Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 3: Umugabo n’Umugore ba Mbere

Inkuru ya 3: Umugabo n’Umugore ba Mbere

NI IGIKI gitandukanije iki gishusho n’ivyo wamaze kubona? Ni abantu. Ni umugabo n’umugore ba mbere. Bāremwe na nde? N’Imana. Urazi izina ryayo? Ni Yehova. Uwo mugabo n’uyo mugore bāhavuye bitwa Adamu na Eva.

Adamu na Eva mw’itongo ry’i Edeni

Uku ni ko Yehova yaremye Adamu. Yafashe umukungugu, awuhinguramwo umubiri utagira akanenge, umubiri w’umugabo. Ahejeje ahūha mu mazuru y’uwo mugabo, Adamu aca atangura kubaho.

Imana Yehova yari ifise akazi Adamu yokoze: kwita amazina ibikōko vyose. Ngira ngo Adamu yabanje kuvyihweza igihe kirekire, kugira ngo vyose ashobore kubitorera amazina abibereye. Igihe yariko aravyita amazina, hari ico yabonye. Urazi ico ari co?

Ibikōko vyose vyari bifise bigenzi vyavyo. Hāriho inzovu y’ingabo n’inzovu y’ingore, intare y’ingabo n’intare y’ingore. Ariko Adamu nta mugenzi yari afise. Yehova aca aramusinziriza rwose, amukuramwo urubavu rumwe. Urwo rubavu aruhinguramwo umugore, aca aba umugore wa Adamu.

Ese ukuntu Adamu yaciye ahimbarwa! Iyumvīre kandi ukuntu Eva yahimbawe n’uko ashizwe mw itongo ryiza nk’iryo ngo aribemwo! Bāri gushobora kuvyara abana, kandi bakabana mu gahimbare.

Yehova yashaka ko Adamu na Eva babaho imyaka yose. Yashaka ko isi yose bayisukura, ikaba nziza nk’iryo tongo ry’i Edeni. Ese ukuntu bānezerwa igihe bīyumvīra ico gikorwa! Nawe woshima gukora kugira ngo isi ihinduke itongo ry’akaroruhore? Ariko umunezero wabo wamaze akanya gato. Reka turabe igituma.

Zaburi 83:18; Itanguriro 1:26-31; 2:7-25



Ibibazo

  • Ishusho iri ku Nkuru ya 3 itandukaniye hehe n’iyiri ku Nkuru ya 2?
  • Ni nde yaremye umugabo wa mbere, kandi uwo mugabo yitwa nde?
  • Imana yahaye Adamu igikorwa ikihe?
  • Ni kubera iki Imana yasinzirije Adamu ubutikoma?
  • Adamu na Eva bari kubaho igihe kingana iki, kandi Yehova yashaka ko bakora iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Zaburi 83:18 na Yesaya 12:2.

    Imana yitwa nde, kandi isi iyifiseko ububasha ubuhe budasanzwe (Yer. 16:21; Dan. 4:17)?

  • Soma Itanguriro 1:26-31.

    Ni ikiremwa ikihe Imana yaherejeko kurema ku musi ugira gatandatu, kandi ico kiremwa cari gitandukaniye hehe n’ibikoko (Ita. 1:26)?

    Ni ibintu ibihe Yehova yahaye ibikoko n’abantu (Ita. 1:30)?

  • Soma Itanguriro 2:7-25.

    Igikorwa Adamu yashinzwe co kwita amazina ibikoko casaba iki (Ita. 2:19)?

    Mw’Itanguriro 2:24 hadufasha gute gutahura ukuntu Yehova abona umubano w’ababiranye, ugutandukana hamwe n’ukwahukana (Mat. 19:4-6, 9)?