Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 1: Imana Itangura Kurema

Inkuru ya 1: Imana Itangura Kurema

IBINTU vyiza vyose dufise vyāvuye ku Mana. Yaremye izuba kugira rituboneshereze ku murango, ukwezi n’inyenyeri ngo vyake mw ijoro. Kandi Imana yaremye isi kugira tuyibeko.

Ariko izuba, ukwezi, inyenyeri n’isi si vyo vyari ibiremwa vya mbere Imana yaremye. Urazi ivyo yatanguriyeko? Imana yatanguye kurema abantu basa na yo nyene. Ntidushobora kubabona nk’uko tudashobora kubona Imana. Abo bantu Bibiliya ibita abamarayika. Imana yabaremye ngo babane na yo mw ijuru.

Umumarayika wa mbere Imana yaremye yari atandukanye rwose n’abandi. Yari Umwana wayo w’imfura. Yarafashije Se ibikorwa. Yarafashije Imana kurema ibindi bintu vyose. Yarayifashije kurema izuba, ukwezi, inyenyeri hamwe n’iyi si nyene tubako.

Ico gihe isi yari imeze ite? Nta n’umwe yoshoboye kuyibako. Nta kintu cari kuri yo atari ikiyaga kinini cari gikwiye hose. Ariko Imana yashaka ko abantu bayibako. Itangura rero kuyidutegurira. Yabigenjeje ite?

Ubwa mbere na mbere isi yari ikeneye umuco. Imana ica ituma umuco w’izuba uyakirako. Yabigize ityo kugira ngo habe ijoro n’umurango. Hanyuma ituma ahūmutse haseruka mu kiyaga.

Mu ntango nta na kimwe caba aho hantu. Hāsa n’iki gishushanyo ubona ngaha. Nta mashurwe, nta biti, nta bikōko vyariho. N’ifi nyene mu kiyaga nta n’imwe yariho. Imana yari ifise akazi kanini ko kuyitegura kugira ngo ibe ahantu abantu n’ibikōko bishobora kuba.

Yeremiya 10:12; Ab’i Kolosayi 1:15-17; Itanguriro 1:1-10

Ahantu ata kintu na kimwe kihaba


Ibibazo

  • Ibintu vyiza vyose vyavuye hehe? None wotanga akarorero?
  • Imana yatanguye kurema iki?
  • Ni kubera iki umumarayika wa mbere yari atandukanye n’abandi?
  • Dondora ukuntu isi yari imeze mu ntango. (Raba ishusho.)
  • Imana yatanguye gute gutegura isi kugira ngo ishobore kubako ibikoko n’abantu?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yeremiya 10:12.

    Ni kamere izihe z’Imana zibonekera ku vyo yaremye (Yes. 40:26; Rom. 11:33)?

  • Soma Ab’i Kolosayi 1:15-17.

    Yezu yagize uruhe ruhara mw’irema, kandi ivyo bikwiye gutuma tumubona gute (Kol. 1:15-17)?

  • Soma Itanguriro 1:1-10.

    Isi yavuye hehe (Ita. 1:1)?

    Habaye iki ku musi wa mbere w’irema (Ita. 1:3-5)?

    Dondora ivyabaye ku musi w’irema ugira kabiri (Ita. 1:7, 8).