Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 10: Isegenya y’Isi Yose

Inkuru ya 10: Isegenya y’Isi Yose

ABATARI mu bwato, babandanije gukora ivyo bari basanzwe bakora. Bagumye banka kwemera ko isegenya izoza, mbere baranatwenga kurusha uko bahora. Ariko hashize akanya, agatwengo karahera.

Abantu n’ibikoko vyishwe n’ubwoba bikikujwe n’amazi y’isegenya

Baza babona amazi atanguye guseseka. Yacuncubuka ava mu kirere, nk’uko umuntu yosēsa amazi ari mu mubindi. Nowa ntiyari yabeshe! Ariko ntivyari bishoboka ko hagira uwundi muntu n’umwe yinjira mu bwato. Yehova yari yugaye urugi ararugumya.

Hashize akanya ibiyaya vyuzura amazi. Araba menshi amera nk’uruzi runini. Yarasitura ibiti agatembagaza n’amabuye manini manini, kandi agasama rwose. Abantu baragira ubwoba badūga ku dusozi. Yoo! Iyo bamenya bakumviriza Nowa bakinjira mu bwato umuryango ucuguruye! Noneho ubu kabaye!

Amazi abandanya kuba menshi. Aguma acuncubuka mu kirere imisi 40 n’amajoro 40. Aba umurengera gushika aho amira imisozi, bidatevye arengera n’imisozi miremire cane. Nk’uko Imana yari yabivuze, abantu n’ibikōko bitāri mu bwato vyose birapfa. Ariko icari cinjiye cose cari mu mahoro.

Nowa n’abahungu biwe bari bāgize neza babāza ubwo bwato. Amazi yarabuterura, na bwo bukareremba hejuru kuri yo. Imvura imaze guhita, izuba rica riraka. Ee, igitangaza! Hāri ikiyaga kimwe gikwiye hose. Ubwato gusa ni bwo bwaboneka buriko bureremba ku mazi.

Bwa bwato buriko bureremba ku mazi

Vya bihangange birapfa. Ntivyasubiye kugirira nabi abantu. Ba nyina bavyo hamwe n’abandi bantu babi bose barapfa. Ba se bo bite?

Ntibari abantu basanzwe nk’uku kwacu. Bari abamarayika būrurutse baza kuba kw isi nk’abantu. Igihe iyo segenya yatera ntibapfuye nk’abandi bantu. Biyambuye umubiri nk’uw’abantu bari biyambitse, basubira mw ijuru ari abamarayika. Ariko Imana ntiyabaretse ngo babandanye kubana n’abamarayika bayo. Baca rero baba abamarayika ba Shetani. Bibiliya ibita abadayimoni (amashetani).

Hanyuma Imana izana umuyaga mwinshi, amazi y’isegenya atangura kugabanuka. Hashize amezi atanu, ubwato bwicara mu mpinga y’umusozi. Iyindi misi myinshi iheze, abari mu bwato barāba hanze, babona amasonga y’imisozi. Amazi abandanya kugabanuka.

Nowa arekura igikona kiva mu bwato. Caraguruka kikagaruka, kubera ko kitagira aho kigwa. Kibandanya kugira gutyo. Ico gihe caza kiragaruka, cagwa hejuru ku bwato.

Inuma

Nowa yashaka kumenya ko amazi yakamye, munyuma arekura inuma iva mu bwato. Na yo nyene iragaruka, kubera ko itaronse aho igwa. Nowa arayirekura kandi, igaruka ifise akababi k’umwelayo mu kanwa, aca aramenya ko amazi yagabanutse. Arayirekura ubugira gatatu, irateba iraronka ahūmutse yoshobora kuba.

Imana ica ibwira Nowa iti: ‘Sohoka mu bwato, usohokane n’abawe bose hamwe n’ibikōko.’ Bari barengeje umwaka wose bari mu bwato. Turashobora kwiyumvīra ukuntu banezerewe igihe bāsubīra kubona hanze, kandi bakaba batapfuye!

Itanguriro 7:10-24; 8:1-17; 1 Petero 3:19, 20.



Ibibazo

  • Ni kubera iki ata n’umwe yari kwinjira mu bwato imvura imaze gutangura kugwa?
  • Yehova yagwishije imvura imisi ingahe n’amajoro angahe, kandi amazi yagarukiye hehe?
  • Ni ibiki vyashikiye ubwato amazi atanguye kurengera isi?
  • Vya bihangange vyoba vyararokotse Umwuzure? Ba se b’ivyo bihangange bobo vyabagendeye gute?
  • Ubwato bwagize iki inyuma y’amezi atanu?
  • Ni kubera iki Nowa yarekuye igikona kikava mu bwato?
  • Nowa yamenye gute ko amazi yakamye kw’isi?
  • Imana yabwiye iki Nowa inyuma y’aho we n’umuryango wiwe bamariye kuva mu bwato bari bamazemwo umwaka urenga?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 7:10-24.

    Ubuzima bwo kw’isi bwaherengetejwe ku rugero rungana iki (Ita. 7:23)?

    Vyafashe igihe kingana iki kugira ngo amazi y’Umwuzure akame (Ita. 7:24)?

  • Soma Itanguriro 8:1-17.

    Mw’Itanguriro 8:17 herekana gute ko umugambi Yehova yari afitiye isi mu ntango utahindutse (Ita. 1:22)?

  • Soma 1 Petero 3:19, 20.

    Igihe ba bamarayika b’abagarariji basubira mw’ijuru, baciriwe uruhe rubanza (Yuda 6)?

    Inkuru ya Nowa n’umuryango wiwe ikomeza gute ukwizigira dufise yuko Yehova ashoboye kurokora abasavyi biwe (2 Pet. 2:9)?

Raba n'ibindi

Nowa yagendana n’Imana

Nowa aratubera akarorero mu kuntu yagaragaje ukwizera kutanyiganyiga mw’isi yari yuzuye ububisha y’imbere ya wa Mwuzure. Raba ingene ibikorwa vyiwe bitugirira akamaro muri iki gihe.

Nowa “yagendana n’Imana y’ukuri”

Ni ingorane izihe zashikiye Nowa n’umukenyezi wiwe mu kurera abana babo? Berekanye gute ko bafise ukwizera mu kwubaka ubwato?