Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI RUHUHUMA 2015

 NIWIGANE UKWIZERA KWABO | YOZEFU

“None ugusobanura si ukw’Imana?”

“None ugusobanura si ukw’Imana?”

YOZEFU ariko araca muri koridoro irimwo umwiza, yiyuha icuya kubera akazi katoroshe ariko arakora mu bushuhe bwinshi. Izuba rikaze ryo mu Misiri rituma ibohero arimwo rishuha nk’itanure. Aho mw’ibohero yamaze kuhamenyera cane. Hamaze kuba nk’i muhira. Ni ivy’ukuri ko imbohe zimwubaha cane. Ariko na we nyene ni imbohe.

Bitegerezwa kuba bishika kenshi akibuka ingene yari abayeho mu mirambi iriko ibitandara y’i Heburoni, aho yaragira imikuku ya se. Yari afise nk’imyaka 17 igihe se Yakobo yamurungika mu rugendo rw’ibilometero bitari bike. Uwo mwidegemvyo yari afise usigaye ari nk’umugani kuri we. Ishari bene wabo bari bamufitiye ryatumye bamwanka urunuka maze baramugurisha aba umushumba. Yozefu yamanukanywe mu Misiri, atangura gukorera mu rugo rw’umutegetsi wo mu Misiri yitwa Potifari. Potifari yarizigira cane Yozefu gushika umusi umugore wa Potifari yamwagiriza yuko yagomba amufate ku nguvu, bica bituma atabwa mw’ibohero. *Itanguriro ikigabane ca 37 n’ica 39.

Ubu Yozefu afise imyaka 28, hakaba haciye nk’imyaka cumi ari umushumba n’imbohe. Muri make, ubuzima arimwo si bwo yaziga. Yoba azoteba akarekurwa? Yoba azoteba agasubira kubonana na se ageze mu zabukuru canke kubonana na murumunawe akunda cane Benyamini? Azoguma muri ukwo kuzimu gushika ryari?

Woba urigera wiyumva nk’ukwo kwa Yozefu? Mu buzima, buraca bugacana ayandi. Rimwe na rimwe ibintu ntibigenda nk’uko twavyiyumvira tukiri bato. Hari igihe dushikirwa n’ingorane zisa n’izidahera, ntitubone ingene twozivamwo canke ingene twozihanganira. Reka turabe ico ukwizera kwa Yozefu gushobora kutwigisha.

“YEHOVA AGUMANA NA YOZEFU”

Yozefu yari azi ko Imana yiwe Yehova iguma imubona kandi ivyo bitegerezwa kuba vyaramufashije kwihangana. Naho nyene Yozefu yari apfungiwe mu gihugu atavukiyemwo, Yehova yararonse ivyo afatirako kugira amuhezagire. Dusoma duti: “Yehova agumana na Yozefu kandi aguma amugirira ubuntu bwuzuye urukundo, yongera amuha kugira ubutoni mu maso y’umukozi mukuru w’inzu y’ibohero.” (Itanguriro 39:21-23) Kubera ko Yozefu yagumye ari umunyamwete, vyatumye Imana ironka akaryo ko kumuhezagira. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyaramusubirije umutima mu nda kumenya ko Yehova yama ari kumwe na we!

Yehova yoba yashaka ko Yozefu avundira mw’ibohero? Yozefu nta vyo yari azi. Abwirizwa kuba yarabitura Imana mw’isengesho. Nk’uko Imana ikunze kubigenza, yishuye Yozefu mu buryo atari yiteze na gato. Umusi umwe, imbohe zaraguye mu gahundwe zibonye haje izindi mbohe zibiri mw’ibohero. Bari abakozi bo ku kirimba kwa Farawo. Umwe yari umukuru w’abakora igikorwa co kwotsa imikate, uwundi na we yari umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami.Itanguriro 40:1-3.

Abo bagabo babiri bahoze ari abantu bakomeye, umukuru w’abarinzi b’ibohero yabajeje Yozefu. *  Umusi umwe bararose indoto zikomeye kandi zigoye gutahura. Igihe Yozefu yabitegereza mu gitondo, yarabonye ko hari ikitagenda neza. Yaciye ababaza ati: “Kubera iki mwijiriwe mu maso uno musi?” (Itanguriro 40:3-7) Kuba Yozefu yarabitwararitse gutyo, bishobora kuba vyaratumye babona ko bashobora kumwiganira ibibagoye. Yamara, ntiyari azi ko ico kiyago cotumye ubuzima bwiwe buhinduka. Wumva none ico kiyago cari kuhaba iyo Yozefu atabitwararika? Ico kintu yakoze gikwiye gutuma twibaza duti: ‘Noba nerekana ko mfise ukwizera mu kwitwararika abandi?’

