Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI No 1 2017

 IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO

Wokora iki ngo birushirize kukuryohera?

Wokora iki ngo birushirize kukuryohera?

Gusoma Bibiliya ubibona gute? Vyoba bikurambira, canke birakuryohera? Ahanini bivana n’ukuntu uyisoma. Reka turimbure ivyo wokora kugira ngo urushirize kugira akayabagu ko kuyisoma.

Nuhitemwo Bibiliya yizigirwa kandi ikoresha imvugo ya none. Igihe igisomwa kirimwo amajambo menshi agoye gutahura canke yataye igihe, usanga kitakuryohera gusoma. Nurondere rero Bibiliya ikoresha imvugo yoroshe gutahura kandi ishobora kugukora ku mutima. Ariko rero, ikwiye kuba ihinduwe neza kandi itagiramwo amakosa. *

Nukoreshe ubuhinga bwa none. Muri iki gihe Bibiliya ntiboneka mu mpapuro gusa, mugabo iraboneka no mu buhinga bwa none. Umuntu arashobora gusoma Bibiliya zimwezimwe kuri internet, canke akazivoma kugira ngo azisomere kuri orodinateri, mu kuma kitwa tablette canke kuri telefone. Hariho Bibiliya usanga zirimwo n’imice ituma umuntu anyaruka gutora iyindi mirongo ijanye n’ivyo aba ariko arasoma, canke mbere imufasha kuraba umurongo kanaka muri Bibiliya zitandukanye. Nimba udashima gusoma mugabo ugashima kwumviriza, urashobora kuronka Bibiliya yafashwe amajwi mu ndimi zimwezimwe. Abenshi usanga bakunda ivyo bumviriza igihe baba bipakije, bariko baramesa, canke bariko barakora ikindi gikorwa gituma boroherwa no kwumviriza. Ubona gute none ugerageje uburyo bwokworohera?

 Nukoreshe ibintu bifasha kwiga Bibiliya. Bibiliya irimwo ibintu bishobora gutuma urushiriza gutahura ivyo usoma. Hariho ibicapo vyerekana ibihugu bivugwa muri Bibiliya, bikaba bifasha kumenya aho uturere tuvugwa muri Bibiliya duherereye, ugaca umengo wahishikiye. Hariho n’ibiganiro bishobora kugufasha gutahura ibice vyinshi vyo muri Bibiliya. Aho twovuga nk’ibiganiro bisohorwa muri iki kinyamakuru canke ku rubuga rwa jw.org, mu gice kivuga ngo “Inyigisho zo muri Bibiliya.”

Nuhindagure uburyo ukoresha. Nimba utinya gusoma Bibiliya kuva ku ntango gushika ku mpera, ubona gute uhereye ku gice kikuryohera cane? Nimba wipfuza kumenya ibijanye n’abantu bavugwa cane muri Bibiliya, woca rero usoma inkuru ziberekeye. Raba uburyo wokwisunga, mu ruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro ruvuga ngo “ Nucukure muri Bibiliya umenye abavugwamwo.” Canke na ho wohitamwo gusoma Bibiliya wisunze inkuru wipfuza, canke wisunze ingene ibintu vyagiye birakurikirana. Ubona gute ugerageje bumwe muri ubwo buryo?

^ ing. 4 Abantu benshi basanze Bibiliya y’isi nshasha itagiramwo amakosa, ari iyo kwizigirwa kandi yoroshe gusoma. Iyo Bibiliya yasohowe n’Ivyabona vya Yehova, iraboneka mu ndimi zirenga 130. Urashobora kuyivoma ku rubuga rwa jw.org canke kuri porogarama yitwa JW Library. Canke na ho nimba uvyipfuza, Ivyabona vya Yehova barashobora kuyikuzanira i muhira.

Raba n'ibindi

Bibiliya y’isi nshasha yoba itagiramwo amakosa?

Kubera iki Bibiliya y’isi nshasha itandukanye n’izindi Bibiliya nyinshi?