Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 5: Baratanguye Kugorwa

Inkuru ya 5: Baratanguye Kugorwa

BAMAZE kwirukanwa mw itongo ry’i Edeni, Adamu na Eva bāhaboneye amakuba menshi. Bārakora akazi karuhisha kugira ngo baronke ivyo barya. Mu gishingo c’ibiti vyiza vyama ivyamwa, amahwa ni yo yasigaye abakikuje. Ivyo ni vyo vyābaye igihe bāgābira Imana, na yo ica ibona ko batakiri incuti zayo.

Adamu ariko arakorana n’umwana wiwe akuya kakabira

Ariko amarushwa aruta yose, ni uko bātanguye gupfa. Ibuka ko Imana yari yābabūriye ngo bazopfa ni barya ivyama ku giti kimwe. Aho babiririye, uyo musi nyene baciye batangura gupfa. Ese ukuntu bābaye ibijuju ntibumvira Imana!

Abana babo bose bāvutse Imana imaze kwirukana abavyeyi babo mw itongo ry’i Edeni. Ivyo ni ukuvuga ko abo bana na bo nyene botegerejwe gusaza hanyuma bagapfa.

Iyo bagamburukira Yehova, bari kubaho hamwe n’abana babo mu gahimbare. bari gushobora kuba ngaha kw isi imyaka yose bahimbawe. Nta n’umwe muri bo yoshaje, yorwaye canke yopfuye.

Imana ishaka ko abantu babaho imyaka yose mu gahimbare, ni co gituma yabaraganiye ko umusi umwe bizoshoboka. Isi si yo izoringanizwa gusa, ariko n’abantu na bo nyene ntibazosubira kurwara. Bitayeko, bose bazobana nk’abavandimwe, kandi bazoba ari incuti z’Imana.

Eva ari kumwe n’abana biwe

Eva ntiyabandanije kuba incuti y’Imana, ni co gituma mu gihe co kuvyara yababara cane. Kugambararira Yehova, mu vy’ukuri bitera amaganya menshi, si ko?

Adamu na Eva baravyaye abana benshi, abahungu n’abakobwa. Igihe umuhungu wabo w’imfura yavuka bamwise Kayini, uwa kabiri na we bamwita Abeli. Ivyabashikiye ni ibiki? Urabizi?

Itanguriro 3:16-23; 4:1, 2; Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4.



Ibibazo

  • Adamu na Eva babayeho gute bamaze kwirukanwa mw’itongo ry’i Edeni?
  • Ni igiki caciye gitangura gushikira Adamu na Eva, kandi kubera iki?
  • Ni kubera iki abana ba Adamu na Eva bari gusaza hanyuma bagapfa?
  • Iyo Adamu na Eva bagamburukira Yehova, bo hamwe n’abana babo bari kubaho gute?
  • Ukugambarara kwa Eva kwamukwegeye uwuhe mubabaro?
  • Abahungu babiri ba mbere Adamu na Eva bavyaye bitwa ngw’iki?
  • Abo bandi bana bari kuri iyo shusho ni bande?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 3:16-23 na 4:1, 2.

    Umuvumo isi yavumwe wakoze iki ku buzima bwa Adamu (Ita. 3:17-19; Rom. 8:20, 22)?

    Ni kubera iki izina Eva, irisobanura ngo “Muzima”, ryari ribereye? (Ita. 3:20)

    Yehova yeretse Adamu na Eva gute ko abubahiriza n’inyuma y’aho bacumuriye (Ita. 3:7, 21)?

  • Soma Ivyahishuriwe 21:3, 4.

    Ni “ivya mbere” ibihe atari we uzobona birakuweho?