Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 9: Nowa Abāza Ubwato

Inkuru ya 9: Nowa Abāza Ubwato
Abantu bariko batwenga Nowa

NOWA yari afise umugore n’abahungu batatu. Amazina y’abo bahungu biwe ni Shemu, Hamu na Yafeti. Abo bahungu bose bari bafise abagore. Mu rugo kwa Nowa rero haba abantu umunani.

Imana itegeka Nowa kugira ikintu gishasha. Imubwira ngo abāze ubwato bunini cane. Ubwo bwato bwangana n’imeri, ariko bukamera nk’igisandugu kinini. Iti ‘ubucemwo amagorofa atatu, kandi ubucemwo n’ivyumba.’ Ivyo vyumba vyari ivya Nowa n’abiwe, ibikōko hamwe n’ivyokurya.

Imana ibwira kandi Nowa ko ubwo bwato abuhomesha uburembo, kugira ngo amazi ntabwinjiremwo. Iti ‘ngiye kugwisha imvura y’isegenya itikize isi yose. Ico cose kitazoba kiri mu bwato kizopfa.’

Nowa n’abahungu biwe bumvira Imana batangura kububāza. Abandi bantu bo bāritwengera. Babandanya gukora ibibi. Igihe Nowa yababwira ivyo Imana yimirije kugira, nta n’umwe yavyemera.

Umuryango wa Nowa uriko winjiza ibikoko n’ibifungurwa mu bwato

Kubāza ubwo bwato vyafashe igihe kirekire, kubera ko bwari bunini cane. Hashize imyaka myinshi, barateba barabwuzuza. Imana ibwira Nowa ngo yinjize ibikōko, bibiri bibiri vyo mu moko amwe amwe; ikigabo n’ikigore. Ivyo mu yandi moko na vyo, ngo yinjize indwi indwi. Imubwira kandi ko yinjiza inyoni z’amoko yose. Nowa araheza akora ivyo Imana yavuze.

Munyuma, Nowa n’abiwe na bo barinjira. Imana ica irugara umuryango, barindirira mu bwato. Iyumvire nawe iyo uba wari kumwe na bo urindiriye. Isegenya yoje nk’uko Imana yari yabivuze?

Itanguriro 6:9-22; 7:1-9



Ibibazo

  • Umuryango wa Nowa wari ugizwe n’abantu bangahe, kandi abahungu biwe batatu bari bande?
  • Ni ikintu kidasanzwe ikihe Imana yasavye Nowa gukora, kandi kubera iki?
  • Ababanyi ba Nowa bavyakiriye gute igihe yababwira ivy’ubwato?
  • Imana yabwiye Nowa ngo agirire iki ibikoko?
  • Imana imaze kwugara urugi rw’ubwato, Nowa n’umuryango wiwe babwirijwe kugira iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Itanguriro 6:9-22.

    Ni igiki catumye Nowa aba umuntu asenga Imana y’ukuri adasanzwe (Ita. 6:9, 22)?

    Yehova abona gute ubukazi, kandi ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku buryo bwo kwinezereza duhitamwo (Ita. 6:11, 12; Zab. 11:5)?

    Twokwigana Nowa gute igihe duhawe ubuyobozi biciye kw’ishirahamwe rya Yehova (Ita. 6:22; 1 Yoh. 5:3)?

  • Soma Itanguriro 7:1-9.

    Kuba Yehova yafata umuntu w’umunyagasembwa nka Nowa ko ari umugororotsi, bituremesha gute muri iki gihe (Ita. 7:1; Imig. 10:16; Yes. 26:7)?