Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI MYANDAGARO 2014

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA YOBA IKWITWARARIKA?

Imana iguhozako ijisho

Imana iguhozako ijisho

“Amaso [y’Imana] ari ku nzira z’umuntu, kandi intambuko ziwe zose [i]razibona.”YOBU 34:21.

Uko umwana aba muto ni ko akenera cane ko umuvyeyi wiwe amwitaho

IGITUMA BAMWEBAMWE BAKEKERANYA: Abahinga baheruka kwerekana ko ikigwi c’inyenyeri isi yacu irimwo gishobora kuba kirimwo imibumbe n’imiburiburi imiliyaridi ijana. Abantu benshi baravye ingene ikirere ari amahero, baribaza bati: ‘Kubera iki Umuremyi mushoboravyose yokwitegereza ivyo abantu-buntu baba ku mubumbe mutoyi cane bakora?’

ICO IJAMBO RY’IMANA RYIGISHA: Imana ntiyapfuye kuduha Bibiliya ngo ice ireka kutwitwararika. Ahubwo, Yehova adusubiriza umutima mu nda ati: “Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe.”Zaburi 32:8.

Iyumvire ibijanye na Hagari Umunyamisirikazi yabayeho mu kinjana ca 20 Imbere ya Kristu. Hagari yarasuzuguye inabuja wiwe Sarayi, bituma inabuja amucisha bugufi, maze Hagari ahungira mu gahinga. Imana yoba yararetse kwitwararika Hagari kubera iryo kosa? Bibiliya ivuga yuko “umumarayika wa Yehova [yasanze]” Hagari aho yari. Uwo mumarayika yaramusubirije umutima mu nda ati: “Yehova yumvise amarushwa yawe.” Maze Hagari na we abwira Yehova ati: “Uri Imana ibona.”Itanguriro 16:4-13.

Iyo “Mana ibona” na wewe iraguhozako ijisho. Tubitangire akarorero: Inabibondo yuzuye urukundo usanga abana biwe abahozako ijisho, canecane ababa bakiri bato, kubera ko uko umwana aba muto ari ko akenera cane ko umuvyeyi wiwe amwitaho. Mu buryo busa n’ubwo, Imana iraduhozako ijisho canecane igihe turi abantu baciye bugufi canke batagira gitabara. Yehova avuga ati: “Ahakirurutse n’aheranda ni ho mba, kumwe kandi n’uwajanjaguwe, w’impwemu iciye bugufi, ngo ngarurire agatege impwemu y’abaciye bugufi, ngarurire agatege umutima w’abajanjagurwa.”Yesaya 57:15.

Ariko rero, ushobora kwibaza uti: ‘Ni igiki Imana iraba igihe inyitegereza? Yoba iraba ukuntu mboneka inyuma, canke yoba iraba n’ibidashoka vyibonekeza ikantahura vy’ukuri?’