Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 4: Igituma Birukanywe

Inkuru ya 4: Igituma Birukanywe

EHE RABA ibibaye. Adamu na Eva barirukanywe muri rya tongo ry’akaroruhore ry’i Edeni. Urazi igituma?

Adamu na Eva birukanwa mw’itongo ry’i Edeni

Ni uko bakoze nabi cane, Yehova aca arabahana. Urazi ikibi bakoze?

Bakoze ico Imana yababujije. Yari yababariye ko barya ivyama ku biti biri mw itongo. Ariko ivyama ku giti kimwe, yari yābabujije kubirya, babiriye bociye bapfa. Ico giti yari yakigize icayo bwite. Natwe turazi ko ari bibi gutwara ikintu c’uwundi, si ko? Vyagenze gute none?

Umusi umwe Eva yari mw itongo wenyene, inzoka ivugana na we. Igitangaza! Yabwiye Eva ngo arye ivyama kuri ca giti Imana yababuza kurya. Igihe Yehova yarema inzoka, ntiyazihaye ubushobozi bwo kuvuga. Hariho rero ikintu catumye iyo nzoka ivuga. Cari igiki?

Ntiyari Adamu. Ategerezwa rero kuba yari umwe mu bo Yehova yari yararemye imbere y’uko arema isi. Bari abamarayika. Ntidushobora kubabona. Uyo mumarayika yahavuye yishīma rwose, atangura kwiyumvīra ko na we yoshobora kuganza nk’Imana. Yashaka ko abantu bumvira we bakareka kwumvira Yehova. Ni uyo rero yatumye inzoka ivuga.

Yarashoboye guhenda Eva. Igihe amubwiriye ko ni yarya nya camwa azoca amera nk’Imana, Eva yaravyemeye arakirya; na Adamu nyene ararya. Bāgābiye Imana, ni co gituma bakuwe mw itongo ry’akaroruhore bārimwo.

Umusi umwe Imana izofasha abantu guhindura isi yose, imere nk’iryo tongo ry’i Edeni. Munyuma turaza kwiga uburyo nawe wofashanya n’abandi kuyihindura. Ubu turabe ivyashikiye Adama na Eva.

Itanguriro 2:16, 17; 3:1-13, 24; Ivyahishuriwe Yohani 12:9



Ibibazo

  • Uravye iyo shusho, ni ibiki bishikiye Adamu na Eva?
  • Ni kubera iki Yehova yabahanye?
  • Inzoka yabwiye Eva iki?
  • Ni nde yatumye inzoka ivugisha Eva?
  • Ni kubera iki Adamu na Eva bakuwe mw’Iparadizo barimwo?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 2:16, 17 na 3:1-13, 24.

    Ni gute ikibazo inzoka yabajije Eva catumye Yehova aboneka uko atari (Ita. 3:1-5; 1 Yoh. 5:3)?

    Ni gute Eva ari akarorero ko kutuburira (Flp. 4:8; Yak. 1:14, 15; 1 Yoh. 2:16)?

    Ni mu buryo ubuhe Adamu na Eva banse kwemera ivyo bakoze (Ita. 3:12, 13)?

    Ba bakerubi bashirwa mu Buseruko bw’itongo ry’i Edeni bashigikiye gute ukugaba n’ukuganza kwa Yehova (Ita. 3:24)?

  • Soma Ivyahishuriwe 12:9.

    Shetani yaroraniwe ukungana iki mu kwonkora abantu ku butegetsi bw’Imana (1 Yoh. 5:19)?