Yozefu yafatana iteka n’ubuntu abo bari bapfunganywe

Ba bagabo babiri baciye basigurira Yozefu ko bari bahagaritswe umutima n’indoto zikomeye kandi zigoye gutahura bari barose, bakaba bari babuze uwozibasobanurira. Abanyamisiri baremera cane indoto kandi bakizigira rwose abitwa ko bashoboye kuzisobanura. Abo bagabo ntibari bazi ko indoto barose zari zavuye kuri Yehova, Imana Yozefu yasenga. Ariko Yozefu we yari abizi. Yaciye abasubiriza umutima mu nda ati: “None ugusobanura si ukw’Imana? Ndabinginze mubinyiganire.” (Itanguriro 40:8) Ayo majambo Yozefu yavuze ari n’ico yigisha abo bose batohoza Bibiliya ata buryarya. Ese iyaba abemera Imana bose bokwicisha bugufi nka Yozefu! Turakwiye kwikuramwo ubwibone maze tukisunga Imana ngo ibe ari yo idufasha gutahura neza Ijambo ryayo.1 Abatesalonika 2:13; Yakobo 4:6.

Umwe yahereza ibinyobwa umwami ni we yatanguye kuvuga. Yabwiye Yozefu ko yabonye umuzabibu wari ufise udushami dutatu turiko imisoko y’inzabibu. Izo nzabibu zimaze gusha, uwo mugabo yaciye azikanyira mu gikombe ca Farawo. Yehova yaciye afasha Yozefu gutahura iyo ndoto. Yozefu yabwiye uwo mugabo yuko utwo dushami dutatu ari imisi itatu. Mu misi itatu, Farawo yomusubije mw’ibanga ryiwe. Uwo mugabo akamwemwe kaciye kamusya, Yozefu na we yongerako ati: “Ndakwinginze uze ungirire ubuntu bwuzuye urukundo, ubwire ivyanje Farawo.” Yaciye amusigurira yuko yanyurujwe akuwe mu gihugu c’amavukiro, mu nyuma apfungwa azira ubusa.Itanguriro 40:9-15.

Umwe yotsa imikate na we, yumvise ko mugenziwe abwiwe agakuru keza, yaciye asaba Yozefu ngo amusobanurire indoto yiwe. Wewe yabonye ibisimbo bitatu vy’imikate ku mutwe wiwe be n’inyoni ziriko zirya ibiri muri kimwe muri ivyo bisimbo. Imana yarasubiye gufasha Yozefu, aratahura iyo ndoto. Ariko iyo yo ntiyahumuriza. Yozefu yavuze ati: “Ng’iyi insobanuro yavyo: Ivyo bisimbo bitatu ni imisi itatu. Mu misi itatu uhereye ubu Farawo azoduza umutwe wawe awukuye kuri wewe,  akumanike koko ku mugogo w’igiti; ibiguruka bizorya inyama zo ku mubiri wawe.” (Itanguriro 40:16-19) Cokimwe n’abandi basavyi b’Imana b’abizigirwa bose, Yozefu yaragize umutima rugabo arashikiriza ubutumwa buvuye ku Mana, bwaba ubuhumuriza canke ubwerekeye ivyago.Yesaya 61:2.

Inyuma y’imisi itatu, ivyo Yozefu yavuze vyarabaye. Farawo yarahimbaje umusi mukuru w’ivuka ryiwe, ukaba wari umusi mukuru abasavyi b’Imana ba kera batahimbaza. Kuri uwo musi, yaraciriye urubanza ba basuku biwe babiri. Umwe yotsa imikate yarishwe nk’uko Yozefu yabivuze, umwe yahereza umwami ibinyobwa na we asubizwa mw’ibanga ryiwe. Ariko ikibabaje, uwo mugabo ntiyitwararitse Yozefu ngo amwibuke.Itanguriro 40:20-23.

“SI JEWE NKWIYE KWIYUMVIRWA!”

Imyaka ibiri yose yarahaciye. (Itanguriro 41:1) Iyumvire ukuntu Yozefu ategerezwa kuba yaravunitse umutima! Igihe Yehova yamufasha gusobanura indoto zigoye gutahura za ba bagabo babiri, ashobora kuba yaciye arushiriza kwizigira ko ibintu bigiye kugenda neza. Inyuma y’aho, Yozefu ashobora kuba yavyuka buri musi afise icizigiro c’uko aza kurekurwa, ariko akabona ubuzima bwo mw’ibohero burabandanije kwa kundi nyene. Iyo myaka ibiri ishobora kuba ari yo yagoye Yozefu kwihanganira gusumba iyindi yose. Ariko ntiyigeze areka kwizigira Imana yiwe Yehova. Aho kwihebura, yari yiyemeje kuguma yihanganye, kandi ivyo bihe bigoye vyaramukomeje gusumba.Yakobo 1:4.

