Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI MYANDAGARO 2014

 ABASOMYI BACU BARABAZA . . .

Ni nde yaremye Imana?

Ni nde yaremye Imana?

Gerageza kwiyumvira sebibondo ariko arayaga n’agahungu kiwe k’imyaka indwi. Akabwira ati: “Kera cane, Imana yararemye isi n’ibiri muri yo vyose, irema izuba, ukwezi n’inyenyeri.” Ako gahungu kariyumvira gatoyi ivyo se akabwiye kagaca kamubaza gati: “None ga da, ni nde yaremye Imana?”

Se yishura ati: “Nta n’umwe yaremye Imana. Imana yamyeho.” Ako gahungu karanyurwa n’iyo nyishu yoroshe se agahaye. Ariko rero, uko uwo mwana akura, aguma yibaza ico kibazo. Biramugora gutahura ukuntu umuntu yoba adafise intango. Nakare, n’ibiriho vyose birafise intango. Aribaza ati: ‘None Imana yo yavuye he?’

None Bibiliya yishura iki? Bibiliya itanga inyishu isa cane n’iyo uwo sebibondo yatanze. Musa yanditse ati: “Ewe Yehova, .  . imbere y’uko imisozi ivuka, imbere y’uko utangura kuvyara isi be n’ubutaka bwimbuka . . . , mbere kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero, uri Imana.” (Zaburi 90:1, 2) Mu buryo busa n’ubwo, umuhanuzi Yesaya yavuze atangara ati: “Mbega nta vyo wamenye, canke nta vyo wumvise? Yehova, wa Muremyi w’impera z’isi, ni Imana gushika igihe kitagira urugero”! (Yesaya 40:28) Ikete rya Yuda na ryo ryerekana ko Imana yamyeho kuva “mu bihe bidahera vyarenganye.”Yuda 25.

Ivyo vyanditswe biratwereka yuko Imana ari “Umwami w’ibihe bidahera” nk’uko intumwa Paulo abivuga. (1 Timoteyo 1:17) Ivyo bisigura yuko Imana yamyeho imyaka yose. Kandi no muri kazoza izokwamaho. (Ivyahishuwe 1:8) Ukwamaho kwa Mushoboravyose ni ikintu rero gihambaye kimuranga.

Kubera iki ico ciyumviro kitugora gutahura? Kuba tubaho igihe gito, bituma tubona umwanya mu buryo butandukanye n’ukuntu Yehova awubona. Kubera ko Imana yamaho ibihe bidahera, kuri yo imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe. (2 Petero 3:8) Tubitangire akarorero: Igihori kimara imisi nka 50 gusa kimaze gukura. Coba none coshobora gutahura ukuntu umuntu ashobora kumara imyaka 70 canke 80? Biragoye! Bibiliya isigura yuko natwe tumeze nk’uduhori itugereranije n’Umuremyi wacu Ahambaye. N’ubushobozi bwacu bwo gutegera ni butoyi cane ubugereranije n’ubwiwe. (Yesaya 40:22; 55:8, 9) Ntibitangaje rero kubona hariho ibintu bimwebimwe vyerekeye Yehova tudategera neza.

Turabona rero ko uguhoraho kw’Imana ari ikintu cumvikana naho gishobora kutugora gutahura. Iyo haba hariho umuntu yaremye Imana, uwo muntu yobaye ari we Muremyi. Ariko rero, nk’uko Bibiliya ibisigura, Yehova ni we “[y]aremye vyose.” (Ivyahishuwe 4:11) Vyongeye, turazi yuko ijuru n’isi vyigeze kuba bitariho. (Itanguriro 1:1, 2) None vyabayeho gute? Kugira bibeho, Umuremyi wavyo yabwirizwa kuba ariho. N’ikindi kandi, yabayeho imbere y’uko Umwana wiwe w’ikinege, abamarayika n’ibindi biremwa bifise ubwenge bibaho. (Yobu 38:4, 7; Abakolosayi 1:15) Birumvikana rero ko mu ntango ari we wenyene yariho. Ntiyaremwe kuko ata kintu cariho cari gushobora kumurema.

Kuba turiho no kubona ijuru n’isi biriho, birerekana yuko hariho Imana ihoraho. Uwashizeho isi n’ikirere amahero, akabishiriraho n’amategeko, ategerezwa kuba yaramyeho. Nta wundi atari Imana yari gushobora guha ubuzima ibiriho vyose.Yobu 33:4.

Raba n'ibindi

Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?

Woba wibaza ko Imana ikubabaye ku giti cawe? Niwige ibijanye na kamere zayo be n’ukuntu ushobora kuyiyegereza.

‘Yehova Afise Ububasha Bwinshi’

Ububasha bw’Imana bwoba bukwiye gutuma tuyitinya? Umuntu yishuye ego canke oya ntiyoba yihenze.