Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NDAMUKIZA 2015

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Umugabisha w’abasoda ijana yari ajejwe iki mu gisoda c’Abaroma?

Igishusho c’umugabisha w’abasoda ijana yitwa Marcus Favonius Facilis

Ivyanditswe vy’ikigiriki (ibikunze kwitwa Isezerano rishasha) biravuga akatari gake ibijanye n’abagabisha b’abasoda ijana b’Abaroma. Intwazangabo yari ihagarikiye iyicwa rya Yezu yari ifise iryo pete, cokimwe na Koruneliyo wa mugabo wa mbere atari Umuyuda yabaye umukirisu. Intwazangabo yari guhagarikira ishishagurwa ry’intumwa Paulo be na Yuliyo uwagiye acungereye Paulo gushika i Roma, na bo nyene bari bafise iryo pete.Mariko 15:39; Ivyakozwe 10:1; 22:25; 27:1, Bibiliya Yera.

Mu bisanzwe, umugabisha w’abasoda ijana yategeka abasoda barwanira hasi bari hagati ya 50 na 100. Mu bikorwa yari ajejwe harimwo kubamenyereza no kubigisha gukurikiza amategeko, kuraba uko impuzu zabo n’ibirwanisho vyabo bimeze, no kubaha amategeko igihe baba bariko bitegurira urugamba.

Ipete ry’umugabisha w’abasoda ijana ryari ryo pete ryo hejuru cane umusoda asanzwe yashobora gushikira. Iryo pete ryaronka abasoda babizobereye bashoboye kuba intwazangabo nziza. Urutonde rw’igisoda c’Abaroma n’ububangutsi bwaco babikesha izo ntwazangabo. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, abo bagabisha b’abasoda ijana “ni bo kenshi wasanga bazi utuntu n’utundi kandi bazi neza akazi bajejwe.”

Ivyirore vya kera vyari bitandukaniye he n’ivy’ubu?

Icirore co mu misiri ha kera

Ivyirore vy’ubu usanga bikozwe mu kiyo, mugabo ivya kera vyovyo wasanga bikozwe mu butare busenye neza. Kenshi vyaba bikozwe mu mujumpu uvanze. Mugabo bashobora kuba barabikora no mu mujumpu utavanze, mw’ifeza, mu nzahabu canke mu ruvange rw’ifeza n’inzahabu. Ahantu ha mbere muri Bibiliya havugwa ibijanye n’ivyirore ni mu nkuru ijanye n’iyubakwa ry’itaberenakulo, ikibanza nyamukuru Abisirayeli batanguye gusengeramwo. Abagore baraterereye ivyirore kugira ngo hakorwe ikibesani c’umujumpu be n’igitereko caco. (Kuvayo 38:8) Biboneka ko vyabaye ngombwa ko biyonzwa kugira ngo bishobore gukoreshwa muri ico gikorwa.

Ivyirore vyubuwe mu bintu vyacukuwe muri Isirayeli ya kera no hafi yaho, kenshi vyaba biri kumwe n’udusharizo abagore bambara. Vyinshi muri ivyo vyirore wasanga ari umuzingi, bikagira n’ikirindi c’imbaho, c’icuma canke co mu masenge y’inzovu. Kenshi ico kirindi wasanga gisharije, gifise ishusho y’umugore. Uruhande rw’icirore rudasenye rworwo ntibakunda kurushariza.

Ivyirore vya kera wasanga bitabona neza ubigereranije n’ivy’ubu bikozwe mu kiyo. Bishobora kuba ari vyo vyatumye intumwa Paulo avuga ati: “Ubu tubona ivyijiji mu cirore c’icuma.”1 Abakorinto 13:12.