Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

Woba wovuga ko ari . . .

  • ikintu kiri mu mutima wawe?

  • imvugo y’ikigereranyo?

  • intwaro iri mw’ijuru?

 IVYO BIBILIYA IVUGA

“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa.”Daniyeli 2:44, Bibiliya y’isi nshasha.

“Hari umuhungu duhawe; ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe.”Yesaya 9:6.

ICO VYOKUMARIRA

 TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:

  • Yezu yarerekanye ivyo Ubwami bw’Imana buzokora. Yezu yarigishije abayoboke biwe gusenga basaba ngo Ubwami bw’Imana buze be n’uko ivyo Imana igomba vyokorwa kw’isi. (Matayo 6:9, 10) Yezu yarerekanye ukuntu iryo sengesho rizokwishurwa.

    Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yaragaburiye abashonje, arakiza abarwaye yongera arazura abapfuye! (Matayo 15:29-38; Yohani 11:38-44) Kubera ko Yezu ari we azoba Umutware mu Bwami bw’Imana, yarerekanye ibintu vyiza cane ubwo Bwami buzokorera abatwarwa babwo.Ivyahishuwe 11:15.

  • Ukuntu ibintu mw’isi vyifashe ni icemeza ko Ubwami bw’Imana bugiye kuza vuba. Yezu yaravuze ko imbere gatoyi y’uko ubwo Bwami buzana amahoro kw’isi, iyi si yacu yobayemwo urutavanako rw’intambara, inzara na vya nyamugigima.Matayo 24:3, 7.

    Ivyo turabibona koko muri iki gihe. Rero turakwiye kwizigira tudakeka ko Ubwami bw’Imana vuba bugiye gukuraho izo ngorane zose.

 ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Ubuzima buzoba bumeze gute mu gihe c’ingoma y’Ubwami bw’Imana?

Bibiliya irishura ico kibazo muri ZABURI 37:29 no muri YESAYA 65:21-23.

Raba n'ibindi

Amahoro azoza kw’isi gute?

Numenye ukuntu Imana yasezeranye kuzana amahoro kw’isi biciye ku Bwami bwayo.

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Bibiliya irasigura igituma Imana yaremye isi, igihe imibabaro izoherera, be n’ukuntu isi n’abayibako bizobagendera muri kazoza.