Muri ibi bihe bigoye turimwo, ni nde ga yemwe adakeneye gutsimbataza ukwihangana? Kugira ngo duhangane n’ingorane zama zishika mu buzima, turakeneye ukurindirako, ukwihangana n’amahoro yo mu mutima bitangwa n’Imana gusa. Nk’uko nyene yafashije Yozefu, irashobora kudufasha kugumana icizigiro aho kwihebura.Abaroma 12:12; 15:13.

Wa mugabo yahereza ibinyobwa Farawo yaribagiye Yozefu, ariko Yehova we ntiyamwibagiye. Mw’ijoro rimwe, yaratumye Farawo arota indoto zibiri z’intibagirwa. Mu ya mbere, uwo mwami yabonye inka indwi zisa neza kandi zidoshe ziriko ziduga ziva mu Ruzi Nili, zikurikirwa n’inka indwi zisa nabi kandi zonze. Izo zonze zaciye zimira izidoshe. Mu nyuma, Farawo yabonye amahundo indwi y’intete meza ariko aduga ku gati kamwe. Ariko yaciye abona amahundo indwi asa nabi yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko, ano aca amira amwe meza. Bukeye, Farawo yavyutse ahagaritse umutima cane kubera izo ndoto, aca atumako abantu biwe b’inkerebutsi bose be n’abaherezi b’abanyamageza bose ngo bazimusobanurire. Ariko bose zabataye ku w’amazi. (Itanguriro 41:1-8) Nta wuzi ko barengewe barabura n’ico bavuga canke ko batanze insobanuro zidahuza. Uko biri kwose, Farawo yaravunitse umutima, mugabo yagumye ashashaye cane kumenya ico izo ndoto zasobanura.

Vyakabaye kera, wa mugabo ahereza umwami ibinyobwa yaributse Yozefu! Vyaramwanse mu nda, abwira Farawo ibijanye n’uwo musore adasanzwe ari mw’ibohero, hakaba hari haciye imyaka ibiri asobanuye neza ivyo we na mugenziwe bari barose. Farawo yaciye ubwo nyene atumako Yozefu mw’ibohero.Itanguriro 41:9-13.

Iyumvire ukuntu Yozefu yumvise amerewe igihe intumwa zo ku kirimba kwa Farawo zaza kumuhamagara. Yaciye ubwo nyene ahindura impuzu yongera arimosha, akaba kumbure yakuyeko umushatsi wose nk’uko Abanyamisiri bakunda kugira. Ategerezwa kuba yaratakambiye Yehova ngo amufashe muri ico kiyago yagomba agirane n’umwami! Kerakera, yari ageze ku kirimba cakaka, ahagarara imbere y’umwami. Dusoma duti: “Maze Farawo abwira Yozefu ati: ‘Narose indoto, mugabo nta wo kuyisobanura ariho. Jewe narumvise bivugwa ku bijanye nawe yuko ushobora kwumva indoto ukayisobanura.’” Inyishu Yozefu yatanze yarasubiye kwerekana ko yicisha bugufi kandi ko yizera Imana. Yishuye ati: “Si jewe nkwiye kwiyumvirwa! Imana ni yo iza kumenyesha ineza Farawo.”Itanguriro 41:14-16.

Yozefu yabwiye Farawo yicishije bugufi ati: “Si jewe nkwiye kwiyumvirwa!”

Yehova akunda abantu bicisha bugufi kandi b’abizigirwa. Ntibitangaje rero kubona yarafashije Yozefu gutahura insobanuro y’indoto yari yananiye abantu b’inkerebutsi be n’abaherezi. Yozefu yabwiye Farawo ko indoto ziwe zibiri zifise insobanuro imwe. Kuba Yehova yari yatumye Farawo arota kabiri kose, vyerekana ko cari ikintu “gishimangiwe,” corangutse ata kabuza. Za nka zidoshe na ya mahundo meza vyagereranya imyaka indwi yobayemwo umusesekara mu Misiri. Za nka zonze na ya mahundo  mabi na vyo vyagereranya imyaka indwi y’ikigoyi yokurikiye imyaka y’umusesekara. Ico kigoyi cobaye gikomeye cane ku buryo abantu bibagira na wa musesekara.Itanguriro 41:25-32.

