Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NDAMUKIZA 2015

 BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Ibibazo bitatu vyarahinduye ubuzima bwanje

Ibibazo bitatu vyarahinduye ubuzima bwanje
  • YAVUTSE MU 1949

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

  • KAHISE: YARIPFUZA UBUZIMA BUFISE INTUMBERO

KAHISE KANJE:

Nakuriye i Ancram, agasagara gatoyi k’amaja mu buraruko bwa New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ako gasagara kari kagizwe canecane n’aborozi. Mbere inka ni zo zari nyinshi kuruta abantu.

Umuryango wacu waja gusenga mw’idini rimwe rudende ryaharangwa. Ku wa mungu mu gitondo, sokuru yaransigira neza ibirato, ngaca nja mu misa y’abana ntwaye akabibiliya kera nyokuru yari yarampaye. Twe n’abo tuvukana twarigishwa gukunda ibikorwa, kwubaha abandi, kubafasha no gukenguruka ivyo dufise.

Maze gukura, naragiye kuba ahandi, ndaba umwarimu. Naribaza ibibazo vyinshi vyerekeye Imana n’ubuzima. Bamwe mu banyeshure nigisha bari baciye ubwenge cane. Abandi ntibari baciye ubwenge cane, ariko baragerageza gukora rwose. Hari abari bafise ubumuga, n’abandi bari bakomeye. Nabona umengo harimwo akarenganyo. Nk’akarorero, hari igihe abavyeyi b’abanyeshure bafise ingorane bambwira bati: “Erega ni ko Imana yashatse ko umwana wanje amera!” Naribaza igituma Imana yoreka abana bakavukana ubumuga kandi ata kibi bakoze.

Naribaza kandi nti: ‘Nokora iki kugira ngo ubuzima bwanje bugire intumbero?’ Nabona umengo ubuzima buriko buranjana. Nari nakuriye mu muryango mwiza, niga ku mashure mezameza, nkaba nakora n’akazi nkunda. Mugabo mu bindi nabona umengo ubuzima bwanje nta ntumbero bufise. Narizigira yuko bingendeye neza nokwubatse urwanje, nkaronka ibibondo, nkaba mu nzu nziza, nkabandanya nkora gushika nkukurutse, amaherezo nkaja kuba mu kigo c’abageze mu zabukuru. Naribaza nti: ‘None ubuzima ni ivyo gusa?’

KUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Igihe kimwe mu ci, twe n’abandi barimu twaragiye gutembera mu bihugu vy’i Buraya. Twaragiye kuraba urusengero rukomeye rwitwa Abbaye de Westminster n’urwitwa Notre-Dame de Paris, turaja n’i Vatikano, eka no mu nsengero nyinshi ntonto.  Aho naja hose, nagenda ndabaza ibibazo nari mfise. Maze gutaha i Sloatsburg muri New York, naragiye mu nsengero zitari nke. Ariko nta n’umwe yashoboye kwishura neza ibibazo vyanje.

Umusi umwe, umunyeshure w’imyaka 12 yaranyegereye ambaza ibibazo bitatu. Ubwa mbere, yambajije nimba nari nzi ko ari Icabona ca Yehova. Namwishuye nti: ‘Ego.’ Ubwa kabiri, yambajije nimba noshima kumenya vyinshi ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova. Nasubiye kumwishura nti: ‘Ego.’ Ubwa gatatu, yambajije aho mba. Ndahamubwiye, twasanze turi ababanyi kuko naba kw’ikorosi ry’ibarabara ryabo. Sinari nzi ko ivyo bibazo bitatu nabajijwe n’umwana vyohinduye ubuzima bwanje.

Haciye imisi mike, yarafashe ikinga ryiwe araza muhira, atangura kunyigisha Bibiliya. Naramubajije vya bibazo nyene nari narabajije abakuru b’amadini benshi. Ariko wewe yaranyishuye mu buryo butomoye kandi bujijura akoresheje Bibiliya yanje, ampa inyishu ntari bwigere numva!

Ivyo nize muri Bibiliya vyaranshitse ku nyota, biranezera cane. Narakozwe ku mutima igihe nasoma muri 1 Yohani 5:19, ahavuga ngo: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” Narahumurijwe igihe natahura ko Imana atari yo ituma dushikirwa n’imibabaro ahubwo ko ari Shetani, be n’uko Imana igiye kuzokuraho imibabaro. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Nasanze Bibiliya yumvikana igihe isiguwe neza. Naho nigishwa n’akigeme k’imyaka 12, nta co vyari bintwaye. Nakare ukuri kuvuga uwukuzi, ntikuvuga uwukuze.

