Inkuru ya 6: Umwana Mwiza n’Uwundi Mubi

RABA rero Kayini na Abeli. Bose baramaze gukura. Kayini ni umurimyi w’ubuheke, ivyamwa n’imboga.

Kayini na Abeli bariko bashikanira Imana ibimazi

Abeli ni umwungere w’intama. Akunda kuragira imyagazi yazo. Iyo myagazi irakura ikaba intama zikuze, agaca aronka ubusho bwo kuragira.

Umusi umwe, Kayini na Abeli bazanira Imana amashikanwa. Kayini ashikana ivyimburano, Abeli na we ashikana intama nziza cane yari atunze. Yehova ashima Abeli hamwe n’ishikanwa ryiwe. Urazi igituma?

Si ukubera ko ishikanwa rya Abeli ryari ryiza kurusha irya Kayini gusa. Ni uko Abeli yari umwana mwiza. Yarakunda Yehova hamwe n’abavukanyi biwe. Ariko Kayini yari umwana mubi, ntiyakunda abavandimwe.

Ni co gituma Imana yamubwiye ko ata iyo ngeso, ariko ntiyumva. Arashavura cane kubera ko Imana ikunze Abeli kuruta we. Aca abwira Abeli ati: ‘Ingo tuje mu mirima.’ Bashitseyo ari babiri gusa, atangura gukubita mwenewabo Abeli. Aramukubita cane gushika amwishe. Kayini yakoze ikibi kinini, si ko?

Kayini ariko ahunga amaze kwica Abeli

N’aho Abeli yapfuye, Imana iracamwibuka. Abeli yari intungane, Imana na yo ntiyigera yibagira umuntu nk’uyo. Umusi umwe Yehova azomuzura. Ico gihe, Abeli ntazosubira gupfa namba. Azobaho imyaka yose ngaha kw isi. Ntibizoba ari vyiza kumenyana n’abantu nka Abeli? Ariko Imana ntishima abantu bameze nka Kayini. Amaze kwica murumunawe, iramuhana imwomorera kure, imuca mu b’iwabo. Igihe yomoka yomokanye n’umwe muri bashikiwe, aramwabīra aba umugore wiwe.

Hashize igihe, Kayini n’umugore wiwe batangura kuvyara abana. Abandi bahungu n’abakobwa ba Adamu barabīrana, na bo nyene bavyara abana. Isi ntiyatevye kwuzura abantu. Reka twige ivyerekeye bamwe bamwe muri bo.

Itanguriro 4:2-26; 1 Yohani 3:11, 12; Yohani 11:25.



Ibibazo

  • Kayini na Abeli bakora iki mu buzima?
  • Ni amashikanwa nyabaki Kayini na Abeli bashikanira Yehova?
  • Ni kubera iki Yehova ashima ishikanwa rya Abeli, kandi ni kubera iki adashima irya Kayini?
  • Kayini ni umuntu ameze gute, kandi Yehova agerageza gute kumukosora?
  • Kayini akora iki igihe ari kumwe na mwenewabo mu murima ari babiri gusa?
  • Sigura ivyashikiye Kayini amaze kwica mwenewabo.

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 4:2-26.

    Yehova yasiguye gute ingendo irimwo akaga Kayini yarimwo? (Ita. 4:7)

    Kayini yerekanye gute agatima yari afise? (Ita. 4:9)

    Yehova abona gute ivyo gusesa amaraso y’umuntu ata co azira (Ita. 4:10; Yes. 26:21)?

  • Soma 1 Yohana 3:11, 12.

    Ni kubera iki Kayini yaratse cane, kandi ivyo bishobora kutubera imburi gute muri iki gihe (Ita. 4:4, 5; Imig. 14:30; 28:22)?

    Bibiliya yerekana gute ko dushobora kuguma turi intadohoka naho abo mu muryango wacu bose borwanya Yehova (Zab. 27:10; Mat. 10:21, 22)?

  • Soma Yohana 11:25.

    Yehova adukura amazinda gute ku biraba abantu bose bapfa bahorwa ukugororoka (Yoh. 5:24)?

Raba n'ibindi

Abeli—“Naho yapfuye, aracavuga”

Ni ibiki wokwigira kuri Abeli n’ukwizera kwiwe naho Bibiliya ata vyinshi imuvugako?