Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI No 1 2017

 IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO

Bibiliya yomarira iki mu buzima?

Bibiliya yomarira iki mu buzima?

Bibiliya ni igitabu kidasanzwe. Irimwo impanuro ziva ku Muremyi wacu. (2 Timoteyo 3:16) Ibivugwa muri yo birashobora guhindura cane ubuzima bwacu. Nkako, Bibiliya ivuga iti: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” (Abaheburayo 4:12) Bibiliya irafise ububasha bwo guhindura ubuzima bwacu mu mice ibiri ihambaye: iraduha impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose ikongera ikadufasha kumenya Imana n’imigambi yayo.1 Timoteyo 4:8; Yakobo 4:8.

Iraduha impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose. Bibiliya irashobora kugufasha mu bintu bikwĕga ku giti cawe. Iratanga impanuro nziza mu bijanye no

Umugabo n’umugore bakiri bato bo muri Aziya, bariboneye ko impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro cane. Cokimwe n’abandi benshi bamaze igihe gito bubakanye, umwe wese muri bo yaragize ingorane yo kwihanganira imico y’uwundi hamwe no kuyaga badahishanya. Mugabo rero baratanguye gushira mu ngiro ivyo basoma muri Bibiliya. None vyavuyemwo iki? Umugabo, ari we Vicent, avuga ati: “Ivyo nasomye muri Bibiliya vyaramfashije gutorera umuti ingorane zo mu rugo, mu buryo burangwa urukundo. Kwisunga Bibiliya vyaratumye tugira ubuzima buhimbaye.” Umugore wiwe Annalou na we nyene aravyemeza. Avuga ati: “Gusoma uburorero bwo muri Bibiliya vyaradufashije. Ubu ndahimbarirwa umubano wacu be n’imigambi dufise mu buzima.”

Iradufasha kumenya Imana. Uretse ivyo Vicent avuga ku bijanye n’umubano, avuga kandi ati: “Gusoma Bibiliya bituma numva ko niyegereje Yehova kuruta uko nahora.” Ivyo Vicent yavuze bishimika kuri iki kintu gihambaye: Bibiliya irashobora kugufasha kumenya Imana. Niwamenya Imana, uzokwungukira ku mpanuro itanga wongere umenye ko ishobora kukubera umugenzi. Vyongeye, uzobona ko itubwira ivyerekeye kazoza keza, igihe tuzobaho dufise “ubuzima nyakuri,” ni ukuvuga ubuzima budahera. (1 Timoteyo 6:19) Nta kindi gitabu cokubwira ibintu nk’ivyo.

Hamwe wotangura gusoma Bibiliya kandi ukumirako, na wewe woshobora kubaho uhimbawe kandi ukamenya Imana. Ariko rero, igihe usoma Bibiliya, vyoshika ukibaza ibibazo bitari bike. Nivyashika, uribuka ivyashikiye umutegetsi umwe w’Umunyetiyopiya, ubu hakaba haciye imyaka 2.000 abayeho. Yaribaza ibibazo vyinshi ku bijanye na Bibiliya. Igihe Filipo yamubaza nimba atahura ivyo yariko arasoma, yishuye ati: “Mu vy’ukuri, noshobora gute kubitahura hatagize uwundongōra?” * Yaciye yemera gufashwa n’umuntu yakora igikorwa co kwigisha Bibiliya, akaba yari Filipo umwigishwa wa Yezu. (Ivyakozwe 8:30, 31, 34) Nimba nawe wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye na Bibiliya, turagusavye ubisabe uciye ku rubuga www.jw.org canke ubisabe ukoresheje aderese ikwegereye ku ziri ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru. Urashobora no kwitura Ivyabona vya Yehova bakwegereye, canke ukaja ku Ngoro y’Ubwami iri hafi yanyu. Ubona gute none utanguye gusoma Bibiliya ubu nyene, maze ukareka ikakwerekeza ku buzima bwiza kuruta?

Nimba ukekeranya ko Bibiliya ari iyo kwizigirwa, turakwinginze urabe akavidewo kavuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? Urashobora gushikira ako kavidewo mu kuja kuri jw.org, maze ugafyonda akamenyetso ko kurondeza hanyuma ugaca wandikamwo izina ry’ako kavidewo

^ ing. 8 Ushaka kumenya izindi mpanuro ngirakamaro Bibiliya itanga, nuje ku rubuga rwacu jw.org. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.

^ ing. 11 Raba kandi muri iki kinyamakuru, ikiganiro kivuga ngo “Kwoba ari ukwihenda gusanzwe?

Raba n'ibindi

Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

Yezu yarasiguye igituma dukeneye ubuyobozi be n’ingingo ngenderwako zibiri zo muri Bibiliya zihambaye cane.

Ni ibiki vyogufasha gutahura Bibiliya?

Aho woba warakuriye hose, urashobora gutahura ubutumwa bw’Imana buri muri Bibiliya.

Woba wumva ko Imana ari umugenzi wawe?

Abantu benshi bo hirya no hino kw’isi, baremera badakeka ko Imana ibafata nk’abagenzi bayo.

Imana yoba ifise izina?

Imana irafise amazina menshi y’icubahiro. Amwamwe muri yo ni Mushoboravyose, Umuremyi, hamwe n’Umukama. Ariko izina ry’uruharo ry’Imana rikoreshwa incuro zirenga 7000 muri Bibiliya.