Ariko rero, nashaka kumenya nimba Ivyabona vya Yehova bakora ivyo bigisha. Nk’akarorero, uwo mwana yarashimika cane ku vy’uko abakirisu b’ukuri bagaragaza kamere nziza nk’ukwihangana n’ubuntu. (Abagalatiya 5:22, 23) Nafashe ingingo yo kuzomugeza kugira ndabe ko ubwiwe abishira mu ngiro. Umusi umwe, naracerewe n’ibigirankana kw’isango ryo kwiga. Naribajije nti: ‘Ubwo araza kundindira? Niyandindira na ho, sinza gusanga yanshavuriye?’ Ndiko ndaza mu muduga wanje, namubonye ahagaze imbere y’umuryango wanje. Nshitse, yaciye aza ariruka ku muduga ambwira ati: “Erega nagira nje kubwira mawe ngo tubaze ku bitaro, dutabaze n’abapolisi kugira tumenye ko utoba wagize ingorane, kuko nzi yuko utigera uta isango. Emwe, nari nagize ubwoba!”

Ikindi gihe, namubajije ikibazo nabona ko umwana w’imyaka 12 atoshobora kwishura. Nagomba ndabe ko aca ambwira ivyo yikuriye mu mutwe. Ndakimubajije, yaciye andaba mu maso ata gutwenga, ambwira ati: “Ico kibazo kiragoye. Reka ndacandike nze mbaze abavyeyi banje.” Erega dusubiye kubonana, yaje azanye ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi carimwo inyishu y’ikibazo canje! Icatumye rero nkunda Ivyabona vya Yehova ni uko ibitabu vyabo vyampa inyishu zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo vyanje vyose. Narabandanije kwigana Bibiliya n’uwo mwana, maze inyuma y’umwaka ndabatizwa mba Icabona ca Yehova. *

IVYIZA NAHAKUYE:

Igihe naronka inyishu z’ibibazo nibaza, naripfuje kuzibwira abandi. (Matayo 12:35)Mu ntango, abo mu muryango bararwanije ukwemera kwanje gushasha. Ariko mu nyuma ntibabaye bakindwanya cane. Igihe mawe yari ageze mu zabukuru, yaratanguye kwiga Bibiliya. Naho yapfuye atarabatizwa, ndazi neza ko yari amaze gufata ingingo yo gukorera Yehova.

Mu 1978, narubakanye n’Icabona ca Yehova yitwa Elias Kazan. Mu 1981, twe na Elias twaratumweko ngo tuje kuba mu bagize umuryango wa Beteli wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. * Ariko ikibabaje ni uko tuhamaze imyaka ine gusa, Elias yaciye apfa. Naho nari mpfakaye, nashimye kuguma muri Beteli kubera ko kuhakorera vyanyibagiza umubabaro nari mfise, bikanampoza.

Mu 2006, narubakanye na Richard Eldred, akaba na we nyene yari uwo mu muryango wa Beteli. Gushika ubu turacakorera muri Beteli. Kuba naramenye ukuri kwerekeye Imana, vyatumye ndonka inyishu z’ibibazo nari maze igihe nibaza, bituma kandi ubuzima bwanje bugira intumbero vy’ukuri. Ivyo vyose ndabikesha ibibazo bitatu akigeme kamwe kambajije.

^ ing. 16 Uwo mwana na bakuruwe barafashije abigisha babo batanu kwiga Bibiliya maze baratangura gukorera Yehova.

^ ing. 18 “Beteli” ni izina Ivyabona vya Yehova bita ibiro vyabo biri hirya no hino kw’isi. Risobanura ngo “Inzu y’Imana.” (Itanguriro 28:17, 19, akajambo k’epfo) Abagize umuryango wa Beteli barangura ibikorwa bitandukanye bishigikira igikorwa c’Ivyabona vya Yehova co kwigisha abantu Bibiliya.

Raba n'ibindi

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Woba uribaza uti: ‘Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’ Numenye ukuntu Bibiliya yishura ico kibazo.