Farawo yaratahuye ko insobanuro Yozefu atanze ari iy’ukuri. None hari gukorwa iki? Yozefu yaratanze iciyumviro. Yabwiye Farawo ngo arondere umugabo “w’ubwenge kandi w’inkerebutsi” yokwegeraniriza mu bigega intete muri iyo myaka indwi y’umusesekara, akazoziha abashonje ca kigoyi giteye. (Itanguriro 41:33-36) Uravye ivyo Yozefu yari azi n’ivyo yari ashoboye, ico gikorwa yari agikwiriye, ariko ntiyishize imbere. Kuba yaricisha bugufi vyatumye atiyumvira kwita imbere, ukwizera kwiwe na kwo gutuma abona ko bidakenewe. Igihe twizera Yehova vy’ukuri, ntitwirirwa turarondera ibibanza canke ngo twishire imbere. Turiha amahoro, ibintu tukabirekera mu maboko yiwe, we ashoboye vyose!

“HARI UWUNDI MUNTU YOBONEKA AMEZE NK’UYU?”

Farawo n’abasuku biwe bose barabonye ko iciyumviro ca Yozefu ari ciza. N’ikindi kandi, uwo mwami yariyemereye ko Imana ya Yozefu ari yo yari yatumye ashobora kuvuga ivyo vyose. Yabwiye abasuku biwe bari ku kirimba ati: “Hari uwundi muntu yoboneka ameze nk’uyu arimwo impwemu y’Imana?” Yaciye abwira Yozefu ati: “Ko Imana yatumye umenya ivyo vyose, nta muntu n’umwe ariho w’ubwenge kandi w’inkerebutsi nkawe. Ni wewe uzogaba inzu yanje, kandi abantu banje bose bazokugamburukira baherezeko. Ku bijanye n’intebe y’ubwami gusa ni ho nzokuruta.”Itanguriro 41:38-41.

Farawo ntiyayaze amasigaracicaro. Yozefu yaciye yambikwa impuzu z’ilino nziza. Farawo yaramuhaye urunigi rw’inzahabu, impeta y’ikidodo, umwe mu mikogote yiwe, amuha n’ububasha bwo kugenzura igihugu cose kugira ashire mu ngiro uwo mugambi. (Itanguriro 41:42-44) Mu kiringo c’umusi umwe gusa, Yozefu yavuye mw’ibohero aja ku kirimba. Yavyutse ari umuntu wo hasi apfunzwe, aryama ari umutegetsi agira kabiri kuri Farawo. Emwe, vyaragaragaye ko Yozefu yari afise imvo zumvikana zo kwizera Yehova Imana! Yehova yarabonye akarenganyo kose umusavyi wiwe yari yarihanganiye iyo myaka yose. Yaramurenganuye mu gihe kibereye no mu buryo bubereye. Yehova ntiyashaka gusa kurenganura Yozefu, ariko kandi yashaka kumukoresha mu kuzigama abo ihanga rya Isirayeli ryokomotseko. Ivyo tuzobibona mu kindi kiganiro nk’iki.

Nimba uriko urashikirwa n’ingorane, kumbure kakaba ari akarenganyo kamaze imyaka n’iyindi, ntiwihebure. Ibuka Yozefu. Kubera ko atigeze areka kugaragaza umutima mwiza, kwicisha bugufi, kwihangana no kwizera Imana, amaherezo vyatumye Imana ironka imvo zo kumuhezagira.

^ par. 4 Raba ibiganiro bivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo” vyasohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2014.

^ par. 10 Abanyamisiri ba kera bafungura ubwoko bw’imikate burenga 90. Uca wumva ko umukuru w’abakora igikorwa co kwotsa imikate kwa Farawo yari umuntu akomeye. Nayo umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami, yatwara umugwi w’abasuku bari bajejwe kuraba neza ko umuvinyu canke inzoga Farawo yanywa vyaba bimeze neza cane. Bategerezwa no kubirinda kugira ngo ntihagire uwubishiramwo ishano, ivyo bikaba vyarashobora gushika narirya hakunda gutegurwa imigambi yo kugirira nabi umwami canke kumwica. Ni co gituma uwuhereza ibinyobwa umwami wasanga kenshi aba umuhanuzi wiwe mwishikira.

Raba n'ibindi

“Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto”

Inkuru y’umuryango Yozefu yakuriyemwo warimwo ingorane, iratanga icigwa gihambaye ku miryango irimwo abana badasangiye abavyeyi canke basangiye umuvyeyi umwe gusa.

“Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”

Yozefu yashoboye gute kwanka kuryamana na muka Potifari naho uno ata ko atagize ngo amuryosharyoshe?

Niwigane ukwizera kwabo

Twokwungukira gute ku kwiga ivyerekeye abagabo n’abagore b’ukwizera gukomeye bavugwa muri Bibiliya?